Umunezero n'agahinda ko gutwarira inda umuntu rurangiranwa

Ahavuye isanamu, ELIZABETH NICHOLS
Megha Mohan
Umunyamakuru wa BBC ku irangamimerere
Muri iyi ndwi, Paris Hilton yagiye ku rutonde ruguma rwiyongera rwa ba rurangiranwa, yavuze ku mugaragaro ko afise umwana yibungenzwe n'umwe mu bagore babihemberwa.
Ni gake twumva inkuru zo ku ruhande rw'abatwarira inda abandi, ariko nk'uko Shanna St Clair abisigura, bishobora kuba vyiza canke bikaba bibi.
Amazina ya ba rurangiranwa yagiye arahindurwa mu ntumbero yo kunyegeza abo ari bo.
Telefone ya Shanna yarahamagaye. Yari Catherine.
Nk'uko Shanna avyibuka, ataranamuramutsa, Catherine yagize ati: "Umviriza, nashaka kukubwira imbere y'uko ubibona mu makuru. Hari uwundi mugore nari nahaye akazi ko kuntwarira inda none yavyaye".
Shanna yaciye yicara hasi kugira abanze atekane. Ng'uwo n'inda imaze indwi nke gusa y'umwana wa Catherine. Ubu Catherine amaze kuronka uwundi mwana.
Ubwo bwari bubaye ubwa mbere yumvise ko atari we wenyene atwariye imbanyi Catherine. Ibi bisigura iki? Catherine yoba acipfuza umwana Shanna atwaye imbanyi?
Shanna yashoboye kumwishura gusa ati: "Nari gushima ko ubimbarira mbere. Turashobora kuvugana inyuma yo kuva kwipimisha ejo?"
Catherine yaremeye aca aca telefone.
Inyuma y'amasaha make, Shanna yarandikiye ubutumwa Catherine kuri telefone.
"Nabaye nk'uwutangajwe cane n'ivyo umbwiye, ariko ndakunezererewe cane. Nezererwa n'umwana wawe. Tuvugane inyuma yo kurangiza ibipimo."
Catherine ntiyishuye. No ku musi ukurikira ntiyahamagaye.
Ivyo gutwarira imbanyi abandi vyaje muri Shanna ari mu gihugu hagati mu ntara ya Pennsylvania muri Amerika, abibonye mu nkuru yari mu kinyamakuru c'abagore. Ariko aranywa inzoga mu gihe abana biwe bariko barakina hanze y'inzu, vyaramunyuze.
Iyo nkuru yemerera gutwara inda mu kibanza c'uwundi, ikavuga ko ari nk'akaganuke ku bavyeyi bibana, ku bubakanye batavyara hamwe no kubahuza ibitsina babisangiye, n'aho umuntu yobikora kugira aronke amahera.
Iyo nkuru nta co yavuga ku gihengeri c'ubushobozi n'ubutunzi kiri hagati y'abavyeyi n'uwemeye kubatwarira imbanyi - n'ingorane ivyo bishobora gutera.
Kuri Shanna yari ahejeje gushikana imyaka 30, amaze gutwara inda zitatu bitamugoye, aca yumva ako kazi yogakora.
Kugira binjire mw'ishirahamwe ry'abashaka gutwarira inda abandi, Shanna n'umugabo wiwe babanje kwishura ku bibazo vyinshi.
Baragenzuwe neza n'abavura ingwara zo mu mutwe hamwe n'abaganga, hanyuma baragirana n'abashingwamanza inama "zirenga mirongo ibiri" nk'uko Shanna abisigura.
Inyuma y'indwi zike, yaciye ahamagarwa na telefone. Abubakanye babiri rurangiranwa, Jennifer na Mark, barasomye imyirondoro yiwe bakaba bashaka ko bahurira i New York.
Shanna yaciye abiyumvamwo ubwo nyene.
Yagize ati:"Bari abantu beza. Baragize utwigoro two gutahura ubuzima bwanje, kumenya abana banje."
Amahera Shanna yahembwa harimwo ayo kuja mu nderabana [kwa muganga], amahoteli, igitoro, imfungurwa n'amahera yose yatakaje yahora akura mu kazi kiwe ka misi yose ko gusuka imishatsi igihe yari yibungenze. Mu myaka itatu, yahawe amadolari 50.000.
Vyasavye kugerageza kenshi kugira atware inda. Igihe yavyara, Jennifer na Mark baramufashe amaboko buzuye amarira, bamushimira ku mwana abavyariye.
Hanyuma, aho Jennifer yahamagara hashize amezi atari make kugira amubaze ko yomuhuza na Catherine, Shanna yaciye yemera.
Catherine avuka mu muryango uzwi cane, akaba yari amaze igihe agerageza kuronka umwana, ubwiwe canke akoresheje abashobora kumutwarira imbanyi bakabihemberwa.
Shanna agira ati: "Nsubije amaso inyuma, hariho ikintu kitagenda neza igihe twayaga incuro ya mbere."
