DR Congo: Umunya-Kenya yahagaritswe inyuma y'itero ku rusengero

Abasirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umuntu w'ubwenegihugu bwa Kenya yahagaritswe yagirizwa uruhara mu gitero c’igisasu ejo ku wa Mungu mw’isengero ry’i Kasindi mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Umuvugizi wa gisirikare mu ntara ya Kivu ya Ruguru, Kapiteni Anthony Mualushayi avuga ko uyo munyagihugu wa Kenya yafatiwe mu gisagara ca Kasindi, kiri ku rubibe na Uganda, amasaha makeya inyuma y’ico gitero.

Kapiteni Mualushayi ati: “Inyuma y’amatohoza yakozwe ahabereye ico gitero, inzego zijejwe umutekano zarashoboye guhagarika umunya-Kenya afise uruhara muri iryo bara”.

Mu gihe avuga ko ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko abantu cumi ari bo bahasize ubuzima, hari ayandi amakuru avuga ko abantu nibura 17 ari bo bamaze kumenyekana ko bapfuye, abandi nabo barenga 30 barakomereka.

Mw'itangazo yashikirije inyuma y'ico gitero, Kapiteni Mualushayi yavuze ko imbere y’imisi mikuru iheza umwaka bari bagabishije abanyagihugu ko bokwirinda ibibanza bikoraniramwo abantu benshi kubera bari bafise ivyemezo ko hari ibitero vy'iterabwoba vyariko birategurwa.

Kapiteni Mualushayi ati: “Ibintu biratomoye, mu vy’ukuri ni igitero c’iterabwoba cakozwe n’umurwi w’iterabwoba wa ADF mu kwihora kubera uherutse gutakaza bikomeye mu ntambara n’ingabo za Congo.

“Twarafashe ingingo zo gucungera umutekano kugira ngo tuzibire ariko ku gihamana kibi uno musi ADF yateye igisasu mu rusengero, tukaba twahatakarije abantu bacu”.

“Ingabo zacu zihamagarira abanyagihugu ko bomenya ko duhanganye n’umuhari w’iterabwoba, dusaba ituze no gutahura ko naho yoba ari umuntu umwe rudende akora iterabwoba kaba ari akaga”.

Perezida Felix Tshisekedi ariyamiriza iki gitero akiyemeza ko azotegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ababikoze babibazwe imbere y'ubucamanza.

Umuhari w’inyeshamba wa ADF urabandanya uhungabanya umutekano w’abanyagihugu mu buseruko bwa Congo.

Ishami Central African Province ( twogereranya mu Kirundi na Intara ya Afrika yo hagati, ISCAP) ryegamiye umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya ki-Islam, uyu ukaba ukorana na ADF, niryo ryigamvye iki gitero.

Kuva muri Munyonyo (11) 2021, ingabo za Congo n’iza Uganda zirafatanya mu kugaba ibitero ku nyeshamba za ADF zagirizwa gutera abasivire cane cane mu buseruko bwa Congo no muri Uganda.

Kasindi