Steven Kabuye aharanira uburenganzira bw’abatinganyi yasogoswe imbugita i Kampala

Abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu bavuga ko Steven Kabuye ariko avurwa ibikomere

Ahavuye isanamu, Coloured Voice - Truth to LGBTQ/X

Insiguro y'isanamu, Abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu bavuga ko Steven Kabuye ariko avurwa ibikomere

Umuganda Steven Kabuye azwi cane mu guharanira uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye, bazwi nk’abatinganyi canke LGBTQ, muri ico gihugu yaracumiswe arakomereka cane n’abantu batamenyekanye mu gihe yari mu nzira atera aja ku kazi mu gitondo c’ejo ku wa gatatu, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ryiwe.

Coloured Voice -Truth to LGBTQ ryacishije ubutumwa ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter) rivuga riti: "Amerewe nabi cane, dusavye ko mwomugumiza ku mutima mu masengesho yanyu”.

Videwo yacishijwe kuri konte ya Kabuye imwerekana yigoyonzora ababaye cane, n’imbugita mu nda n’ikiboneka nk’igikomere ku kuboko.

Frank Mugisha aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko "ivyaha vy’urwanko ata kibanza bifise muri Uganda ".

Muri ubu butumwa yacishije kuri X, yavuze ati: "Dusaba igipolisi gukora amatohoza yimbitse”.

Igipolisi ntaco kirashikiriza.

Mu mwaka uheze, Uganda yaremeje rimwe mu mategeko ruhasha kw’isi atuza ubutinganyi.

Iri tegeko ryateje uburakari mu mpande zitandukanye z’isi, aho Ibanki y’isi yose yaciye inahagarika ingurane nshasha yari igenewe Uganda, Reta Zunze Ubumwe za Amerika nazo zigaca zihagarika amaviza (visas) y’abagegetsi bakuru.

Muri iri tegeko, umuntu uwo ari we wese afashwe ari mu bikorwa vy’ubutinganyi ashobora guhabwa umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu asaba sentare yubahiriza ibwirizwashingiro gufuta iri tegeko, avuga ko rikengereza kandi ko ryambura agashambara umuntu.

Reta yoyo irarwanira iri tegeko, ivuga ko rikingira imico kama y’umuryango.

Icegeranyo c’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu kivuga ko ivyaha vy’ihohotera birenga 300 vyakorewe abatinganyi muri Uganda mu mezi umunani ya mbere y’umwaka uheze – harimwo gukubitwa, kuborezwa igufa, guhagarikwa no kwomorwa mu miryango.