Ukraine: Yanse kwitaba akamo ka Putin aja kuba mw'ishamba ry'ubukonje bw'urubura
Inkuru ya Ben Tobias
BBC News

Ahavuye isanamu, Adam Kalinin
Igihe Vladimir Putin yatangaza ihamagarwa rya bamwe mu bagabo b’Abarusiya mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, Adam Kalinin -siryo zina ryiwe ry’ukuri – vyafashe indwi yose kugira afate ingingo ko ikintu ciza kuruta ibindi yokora ari ukuja kuba mw’ishamba.
Uwo mugabo yanonosoye ibijanye n’ubuhinga bwa none (IT) yari ateye kubiri n’intambara yo muri Ukraine kuva mu ntango, akaba yaraciwe ihadabu yongera amara indwi zibiri mu gasho kuko yari yamanitse ku ruhome rw’igorofa irimwo inzu yabamwo icapa kivuga ngo ‘’Oya ku ntambara’’.
Igihe rero Uburusiya bwavuga ko buhamagaje abaagabo 300.000 kugira baje gufasha guhindura ibintu ku rugamba bwariko buratsindwa, Kalinin ntishatse ko yohava ajanwa ku rwasiro kugira aje kwica abanya-Ukraine.
Ariko, biteye kubiri n’abandi ibihumbi n’ibihumbi, we ntiyashimye kuva mu gihugu.
Ibintu bitatu nivyo vyamugumije mu Burusiya: abagenzi, ingorane z’uburyo [bw’amafaranga] hamwe no kwumva ko atoheba ivyo asanzwe azi.
Kalinin, ageze mu myaka ya 30, avuga ati: ‘’Kugenda yari kuba intambwe igoye cane yo kuva aho niyumvamwo neza.
‘’Ngaha ntawovuga ngo naho koko hameze neza ariko, nibura, uko niyumva, vyari kugora cane kugenda.’’
Gutyo aca afata ingendo idasanzwe yo gusezera umugore wiwe afata inzira igana mw’ishamba, aho aba mw’ihema ubu amezi agiye kuba ane.
Akoresha antene iboheye ku giti kugira aronke internet hamwe n’ivyumaa vyo gukwega imishwarara y’izuba kugira aronke umuyagankuba.
Ari mu bukonje bushobora gushika degree 11 munsi y’ubusa (-11C) akarya ivyo aja arazanirwa n’umugore wiwe.
Kubaho yibako ukwa wenyene [mu gahinga] avuga ko ariyo nzira yabonye yo kwirinda guhamagarwa kuja ku rugamba. Mu gihe abategetsi badashoboye kumuzanira umutahe bakawumushikiriza mu minwe, ntashobora guhatirwa kuja ku rugamba.
‘’Badashoboye kumfata n’amaboko ngo banjane ku biro vyo kwiyandikisha, aho mba mfise urwitwazo rungana na 99% rwo kwanka guhamagarwa n’irindi burabuzwa.’’
Hamwe hamwe, Kalinin abandanya ubuzima bwiwe nk’ubwo yahorana. Aracakora amasaha munani ku munsi mu kazi yari asanzwe akora, n’ubwo muri iki gihe c’ubukonje (winter/hiver) – kubera haka izuba rike – ataronka umuyagankuba uhagije uva ku mishwarara y’izuba kugira akore iminsi yuzuye, gutyo aca ayuzuza mu mpera z’indwi (weekend).
Bamwe mu bo bakorana ubu bari muri Kazakhistan, kuko nabo barahunze Uburusiya kuva aho guhamagara abaja ku rugamba bitanguriye, ariko internet yiwe akoresheje antene iboheye ku giti ca pinusi irahagije ku buryo kuronka umurongo ata ngorane irimwo.
Asanzwe kandi akunda ubuzima bwo hanze, yari asanzwe yahora amara iminsi yiwe y’akaruhuko mu rusago mu gahinga mu bumanuko bw’Uburusiya n’umugore wiwe. Igihe yafata ingingo yo kugenda burundu kuba mw’ishamba, yari asanzwe afise ibikoresho bikenewe.

