Ayavugwa mu ntambara ya Ukraine: Uburusiya bwaraye busubiriye gucucagira ibisasu ku bigo ntanganguvu

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Volodymyr Zelensky atangaza ko amadrone arenga 400 n'ibisasu vya misire vy'ubwoko butandukanye vyababa 40 vyaraye birekuriwe kuri Ukraine mw'ijoro ryakeye.
Perezida Zelensky avuga ko hatewe cane cane ibigo ntanganguvu, mu ntara zitandukanye harimwo Volyn, Ivano-Frankivsk, Lviv, na Rivne n'ahandi, ivyatumye umuyagankuba ucika mu turere tutari duke mu gihugu.
"Moscou itegerezwa kwakwa ubushobozi bwo kubangamira Ukraine muri iki gihe c'ubukonje burenze urugero. Ibi bisaba misire zo mu bwoko bwa Patriot, NASAM, n'izindi", ni ko yanditse ku mbuga hwaniro.
Raba amwe mu mafoto ingene vyagenze inyuma y'ibi bitero vy'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, @V_Zelenskiy_official

Ahavuye isanamu, @V_Zelenskiy_official

Ahavuye isanamu, @V_Zelenskiy_official

Ahavuye isanamu, Reuters
Ni mu gihe Perezida Zelensky avuga ko Amerika iriko irondera ko intambara yohagarara hatarenze mu ntango z'ici riza, ubu ikaba iriko irondera ko haba ikirangamisi c'ibiganiro gitomoye.
Avuga ko Amerika yatanze integuro nshasha y'amasezerano yo guhagarika intambara yoba ashingiye ku masoko ntanganguvu, Ukraine ikaba yarayemeye. Hagati aho, intumwa z'Uburusiya zavuze ko zizotanga inyushu hanyuma.
Amerika kandi yasavye ku ncuro ya mbere ko izi mpande zompi – ni ukuvuga Ukraine n'Uburusiya - zohurira muri Amerika.
Avuga ko uno mubonano witeze kubera mu gisagara ca Miami mu ntara ya Florida, kandi ko Ukraine yamaze kumenyesha ko izokwitaba.
Imbere y'aho, umunyamabanga wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ajejwe kumenyesha amakuru Dmitry Peskov yavuze ko hitezwe "vuba" ibindi biganiro, ariko ko ivy'uko bizobera muri Amerika atavyo bavuganye.
Zelensky yavuze kandi ku bibazo bisigaye bitaratorerwa inyishu muri ibi biganiro. Ashimangira ko "ibigoye cane" muri ibi bishobora kuzokwigwako mu nama y'inyabutatu hagati y'indongozi za Ukraine, Amerika n'Uburusiya.
Na yo ku vyerekeye intara ya Donetsk Perezida Vladimir Putin asaba ko yose ihabwa Uburusiya uko yakabaye, Zelensky avuga ko Ukraine isaba ishimitse ko buri ruhande ruhagarara aho rugeze.
"Ukraine yasubiye kwemeza aho ihagaze ku kibazo ca Donbas. 'Guhagarara aho tugeze', ku bwacu, ni yo nzira ibereye kandi yizewe kugira ngo intambara ihagarare uno musi", ni ko Zelensky avuga.
Avuga ko Amerika yatanze iciyumviro yipfuza ko impande zompi zohurirako – gushinga akarere k'ubutunzi ataho kegamiye muri Donbass - ariko yaba Ukraine canke Uburusiya, nta ruhande na rumwe rwakira neza iki ciyumviro.

Ahavuye isanamu, @MOD_RUSSIA, GETTY IMAGES
Hagati aho, wa mu jenerali w'Uburusiya yahakwa kugandagurwa ejo yatoye mitende, inyuma yo kubagwa nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru TASS, risubiramwo amasoko "yegereye abaganga".
TASS ivuga ko Jenerali Vladimir Alekseev, yarashwe amasasu menshi ejo mu gikorwa co kugerageza kumugandagura, ubu yatoye ubwenge, abaganga bamukurikirana bakavuga ariko binengesera ngo "ubuzima bwiwe ntibugeramiwe".
Ikinyamakuru Kommersant na co gisubiramwo isoko ryegereye igendendereza rivuga ko inzego zijejwe umutekano zafashe abantu babiri bikekwa gukora iki caha, umwe muri bo akavugwa ko yakomerekeje iyi ntwazangabo amurashe amasasu atatu.














