Ingabo za Somalia zishe abakomanda ba al-Shabab

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta ya Somalia ivuga ko yishe abagwanyi b'umuhari witwaza idini rya Islam, al-Shabab barenga 130 - Harimwo n'abakomanda babo.
Ivuga ko cari igitero ca gisirikare gihuriyemwo ingabo mvamakungu harimwo n'iza Amerika.
Uwo muhari uherutse gutakaza uturere tumwe tumwe bivuye ku bitero vyakozwe n'ingabo zifashe mu mugongo reta.
Ntibikunda guhinyuza ata ho wegamiye ido n'ido ry'uko ico gitero cagenze, ariko reta ya Somalia igisigura nk'icagize ingaruka ikomeye kuri al-Shabab.
Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yavuze ko abagwanyi 136 biciwe mu gitero cakozwe na reta n'abayifasha.
Mu misi itatu iheze, Amerika yavuze ko abasirikare bayo badasanzwe bishe umukuru w'abagwanyi mu gitero bagize mu buraruko bw'ico gihugu.
Mu myaka itari mike iheze, Bilal al-Sudani yariyonkoye ku muhari al-Qaeda ufitaniye ubucuti na al-Shabab, agira n'uruhara rukomeye mu gufasha mw'ikwirakwira ry'umugwi wa Islamic State mu tundi duce tw'umugabane wa Afrika - harimwo Mozambike n'ubuseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.






