'Vyabaye ngombwa ko mpitamwo hagati yo gutabara abavyeyi banje canke umuhungu wanje'

- Umwanditsi, By Alice Cuddy, mu misozi ya Atlas
- Igikorwa, BBC News
Tayeb ait Ighenbaz vyabaye ngombwa ko ahitamwo niba atabara umuhungu wiwe w'imyaka 11 canke abavyeyi biwe igihe bagoterwa munsi y'ibibomoke inyuma y'aho habereye nyamugigima yo muri Maroc.
Uwo mworozi w'impene wo mu kigwati gito mu misozi ya Atlas avuga ko n'ubu ata mahoro afise kubera ingingo yateregerezwa gufata.
Tayeb yari kumwe n'umugore wiwe, abana babiri n'abavyeyi ku wa gatanu mw'ijoro mu nzu yabo nto yubakishijwe amabuye igihe yashegeshwa na nyamugigima ya mbere ikomeye cane muri ico gihugu mu myaka 60.
Yagiye kunyereka iyo nzu, ubu isigaye ari ubusize.
Urashobora kubona ahari imbere mu nzu ari naho atuma urutoke avuga ati: ''Aho ni ho bari.''
''Vyose vyaranyarutse cane. Igihe nyamugigima yaba twese twirutse tuja ku mwango. Data yari aryamye hanyuma nsemerera mbwira mama ngo aze, ariko yasigaye inyuma amurindiriye,'' uko yibuka.
Ku rundi ruhande yabona gusa umugore wiwe n'umukobwa wiwe.
Asubiye imyuma muri iyo nzu yari yamaze gusenyuka, Tayeb yasanze umuhungu wiwe n'abavyeyi biwe bubaraweko n'ibibomoke. Yarashobora kubona ukuboko kw'umuhungu wiwe kumenera mu bibomoke.
Yari azi ko ategerezwa gukora yihuta, aca aja ahatumbereye umuhungu wiwe, Adam, yimba agerageza kumukurayo.
Ahindukiye kuraba abavyeyi, nabo bari bagotewe munsi y'ikimanyu kinini c'ibuye kimeze nk'urusyo, avuga ko yasanze ataco agikiza.
''Vyabaye ngombwa ko mpitamwo abavyeyi banje n'umuhungu wanje.'' niko avuga amaso yuzuye amasozi.
''Sinashoboye gufasha abayeyi banje kuko uruhome rwari rwaguye ku ca kabiri c'umutumba wabo. Birababaje cane. Narabonye ingene abavyeyi banje bacikana.''
Tayeb yerekana aho amaraso yamutarukiyeko kw'ipantaro yiwe y'ikoboyi (jeans) y'ibara rikeye, avuga ko ari amaraso y'abavyeyi biwe.
Impuzu ziwe zose ziri mu nzu yiwe, gutyo ntarahindura izo yambaye kuva habaye nyamugigima.
Ubu umuryango ubana n'abandi bo mu muryango nyene mu mahema yashinzwe hafi y'iyahora ari inzu yabo. Tayeb avuga ko amafaranga yiwe yose yari mu nzu kandi ko nyinshi mu mpene ziwe zapfuye.
''Umenga ni ugusubira kuvuka mu buzima bushasha. Nta bavyeyi, nta nzu, nta vyo kurya, nta mpuzu,'' niko avuga. ''Ubu mfise imyaka 50 none nsubiye guhera ku busa.''
Ubu ntashobora kwiyumvira aho yohera ngo akomeze ubuzima, ariko aribuka ivyigwa abavyeyi bahora bamwigisha. ''Baguma bamwira bati 'wihangane, ukore cane, ntiwigere uheba'.''
Aho twariko turayaga, umuhungu wiwe Adams yaciye ataruka, yambaye umwambaro wa Juventus (umugwi w'umupira w'amaguru) n'izina rya Ronaldo mu mugongo, aca abumbatira se wiwe.
''Data yarankijije urupfu,'' niko avuga amugirira utugugu mu maso.
Hepfo gatoya kuri iryo barabara uja mu gisagara ca Amizmiz, uwundi mugabo n'umuhungu wiwe barahagaze nabo babumbatiranye.
Abdulmajid ait Jaefer avuga ko yari mu nzu n'umugore wiwe n'abana batatu igihe nyamugigima yahwikira hanyuma ''igisenge kigakorokera imbere''.
Umuhungu wiwe, Mohamed w'imyaka 12 , yarashoboye gusohoka, ariko abandi bahezeyo.
Abdulmajid avuga ko amaguru yiwe yagumye mu bibomoke, ariko aca akwegwa n'umubanyi. Mu nyuma yaciye amara amasaha abiri ariko agerageza gutabara umugore wiwe n'umwe mu bakobwa biwe. Bompi bari bamaze gupfa igihe yabavana mu bibomoke.
Ku munsi ukurikira, ikiziga c'uwundi mukobwa wiwe naco caravanywe mu bihomoka.
Abdulmajid, w'imyaka 47, ubu aryama mw'ihema hakurya y'ibarabara ryariko inzu yiwe.
Arashobora kubona igikoni aho frigo igihagaze n'impuzu zirereta ku mugozi aho zanikiye.

Avuga ko adashobora kuva aho hantu kuko ategerezwa ''kuguma acunze'' ibintu vyiwe, na kahise k'ubuzima bwiwe ngaho.
''Kiriya ni igikoni na frigo vyanje. Twese twari harya, none ubu ndabirabira kure", niko avuga.
Imbere yo ku wa gatanu, Abdulmajid avuga ko atari yarigeze arota ko hoba nyamugigima. "N'ubu, sindavyumva".
Uko dukomeza kugenda, imodoka zirahagarara impande yacu abantu bakunama kugira bahoze [uwabuze]. Abandi bariko baramanuka muri iryo barabara barahagarara bakagwa mu nda uwo mugabo agandariye abiwe barimwo n'umugore wiwe.
"Umuryango wanje warimwo abantu batanu. Ubu hasigaye babiri", niko ambwira n'akababaro.
"Ubu, nibaza ikintu kimwe gusa: umuhungu wanje".
Ibindi kuri iyi nkuru vyongerejwe Wahid El Moutanna






