Sentare mu Bubirigi 'igiye gukoresha inguvu' mu rubanza rwa Nkunduwimye aregwa jenoside

Ahavuye isanamu, ALAIN MAJESTE BARENGA
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda, rwabandanije ku munsi ugira 11 kuva rutanguye, ariko ivyabona bine vyari bitegekanijwe nta n'umwe yitavye.
Sentare yamenyesheje ko igiye gukoresha inguvu kugira igondoze abategekanijwe nk’ivyabona kwitaba.
Gushika isaha zine zo mu gitondo, mu vyabona vyari vyitezwe kuza kwumvirizwa ukwo ari bine nta n'umwe yari bwahahonyoze ikirenge, aho ni mu gihe mu bari kwumvirizwa benshi baba ku mugabane wa Bulaya.
Sentare yabarindiriye irababura, biba ngombwa ko abakozi ba sentare babahamagara ku matelefone. Ariko naho nyene nta n'umwe yigeze yitaba.
Sentare ifadikanije n’umushikirizamanza bafashe ingingo ko ivyabona bitegerezwa kwumvirizwa babirondera iyo biri hose bizanwe muri sentare. Ivyo vyateye impari muri sentare kuko abunganira uwurerwa basavye sentare kubanza kumenya igituma abari ku rutonde rw’ivyabona batitavye, ha kubazana ku nguvu.
Inyuma y’izo mpari z'iminota nka 15, sentare yaciye ihagarika imburano kugira itume igipolisi kuja mungo z’abategerezwa kuza muri sentare kwumvirizwa kugira bamenye icatumye abo bagwiriyemwo abagabo ahanini baregura uwurerwa batitavye.
Sentare yavuze ko biteye amakenga ko icabona cahawe ubutumire bwo kwitaba gisiba kidatanze imvo.
N‘agashavu kenshi, umukuru wa sentare yavuze ko ni vyaba ngombwa barungikirwa impapuro zo kurengutswa ku nguvu mu gihe igipolisi cobabura aho baba.
Inyuma y’amasaha abiri intahe yahagaze, urubanza rwongeye kubandanya isaha ya sa sita naho nyene igipolisi kitari bwatange icegeranyo c’igikorwa cahawe co kuja kurondera abatitavye mu ngo zabo.
Vyabaye ngombwa ko sentare yikora ku vyabona bivuye mu Rwanda vyategerezwa kwumvirizwa ku wa kane kugira izibire igihengeri catumwe n’ugusiba yongere icungure umwanya.
Umuntu umwe yumvirijwe ni Gashayija Justin w’imyaka 69 yaje ava mu Rwanda.
Uwo mugabo yemeje ko yari mu bahungiye muri Amgar aho yasanze Interahamwe nyinshi zihaba izindi zahahungiye ziva mu nkengera za Kigali aho zari zahunze ibitero vya FPR Inkotanyi.
Uwo mugabo yemeje ko muri ico kibanza hari amabariyeri y’Interahamwe kandi ibinogo bihambwamwo abantu vyimbwa buri gihe. Yavuze ko n'urwamo rw’ibipawa n’amasuka warwumva co kimwe n'amaborogo y'abicwa avuga ko rimwe na rimwe hari abicwa yiboneye.
Gashayija Yustin yemeje ko vyamwanse mu nda abwira Georges Rutaganda yari icegera ca kabiri c’umukuru w'interahamwe ko ubwicanyi bubera aho muri Amgar bushobora kumukwegera. Ariko ngo ntaco yamwishuye ahubwo yaciye yubaka urukuta rutuma abahungiye muri Amgar batabona ivyariko biraba.
Ku kibazo c’uko yoba yarabonye Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, yishuye ko yamubona kenshi muri ico kibanza yambaye impuzu za gisirikare afise n’inkoho, kandi yabana n’Interahamwe muri ico kibanza ca Amgar aho yasohoka yinjira ataco yinona n'aho umutekano wari muke .
Ico cabona cemeje kandi ko yari mu bazuye ibisigarira vy’abiciwe muri Amgar kugira bihambanwe iteka jenoside imaze kurangira.
Hakurikiye Wibabara Grace, w’imyaka 55, na we nyene yaje ava mu Rwanda. Ni umugore wa Gashayija. Yavuze ibisa n'ivy'umugabo wiwe mu kwemeza amarorerwa n’ubwicanyi vyabera muri Amgar hagenzurwa na Rutaganda na Nkunduwimye.
Emmanuel Nkunduwimye, w'imyaka 65, vyagaragara ko ababajwe n'uko bimwe mu vyabona vyategerezwa kwumvirizwa bititavye, aho we yemeza ko kuva urubanza rugitangura hari abaterwa ubwoba.
Sentare yaciye ifata ingingo ko izobandanya urubanza ku wa kane yumviriza ibindi vyabona, yongera isubire kurengutsa abatitavye mu buryo bwose bushoboka kugira ikiringo c’urubanza cubahirizwe.










