Nyamugigima ya Maroc: Vyabaye ngombwa ko umurwi nserukiragihugu uja gutanga amaraso

Insiguro ya video, Umurwi nserukiragihugu wa Maroc utanga amaraso inyuma ya nyamugigima

Abakinyi n’abakozi b’umurwi nserukiragihugu wa Maroc bifatanije n’abandi mu gutanga amaraso yo gufashisha abahuye n’ivyago vya nyamugigima ikomeye yateye iki gihugu mw’ijoro ryo ku wa gatanu.

Abantu barenga 2000 bamaze kumenyekana ko bapfiriye muri ino nyamugigima yari ifise ibipimo vya 6.8.

Umukinyi w’inyuma wa Maroc na Paris St-Germain Achraf Hakimi yanditse ubutumwa ku mbuga hwaniro ati: "Turiko duca mu bihe bigoye kubera abanyagihugu bagenzacu. Ni igihe c’uko dufashanya kugira ngo turokore benshi bashoboka. Ndahojeje abo bose babuze ababo”.

Umurwi nserukiragihugu wategerezwa guhura na Liberia mu rukino rwari rutegekanijwe nijoro ku wa gatandatu i Agadir, ku birometero 205 mu bumanuko bushira uburengero bwa Marrakesh, ahatanguriye iyi nyamugigima, ariko vyabaye ngombwa ko rwunguruzwa.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, CAF, ryahojeje imiryango yahuye n’ivyago, riti: "Umuryango w’umurwi nserukiragihugu urahojeje imiryango yabuze kandi wipfurije abakomeretse kurwara bakira”.

Urukino rwa Gambia Vs Congo rwo rurabandanya, ariko bafise ubwoba

Tom Sanitfiet

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tom Sanitfiet asanzwe amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Gambia kuva mu 2018

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Gambia nawe aravuga ivyamubayeko igihe iyi nyamugigima itera. Tom Saintfiet avuga ko yagize ubwoba yibaza ko yari indege iguye kw’ihoteri yarimwo.

Uyu Mubirigi n’umurwi wiwe bari muri Marrakesh aho bitegekanijwe ko bahura n’umurwi nserukiragihugu wa Congo mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuzokwitabira ihiganwa ry’igikombe ca Afrika rihuza imirwi nserukiragihugu.

Saintfiet avuga ko ivyabaye vyari “biteye ubwoba kandi bibabaje”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yabwiye umunyamakuru wa BBC Mani Djazmi ati: "Ubwa mbere numvise induru nyinshi nca nibaza ko yari umuntu adodoye ku rugi”.

"Haciye amasegonda make, nibajije ko yari indege yari iguye kw’ihoteri kubera twari hafi y’ikibuga c’ingege ariko inyuma y’umusegonda canke ibiri, niho namenye ko yari nyamugigima.

"Biboneka ko yamaze imisegonga 30, ariko wamengo ntihera. Vyari biteye ubwoba cane. Impome z’inzu zariko ziranyiganyiga, ibintu bikoragurika biva ku gisenge no ku mpome. Kuva mbaho sinari bwigere mbona inzu nyiganyiga gutyo.

"Imaze guhagarara, naciye niruka kugira ndabe ko abagize umurwi nabo bari bavuye mu vyumba vyabo.

"Mu nyuma niho twahunga tukava mw’ihoteri, duca tuja muri pisine (piscine/pool), haba ari ho turyama, hanze, turi kumwe n’izindi ngenzi, kuko twabwiwe ko tutari gusubira mu vyumba vyacu.

"Vyari biteye ubwoba cane. Twamaze ijoro ryose twumva imodoka zunguruza abarwayi zizunguruka, tuguma dukurikira amakuru. Vyari ibintu biteye ubwoba kuri twebwe, ariko cane cane kuri abo bantu bose batakaje ubuzima bwabo, no ku banyagihugu ba Maroc”.

Urukino rw’uno musi mw’ijoro rwungururijwe muri iki gisagara ca Maroc kubera ikibuga ca Gambia kidashobora kwakira inkino mpuzamakungu, bitegekanijwe ko ruza kuba, n’aho uru rwa nijoro hagati ya Maroc na Liberia rwari rwiteze kubera i Agadir rworwo rwasibijwe.

Igihugu kiza gutsinda muri uru rukino rw’uno musi hagati ya Gambia na Congo ni co kiza kuba kironse itike yo kuja mu nkino za nyuma z’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika ry’umwaka wa 2023 ritegekanijwe kubera muri Côte d'Ivoire kuva ku wa 13 Nzero (1) gushika ku wa 11 Ruhuhuma (2) 2024.

Saintfiet yongerako kandi ko bamwe mu bakinyi basanzwe bakinira muri Turukiya bahuye n’ivyago nk’ibi mu kwa kabiri igihe iki gihugu naco giterwa na nyamugigima rutura, yaguyemwo uwahoze ari umukinyi wa Newcastle Christian Atsu, bakaba bari mu mubabaro.

Ati: "Ndazi ko abakinyi batari bake batipfuza gukina uru rukino.

"Turi abakinyi kandi turashaka gutsinda ariko mvugishije ukuri abakinyi benshi ivyiyumviro vyabo ntibiri ku mupira.

"Niba habi abantu benshi bapfuye muri iki gisagara, koko vyoba ari vyiza ko batureka ngo dukine umupira? Ubwo ntwitwopfumye dukina mu kw’icumi?

"Ubu ikituraje ishinga si urukino, ni ubuzima bw’abakinyi hamwe n’abanyagihugu bose ba Maroc na Marrakech."

Umumenyereza wa Congo Paul Put avuga ko abakinyi biwe ataco babaye.

Yabwiye Reuters ati: "Tumeze neza ariko turacafise ubwoba. Mu bwenge biragoye gushira umutima hamwe. Vyabaye ngombwa ko turara hanze, hafi ya pisine. Vyari biteye ubwoba cane ndetse n'ubu ni ibintu bitoroshe ku bakinyi".