Ahavuye isanamu, Adam Kalinin
Umugore wiwe, amaze kuja kuramutsa Kalinin aho acumbitse nka kabiri canke gatatu muri uyu mwaka mushasha, afise uruhara runini mu kubaho kwiwe. Amuzanira ivyankenerwa buri ndwi zitatu akabisiga aho bumvikanye ari naho bashobora kubonanira akanya gato amaso mu yandi. Aca atwara ivyo yamuzaniye akaja kubikika ahantu hatekanye aja araja rimwe rimwe. Mu guteka akoresha imbabura yikoreye we nyene ikoresha inkwi z’ibiti.
Avuga ati: ‘’Ndafise ifu, icayi, ikawa, isukari. Ivyamwa n’imboga si vyinshi, ariko ibintu ntaco bibaye’’.
Urugo rushasha rwa Kalinin ni ihema rinini rimeze nk’iryo bakoresha mu kuroba mu gihe c’ubukonje (ice-fishing). Agishika mw’ishamba, yashinze amahema abiri y’iminota itanu hagati yayo; rimwe ririmwo internet aho akorera, irindi ahikinze gusumba aho aryama.
Aho igihe c’ubukonje kiziye imbeho ikongerekana, ayo mahema yaciye ayashira hamwe kugira akorere kandi yongere arare mu kibanza kimwe.
Ubu vuba ubushushe bwaramanutse cane bushika kuri -11C, gukanya uko akaba atavyo yari yiteze. Ariko ubu igihe c’umurango casubiye kuba kirekire, urubura narwo rutanguye gushonga, afise umugambi wo kuguma aho ari.
N’ubwo Kalinin ataronka ubutumwa bwo kwitaba urugamba we nyene ubwiwe, avuga ko ibintu biguma bihindagurika kandi ko ashobora kuronka umutahe mu minsi iza n’ubwo hasanzwe hari uruhusha ku bakozi ba IT. Avuga ko n’aho igihe co guhamagara ubu caheze, nta ngingo yigeze isohoka yo kukirangiza icese.
Prezida w’Uburusiya yatangaje ko ahamagaje kwitaba urugamba ku wa 21 Nyakanga(9), inyuma gato ingabo za Ukraine zivyukiranije mu ntara ya Kharkiv ari naho zaca zigaruza ikirere kitari gito c’aho ingabo z’Uburusiya zari zarafashe.
Yavuze ko guhamagaza kwitaba urugamba vyari bikenewe kugira Uburusiya bwivune uburengerazuba. Ariko benshi mu gihugu baravyiyamirije, kandi harabaye akajagari ku mbibe z’Uburusiya aho abantu ibihumbi bariko barahunga.
Iryo hamagazwa ryaragize ingaruka ikomeye ku Burusiya. Gushika ico gihe, Abarusiya benshi bari bashoboye kubandanya kubaho nk’uko vyari imbere y’intambara. Nivyo, bimwe mu bihingurwa vy’ibinyaburaya vyarazimanganye hanyuma ibihano navyo bituma guhanahana amafaranga biciye mu mabanki bigorana gusumba, ariko ingaruka zitaziguye ku mibereho ntizari nyinshi cane.
Ihamamagazwa rero ryadodoye ku nzugi z’imiryango y’Abarusiya.
Bukwi na bukwi, abahungu, ba se n’abavukanyi bararungitswe ku rugamba badategujwe, rimwe na rimwe badafise ibikoresho bikwiye kandi bahawe inyigisho z’ibanze gusa. Mu gihe kare intambara yasa n’iyiri kure, ubu ntivyari bigikunda ko uyirengagiza.
Ariko ibikorwa vyo kwerekana ko utavyemera icese ntibigwiriye imbere mu Burusiya – ibintu vyaneguwe muri Ukraine no mu bihugu vy’iburengerazuba. Ariko Kalinin aratahura ko abantu batinya ivyoshobora kubashikira.
‘’Dufise intwaro y’igikenye ubu ikomeye cane. Mu mezi atandatu aheze, harashinzwe amategeko ku murindi udasanzwe. Ubu umuntu avugiye ku mugaragaro ibiteye kubiri n’intambara, reta izomukurikirana.’’

Ahavuye isanamu, Adam Kalinin
Ubuzima bwa Kalinin mw’ishamba bwatumye amenyekana ko mbuga hwaniro, aho abantu 17.000 bakurikira amakuru yiwe aja arashira kuri Telegram hafi ku munsi ku munsi. Ashirako ama video n’amafoto y’ibigize aho aba, ubuzima bwiwe bwa buri munsi, n’ingene urusago rwiwe rutunganijwe. Guhimbagura ibiti bigaruka kenshi cane.
N’aho yemera ko umugore wiwe, na cane cane, yifuza ko ubwo buzima yobuvamwo, avuga ko ata vyinshi abuze agereranije n’ubuzima yari asanzwemwo. Yiyita umuntu aryoherwa no kuguma mu vyiyumviro vyiwe bwite (intovert) ata ngorane afise yo kuba wenyene, kandi agashimika mu kuvuga ko uko abayeho biguma ari vyiza kurusha kurungikwa ku rugamba canke mw’ibohero.
‘’Narahindutse cane, ku buryo ibintu ntakironka ubu bisigaye biri mu vyo nahevye’’, nk’uko avuga.
‘’Ibintu vyasa n’ibifise ikibanza gikomeye ubu nta nguvu bigifise. Hari abantu bari mu bihe bibi cane gusumba twebwe.’’’

Ahavuye isanamu, Adam Kalinin










