Jenoside: Ivyabona vyanje bishobora kwicwa kubera vyanse ibinyoma bitegekwa n'u Rwanda – Nkunduwimye

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
Umunyarwanda Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboka, yagirizwa ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994, yatanguye kuburanishwa i Buruseli mu Bubiligi ejo ku wa mbere.
Nkunduwimye, w’imyaka 65, ahakana ivyo yagirizwa avuga ko ari irementanya.
Mu ntahe y’icese muri sentare y’abanyagihugu ica imanza z’ivyaha bikomeye (cour d’assise), umushikirizamanza mukuru yamaze amasaha ane yose yagiriza Nkunduwimye “gukora no gukoresha Interahamwe mu bwicanyi bw’ikivunga bw’Abatutsi, gufata ku nguvu abagore be n’ivyaha vyo mu ntambara”.
Arnaud d'Oultremont ati: “Nkunduwimye Emmanuel batazira Bomboka nta nkeka yafashe iya mbere mu bwicanyi bwahitanye Abatutsi, ahari inzu ya AMGAR. Abatutsi baharurwa mu majana barahahoneye, ico kibanza cari cabaye amacuniro.”
Yabwiye sentare ko Nkunduwimye yafadikanya na Georges Rutaganda yari icegera ca kabiri c’umukuru w’Interahamwe, akavuga ko bari abagenzi cane kandi ko bakorana ibintu bitandukanye muri iyo nzu, akaba we yaciriwe umunyororo wo guherayo n’iyahora ari Sentare yashiriweho Urwanda, TPIR, ku vyaha vya jenoside, ahava apfa mu 2010.
Arnaud d'Oultremont ati: “Barakorana mu kwica no mu gufata abigeme ku nguvu, n’ibinogo rusangi vyinshi vyarabonetse muri ico kibanza.
“Ntagukekeranya kuko n’ivyabona vyinshi vyarabigarutseko, harimwo n’abarokotse muri ubwo bwicanyi bamwiboneye”.
Sentare ihejeje kwumviriza umushikirizamanza yahaye ijambo Nkunduwimye, imubaza nimba ata ngorane abona mu bijanye n’itunganywa ry’urubanza.
Yishuye ko muri rusangi atazo abona uretse ko ivyabona vyiwe biterwa ubwoba, abandi ko “bahunze kubera banse kwemera ibinyoma abategetsi b’Urwanda babategetse”.
Nkunduwimye ati: “Ivyo mu Rwanda murabizi iyo hageze zino manza hari abakoreshwa, hari abaterwa ubwoba, ni vyo biriko biranshikira.
“Hari abatinya kumbera ivyabona, abandi barahunze, hari nabo mfise ubwoba ko bashobora kwicwa kubera banse ibinyoma bategekwa n'abategetsi b’Urwanda, ariko reka turindire muzovyibonera muri runo rubanza.”
Nkunduwimye yashitse mu Bubiligi mu 1998, akaba yaronse uruhusha rwo kuhaba nk’impunzi mu 2003, nayo mu 2005 akaba yahawe ubwenegihugu bw’Ububiligi. Avuga ko akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje taxi.
Muri uru rubanza hitezwe kwumvirizwa ivyabona 95 n'abahinga ku Rwanda barenga 10 bazoza kuvuga ivyo bamuziko.













