Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa avuga ko ijambo ryiwe ku 'bagome' ritari ryerekeye Trump
- Umwanditsi, Maia Davies
- Igihe co gusoma: iminota 3
Papa Leon avuga ko atariko arondera impari na Donald Trump igihe yanegura "abagome" bamarira amamiriyaridi mu ntambara, hari mu ntango z'ino ndwi.
Papa avuga ko ayo majambo yashikirije inyuma y'ugucanamwo na Trump, yari yaranditswe indwi zibiri imbere y'aho – "igihe kinini imbere y'uko anamvugako".
"Ariko uko vyagenze, vyabonetse nk'aho noba nariko nshaka guterana amajambo n'umukuru w'igihugu, ibi na vyo bikaba atari mu nyungu zanje na gato," niko yabwiye abanyamakuru ari mu ndege agomba aje muri Angola ejo ku wa gatandatu.
Ku wa mbere, Trump yatanguje ibitero bikomeye kuri uno mupapa wa mbere w'Umunyamerika, asanzwe anegura ibikorwa vya gisirikare vya Amerika na Israel muri Irani – avuga ko ari "akaga kuri poritike mpuzamakungu".
Mu rugendo arimwo muri Afrika, Papa avuga ko havutse "imvugo kanaka itari yo", yerekana "ibibazo vya politike vyaturutse" ku majambo ya Trump.
Mu kwishura kuri aya majambo mashasha ya Papa, icegera c'umukuru w'igihugu ca Amerika JD Vance, yinjiye muri Katolika akuze, yavuze ko akengurukira "Paka kubona yavuze uko".
Vance yongeyeko ati: "Naho ibivugwa mu binyamakuru biguma bikokeza indyane - kandi koko, hariho ukutumvikana kwabaye kandi kuzobaho – ukuri kenshi kuragoye cane".
Mu ntango z'ino ndwi – imbere y'ijambo rya Papa ku "bagome" - Vance yari yasavye Vaticano "kwitaho cane ibibazo vy'inyifato runtu".
Mw'ijambo yashikirije muri Cameroun ku wa kane, Papa yaraneguye abategetsi "bigira nk'abatabona ku kibazo c'uko amamiriyaridi y'amadorari ariko arakoreshwa mu bwicanyi no gusambura, mu gihe uburyo bukenewe mu buvuzi, mu mashure no gusanura ata na hamwe umuntu yobusanga".
Yavuze ati: "Abakora intambara bigira ko batazi ko bifata akanya inzatsa mu gusambura, ariko ko n'igihe co kubaho kidakwiye mu gusanura".
Papa kandi yariyamirije "ibikorwa vy'uguhungabanya umutekano n'ubwicanyi" mu karere ka Cameroun "gasesekamwo amaraso" kamaze imyaka hafi cumi karangwamwo imigumuko.
Aya majambo bamwe bayafashe ko yoba yariko avuga Trump, uyu na we mu nyuma akaba yahavuye avuga ati: "Papa arashobora kuvuga ivyo ashaka, kandi nshaka ko avuga ivyo ashaka, ariko nshobora kutavyemera".
Yari yaramaze gusohora ubutumwa bwiwe burebure bwo kunegura iyi ndongozi ya Ekleziya Katolika inyuma y'uko Papa avugiye ko atewe impungenge n'amajambo y'uko "igihugu cose cari kurimbuka" ari nka hamwe Irani yari kwanka ibisabwa na Amerika kugira ngo intambara ihagarare kandi ikugurura Umuhora wa Hormuz.
Trump yavuze ko atari "umufana akomeye" wa Papa, aca amwita "UMUNYANTEGE NKE ku bugizi bwa nabi, n'akaga kuri Poritike Mpuzamakungu".
Trump yaciye kandi asohora isanamu yiwe yakozwe n'ubuhinga bw'ubwenge bw'ubukorano imwerekana nka Yezu, ariko mu nyuma akaza kuyifuta.
Muri uru rugendo ku mugabane wa Afrika, iyi ndongozi ya Ekleziya Katolika izoca mu bisagara 11 mu bihugu bine. Ni urugendo rugize kabiri rukomeye kuva atorewe aya mabanga mu mwaka uheze, rukerekana ikibanza Katolika ifise muri Afrika.
Abarenga ica gatanu c'abakatolika kw'isi yose - ni ukuvuga abantu bababa imiriyoni 288 – bari muri Afrika, nk'uko ibiharuro vyo mu 2024 bivyerekana.