Somalia: Ingabo za Amerika zishe umukuru wa IS aho yari yinyegeje mw’isenga

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na Cecilia Macaulay
BBC News
Ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishe umukuru w’umurwi wiyitirira Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/Islamic State, IS), Bilal al-Sudani, hamwe na cumi mu barwanyi biwe mu buraruko bwa Somalia, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.
Yishwe igihe ingabo zidasanzwe za Amerika zakora igitero mu kigo c’isenga ry’ibuye kiri mu misozi ya kure barondera ko bomufata mpiri.
Umunyamabanga wa Reta wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Lloyd Austin , avuga ati: "Al-Sudani ni we yari ajejwe gutsimbataza IS igenda yiyagurira akarere muri Afrika”.
Yavugwa kandi ko yaterera ibikorwa vy’uyu murwi w’iterabwoba ku rwego rw’isi yose, nk’uko Austin abivuga.
Abahinga bavuga ko, kubona ingabo za Amerika zararungitswe kw’itegeko rya Perezida Joe Biden kwica canke gufata mpiri Sudani, hagukoresha za ndege zitagira abadereva, vyerekana ko uyu muntu atari asanzwe.
Amakuru arambuye kuri iki gitero ntarasohoka, ariko gusa abasirikare batwawe na kajugujugu nk’uko vyandikwa na New York Times, Sudani akaba yishwe inyuma y’irasana ryakurikiye.
Iki gitero kibaye inyuma y’aho Perezida Biden asubiriye kurungika ingabo za Amerika ziharurwa mu majana muri ico gihugu, inyuma y’aho uwo yasubiriye, Donald Trump, azikuriyeyo. Hagati aho, izi ngabo zivugwa ko ziriyo gusa mu ntumbero yo kwigisha abasirikare ba Somalia, ko atari abo kurwana.
Muri ino myaka ya vuba, umurwi wiyitirira Reta ya ki-Islam uvugwa ko waguriye ibikorwa vyawo mu bihugu bitari bike vya Afrika, harimwo Mozambique na Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo.
Gusa, Etat Islamique ni umurwi mutoya muri Somalia, aho al-Shabaab ifitaniye ubucuti na al-Qaeda yiganje, ikaba ugenzura uturere tutari duke two mu bumanuko bwa Somalia.
Imbere y’uko yinjira muri Etat Islamique, Sudani avugwa ko yakoreye al-Shabaab, aho yafasha mu kwigisha abarwanyi. Ariko mu nyuma yahavuye yiyonkora kuri uyo murwi, ari kumwe n’abandi, kugira ngo ashinge umurwi wegamiye Etat Islamique hagati mu myaka ya 2010, nk’uko bivugwa n’umushakashatsi mu bijanye n’ummtekano Dino Mahtani.
Sudani yagiye kuba “umuntu adasanzwe igihe umurwi wiwe wa Etat Islamique ugeragereje kwubaka umuyoboro mpuzabihugu muri Afrika yo hagati na Afrika y’Ubuseruko ubu ukaba ufise amashami muri Mozambique," nk’uko Mahtani yabibwiye ikiganiro ca BBC Focus on Africa.
Umurwi wiwe ni "karuhariwe mu kwinjiza ibirwanisho mu buryo bwa magendo mu karere k’uburaruko bwa Somalia” kandi akaba afise n’incuti muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, nk’uko Mahtani abandanya abivuga, rero ibi bikaba vyatumye aronderwa cane kugira afatwe canke yicwe.
Igitero kuri Sudani kivugwa ko cafashe amezi n’amezi gitegurwa.
Urubuga ngurukanabumenyi rw’iradiyo Ijwi rya Amerika rwandika ko Somalia yahimbawe cane n’iyicwa rya Sudani.
Hussein Sheikh Ali , umuhanuzi wa reta ya Somalia mu vyo umutekano, avuga ati: "Ni ikintu ciza kandi co kwishimira”.
Ashimangira ko Etat Islamique itari ikibazo kinini kuri Somalia nk’uko al-Shabaab imeze, ariko ko Sudani yari “ateye isibe”.
Abandanya avuga ati: "Ubutumwa ni uko abarongoye imirwi yose y’iterabwoba ata gahengwe bafise muri Somalia”.
Reta ya ki-Islam muri Somalia ni umwe mu mashami mato cane y’uyu murwi – ukaba wigamvye ko wakoze ibitero 32 mu 2022, vyinshi bikaba vyakozwe ku mugwa mukuru Mogadishu.
Icegeranyo kimwe ca ONU mu mwaka uheze cavuze ko abarwanyi ba Etat Islamique muri Somalia bari hagati ya 200 na 280, kandi ko iki gihugu gikoreshwa nk’ikirindiro gikomeye co kwegeranya uburyo bw’ibikorwa vya Etat Islamique muri Iraq no mu karere ka Levant [kagizwe n’ibihugu vya Libani, Syria, Iraq, Palestina na Jordanie], ariko ibi ntibirashobora guhinyuzwa na BBC.
Igitero co kwica Sudani kije mu kiringo kidashika indwi inyuma y’aho Amerika itangarije ko igitero ca drone cishe inyeshamba 30 za al-Shabab.
Kuva mu mezi make aheze, ingabo za Somalia ziriko ziratera intambwe zikomeye mu kurwanya al-Shabab.










