Ubwo Ukraine yoba yiziziye amato y'Uburusiya akora mu mpisho muri Afrika?

Ubwato Mersin muri mu mazi, inyuma haboneka igikumbi c'ibiti

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ubu bwato Mersin bufatwa ko buri mu mato y'Uburusiya akora mu mpisho mu kuzunguruka ibihano bwafatiwe n'igihugu vy'uburengero

Ubwato bwa Turukiya butwara igitoro bwari buherutse kugendera ikivuko c'Uburusiya bwarononywe bikomeye n'ibiturika hafi y'inkengera y'ibahari muri Senegal ku wa kane w'indwi iheze.

Ubwato bw'igitoro buzwi nka Mersin bwegukira igihugu ca Panama, bwagirizwa ko buri mu mato akoreshwa n'Uburusiya mu mpisho.

Nubwo Ukraine itaravyemanga, iki gitero ca bombe caje inyuma y'isekeza ry'ibitero vyakozwe ku mato afatwa ko afitaniye isano n'inyungu z'Uburusiya mu Kiyaga Cirabura.

Uru rukurikirane rw'ibitero vy'amabombe rwatumye haba abibaza ko intambara y'Uburusiya muri Ukraine yoba iriko ishika no muri Afrika y'Uburengero.

Ejo ku wa kane, Sénégal yarungitse umurwi w'abahinga mu gutegura ama-mine yo mu mazi kugira ngo basuzume bongere bakore ibikorwa vyihariye ku bwato Mersin bwononekaye kubera ivyikekwa ko ari ibitero vy'amabombe.

Ibikorwa vyo gukingira umutekano w'ubu bwato bufise uburebure bw'imetero 183 bwononekaye muri ico gitero co ku wa 27 Munyonyo (11) birabandanya hafi y'inkengera ya Dakar naho imiyaga itavyorosha.

Ubu bwato buracameze neza, gusa bukaba bucungerewe cane. Abategetsi ba Sénégal bashimangira ko ibintu biri mu buryo kandi ko ata mwandu w'ibitoro ubuvamwo uraboneka, nubwo amatohoza akibandanya.

Isoko ryo mu gisirikare i Bulaya ryavuganye n'iradiyo y'Abafaransa RFI ribona ko ubu bwato Mersin bushobora kuba buri mu mato y'Uburusiya akora mu mpisho mu kuzunguruka ibihano iki gihugu cafatiwe n'ibihugu vy'uburengero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe ibinyamakuru na vyo vyo mu Burusiya no muri Turukiya vyandika ko iki gitero gishobora kuba cakozwe n'amadrone ya Ukraine yo mu mazi, asa n'ayakoreshejwe mu gutera amato abiri y'Uburusiya yafatiwe ibihano mu Kiyaga Cirabura, hari ku wa gatandatu w'indwi iheze, hari ku wa 29 Munyonyo 2025.

Muri iki gitero, amashusho yagenzuwe na BBC yerekana amadrone ariko aca mu mikuba y'amazi atera asatira ano mato abiri, imbere y'uko aturika, agateza umuriro.

Abategetsi ba Turukiya batangaje ko ano mato azwi ku mazina ya Kairos na Virat, yompi yegukira Gambia, akaba yatewe ari hanze y'inkengera z'ibahari ku ruhande rwa Turukiya ku wa gatanu, ubu bwa Virat bukaba bwaratewe ubugira kabiri bukeye ku wa gatandatu.

Kyiv (Ubutegetsi bwa Ukraine) isa n'iyongereje akariro mu gutera imihora yinjiriza Uburusiya amafaranga ava mu gitoro, aya nayo akaba afise uruhara rudasanzwe mu ntambara yabwo muri Ukraine.

Aya mato abiri ari mu yandi aharurwa mu majana y'Uburusiya akora mu mpisho, mu ntumbero yo kuzunguruka ibihano bwafatiwe n'ibihugu vy'uburengero inyuma y'aho Uburusiya butanguriye intambara yabwo muri Ukraine mu 2022.

Muri ibi bitero Ukraine yakoresheje amato atajamwo abadereva (drone) azwi nka Sea Baby – ubwoko bw'amadrone ahingurwa n'igisata ca Ukraine kijejwe igendereza, kizwi nka SBU.

Ibi bitero bifatwa nk'aho Ukraine iriko iragabisha ko amato atwara igitoro c'Uburusiya mu Kiyaga Cirabura ashobora guterwa, hampande y'ibi bihano bwafatiwe n'ibihugu vy'uburengero.

Hagati aho, vyitezwe ko kuri uno wa kane intumwa idasanzwe ya Amerika Steve Witkoff abonana n'umukuru w'inama nkuru y'umutekano wa Ukraine, Rustem Umerov, i Miami muri Florida, nk'uko vyemezwa na Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika).

Ni inyuma y'aho ku wa kabiri Witkoff amariye amasaha hafi atanu aganira na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya i Moscou mu biganiro Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko ataco "vyashitseko" ku bijanye no guhagarika intambara muri Ukraine.

Putin avuga ko ivyo gushika ku mwumvikano atari "igikorwa coroshe", aha bikavugwa ko aba ashaka kuvuga ivyo Moscou ibandanya isaba ko Ukraine ikura ingabo zayo ku butaka bw'akarere ka Donbas.

Asubirwamwo n'ibinyamakuru vy'Uburusiya avuga ko ubu butaka bwigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya impera n'imperuka buzoruhira gufatwa hakoreshejwe inguvu, ari nka hamwe ingabo za Ukraine zitokura meza ku neza.

"Vyose bizorangira aha. Turabohoza izi ntara hakoreshejwe umunwa w'inkoho, canke naho ingabo za Ukraine zikure meza ku neza, zihebe kurwana muri kariya karere".

Abajijwe nimba Witkoff na Kushner bemera ko Putin yoba yipfuza guhagarika iyi ntambara, Trump yishuye ko Putin "yipfuza guhagarika iyi ntambara. Bobo niko babifata".

Ariko umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Andrii Sybhia yagiriza Putin ko ariko "atesha umwanya amakungu", uwuserukira Ukraine muri Amerika na we akavuga ko badakeneye "kurindira ivyo Uburusiya bwobemerera".