Igisirikare ca Israel mw'itohoza ku musirikare yakoze ibitabereye ku gishusho ca Bikira Maria muri Liban

    • Umwanditsi, David Gritten
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Igisirikare ca Israel kivuga ko kiriko kirakora amatohoza ku musirikare waco yafashwe ifoto ariko aranywa itabi, hanyuma ashira irindi sigara ku munwa w'igishusho ca Bikira Maria mu karere cigaruriye mu bumanuko bwa Libani.

Iyi foto yafatiwe mu kigwati c'abakristu ca Debel, ari na ho uwundi musirikare yafotowe ariko akubita igishusho ca Yezu mu maso ku musaraba akoresheje inyundo.

Igisirikare cavuze ko gifata iki kintu "mu buryo bukomeye cane", kandi ko inyifato y'uno musirikare "itandukanye rwose n'indangagaciro zitezwe ku basirikare baco".

Umukuru w'isengero rya Debel, Padiri Fadi Felfeli, yabwiye BBC ati: "Mu vy'ukuri, iki kibazo caradukomerekeje ku mutima, na cane cane inyuma y'imbabazi ku bijanye n'uwo musaraba.

"Birerekana kandi ko hari abantu bamwe mu gisirikare ca [Israel] badafise inyifato runtu n'indangagaciro, kandi bagengwa n'inzigo. Ivyo vyerekana ukutihanganiranira gukomeye mu vy'ukwemera".

Padiri Felfeli yaremeje ko iki gishusho ca Bikira Maria ata na kimwe cabaye, ariko ko ivyabaye ari "ukutagira indero runtu".

Ati:"Birerekana ubutagondwa n'ukutihanganiranira bitari bikwiye kubaho, cane cane mu kigwati cubahiriza amahoro n'ukutegamira na hamwe, kandi ata ruhara gifise muri iyi ntambara".

Uwuserukira Ekleziya Katolika mu Gihugu Ceranda yaraneguye iki gikorwa avuga ko ari "inyifato itabereye kandi iteye isoni".

Uno Custodia Terrae Sanctae yabwiye ikinyamakuru Haaretz co muri Israel ati: "Turasaba reta ya Israel na IDF [igisirikare za Israel] kugira ico bakoze kandi batange ubutumwa busobanutse ko iyi nyifato idashobora kwihanganirwa, ko idategerezwa gusubira kuba, kandi ko ico kibazo gikwiye gufatwa n'uburemere bukwiye".

Umuvugizi wa IDF, Liyetena-Koroneli Nadav Shoshani, avuga ko haciye amayinga atari make iyi foto ifashwe kandi ko uno musirikare azofatirwa ingingo hakurikijwe ibizova mu matohoza.

Yongeyeko ati: "IDF irubahiriza ubwigenge mu vy'amadini n'ukwemera, co kimwe n'ibibanza vyeranda be n'ibimenyetso vy'amadini yose n'imiryango yose".

Uyu musirikare yakubise igishusho ca Yezu n'uwamufotoye baciriwe umunyororo w'imisi 30 mw'ibohero rya gisirikare, inyuma y'uko isi yose yiyamirije ivyo bikorwa.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare ba Israel barabandanya bagenzura akarere katari gato k'ubumanuko bwa Libani, inyuma y'uko amasezerano yo guhagarika intambara yahagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hagati ya Israel na Libani atanguye kuja mu ngiro ku wa 16 Ndamukiza (4).

Hagati aho, aya masezerano ntarashobora guhagarika intambara iri hagati ya Israel n'umurwi w'abarwanyi b'aba-Shia wa Hezbollah, aho impande zompi zagirizanya kuyahonyanga.

Nibura abantu 2.715 baramaze kwicwa muri Libani kuva intambara itanguye, hari ku wa 2 Ntwarante (3), nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ico gihugu.

Ku ruhande rwa Israel, abategetsi bavuga ko abasirikare 17 n'umunyagihugu umwe bamaze kwicwa mu bumanuko bwa Libani, hamwe n'abandi babiri mu buraruko bwa Israel.