Catherine yansavye ko twokwirengagiza kurinda guca mw'ishirahamwe kugira ntidusesagure amahera, ahubwo ko twobicisha ku bashingwamanza bacu mu gushira umukono ku masezerano, nk'uko Shanna avyibuka.
Shanna yaremeye aragerageza incuro zitatu.
Igihe we n'umugabo wiwe baja kwa muganga ngo bashire irigi mu gitereko ciwe incuro ya mbere, Catherine yari ngaho arindiriye yambaye neza. Hari hashushe ariko yari yambaye ikoti nini yari ihishije umubiri wiwe nka wose.
Shanna yaragiye kumugwa mu nda ariko Catherine amwigiza inyuma. Ntiyashaka uwumugwa mu nda.
Mw'ibanga ryinshi, Shanna yariyumviriye ati:"Ibi nta ho bisa bisaniye na Jennifer hamwe na Mark."
Catherine yabwiye Shanna ko ahaguma gushika bateye irigi ariko ko ategerezwa guca agenda, nk'uko Shanna abandanya abivuga. Umushoferi wiwe ni we yaciye abatahana kw'ihoteli.
Ubwa mbere ntivyakunze ko atwara inda. Buca bamutera irindi rigi ubwa kabiri, Catherine yaratumiye Shanna n'umugabo wiwe gufungura, aho yabateye inkuru ku vyerekeye indege z'abantu ku giti cabo no kubaka amazu. Shanna ntiyiyumva neza igihe yariko arakurikirana izo nkuru yicaye mu nzu y'uburiro nziza cane.
Shanna avuga ko ku musi ukurikira, kwa muganga, Catherine yari afise agacupa karimwo ibinini. Yavuze ko nkeka ubwa mbere vyanse kubera Shanna yari afise umutima uhagaze.
Yaciye aha Shanna ikinini ca valium.
Shanna aca aramwishura ati:"Oya, urakoze."
Ariko Catherine ntiyaciye areka.
Shanna agira ati: "Yabandanije avuga, 'Ufise iyihe ngorane Shanna? ikinini kimwe nta co kigutwara', nabonye ko ntobandanya mparira."
Shanna yaciye ashira ikinini mu kanwa, kugira ngo aze kugicira igihe Catherine atazoba ariko aramubona.
N'ico gihe Shanna vyaranse ko atwara imbanyi. Bari basigaje kugerageza rindi rimwe.

Ahavuye isanamu, ELIZABETH NICHOLS
Ico gihe kandi, aho bahurira kwa muganga, Catherine yaguma kuri telefone bavugana na nyina wiwe, baharira ku kungene imwe mu nzu zabo yosharizwa. Ni nk'uko atigeze avugisha Shanna.
Inyuma y'imisi cumi, haciye haboneka inkuru nziza. Urugero rw'inkabuzo zo mu bwoko bwa HCG - zikorwa n'igitereko - zerekanye ko yatwaye imbanyi.
Shanna yagize ati: "Narahimbawe."
Catherine ku rundi ruhande yavuze ko atacotuma aryoherwa kubera incuro za mbere zose inda zagiye zivamwo.
Shanna yagize ati: "Urantunga sinari nzi ko ivyo vyashitse."
Shanna yibuka Catherine amwishura ati: "Ryabaye ikosa ryanje."
Uwari amutwariye imbanyi yarindiriye indege amasaha 12 ashaka kuja kuraba se wiwe atari ameze neza, nk'uko Catherine abivuga.
Shanna avuga ko yatangajwe n'ibindi Catherine yaciye avuga: "Namubwiye ko atofata urugendo ariko arabikora, hanyuma iyumvire ivyaciye bishika! Umwana yaciye apfa."
Uko gutwarira inda abandi vyifashe kw'isi
- Ibihugu vya Ukraine, Colombia, Mexique n'Uburusiya birarekura urudandaza rwo gutwarira inda uwundi, ariko gutwarira inda uwundi muri Cambodge, Ubuhindi, Mexique, Nepal na Thailande ntibirekuwe ku wutaba muri ivyo bihugu
- Mu Bwongereza, urudandaza rwo gutwarira inda uwundi ntirurekuwe, ku buryo kimwe ca gatatu badashobora kwungukira mu guhuza abantu, ariko ntibibujijwe ko uwutwariye inda abandi arihwa amahera akoresha- igitigiri c'abavuka ku batwarira abandi inda mu Bwongereza cariyongereye hafi incuro zine hagati ya 2011 na 2020
- Amategeko ya Amerika agenda arahinduka intara ku yindi - Intara ya Pennsylvania, aho Shanna St. Clair aba, iremera ubwumvikane bwo gutwarira imbanyi uwundi uwubihembegwa canke udahembwa, kandi iremera ko utwarira inda uwundi ka bugenzi.
- Abaharanira agateka k'abapfasoni nka Gloria Steinem na Julie Bindel bavuga ko urudandaza rwo gutwarira inda abandi bituma abo bagore kenshi bava ahantu hakenye, bemera kuba abaja.
Inyuma y'aho gato, Catherine yarahamagaye Shanna kugira amumenyeshe inkuru itaryoshe, ko hari uwundi mugore yari yamutwariye inda yibarutse. Aca aja mu gacerere.
Shanna yabandanje aja kwipimisha uko bisanzwe, atwara imodoka isaha yose buri gihe agiye kwa muganga, atazi nimba Catherine agishaka umwana wiwe.
Hanyuma inyuma y'indwi zine, yabwiwe ko urugero rw'inkabuzo ziwe ari ruto cane. Inda ica irakoroka.
Shanna yarahamagaye Catherine, ntiyitaba, aca amwandikira ubutumwa bumumenyesha iyo nkuru mbi.
Inyuma y'amasaha atari make, Catherine yarishuye, "Ndaguhamagara mu kanya"
Inyuma y'imisi itari mike, atarigera amuhamagara, Shanna yarasubiriye kumurungikira ubutumwa bwanditse.
"Ndakuramukije, ndizeye ko wewe n'umwana mumeze neza. Mubona nobarungikira fagitire y'amahera asigaye kurihwa?"
Catherine yishuye telefone yaciye ivuga.
Shanna aribuka uko yamwishuye: "Shanna, ubucuti twari dufitaniye bwaraheze. Sinanezerejwe n'ingene waciye umera nk'uwukanye igihe umwana wanje yavuka. Rungika izo fagitire."
Shanna na Catherine ntibakivugana.
Hanyuma, inyuma y'amezi atari make, nyina wa Shanna yaramuhamagaye amubwira ko Catherine ariko aravuga ku mboneshakure.
Yamubwiye ati:"Ubu tuvugana ariko arakuvuga nabi cane."
Catherine yariko aravuga ibintu bibi ku bagore batwarira inda abandi, harimwo n'abakoroye imbanyi batwaye hakoreshejwe amagi. Inyuma y'ibintu vyose yaciyemwo, ivyo vyari bije gusongera isibe. Shanna yaciye aturikisha ararira.
Aria Simuel arongoye ikigo Modernly, ikigo co mu rwego rwo hejuru c'i California cakira abashaka ababatwarira imbanyi agira ati:
"Abantu rurangiranwa/ivyamamare bashobora kuba batanguye kuvuga ku mugaragaro ivyerekeye gutwarira imbanyi umuntu ubu, ariko bimaze imyaka myinshi."
We n'uwo basangiye urwo rudandaza ubwabo baratwariye inda abandi, urumva barazi ingorane zibamwo.
Yagize ati: "Iyo umuntu rurangiranwa aje bari kumwe n'abagwizatunga, abafasha babo, umukuru ajejwe umutekano, ivyo bishobora gutera ubwoba uwukora akazi ko gutwarira inda abandi."
Aria avuga ko ibigo vyiza bitegerezwa gufasha muri ubwo bucuti, bakaraba ko uwo yemeye gutwara imbanyi atekanye kandi bakamuvuganira iyo bikenewe, co kimwe no kwihweza kahise kiwe hamwe n'uko ata ngorane afise mu mutwe.
Yongerako ko hari n'igihe usanga n'abatwara inda z'abandi na bo nyene barenze akarimbi, mu kuvuga abavyeyi b'amaraso b'uwo mwana ku mboneshakure, canke mu kubasaba ko bokwemerera bavyara babo bashaka gutanga amahera mu kubandikako filime/ireresi.
Aria avuga ko amasezerano ategerezwa kuba yerekana neza "ko ivyo bitarimwo".
Inyuma y'amezi ane agiranye ikibazo na Catherine, ikigo Shanna yari yandikishijemwo caramubajije nimba ashobora kwemera guhura n'uwundi muryango ushaka uwubatwarira imbanyi. Amaze guhura na bo, akanabakunda, yaremeye gusubira kubikora ubwa nyuma.
Aho ho yaciye avyara amahasa.
Shanna agira ati: "Nibaza ko nari nkeneye ikintu ciza gusumba kugira kinyibagize amakuba naciyemwo kubera Catherine."
"Natwariye imbanyi abantu babiri bigenda neza, na rimwe ryambereye ikibazo ntibagirwa."
Ubu Shanna afise ahantu abantu basokorezamwo imishatsi mu gisagara.
Igihe icuma cumisha imishatsi kiba kiriko kirahinda, abakiriya biwe baguma bamubwira inkuru zerekeye aho baba hamwe na barurangiranwa, mbere rimwe na rimwe ibiganiro vyabo bigashika ku ruvyaro n'imiryango.
Shanna agira ati: "Buri ndwi ndavugana n'abantu bariko baragerageza kuronka abana, abaherutse kwibaruka, abapfishije abana, abadashobora kuronka abana, abavuga ko batigeze bashaka abana, abashaka kugerageza inzira yose yo kuronka abana."
"Gutwarira imbanyi abandi si ivya bose. Ariko ku giti c'umuntu, mu gihe abantu bose babifisemwo uruhara babinezererewe kandi bigenga, ntidukwiye kunebagura ico bahisemwo."
Amazina y'abavyeyi b'amaraso yose yarahinduwe.










