Jenoside yo mu Rwanda: 'Ibanki y’isi n’ayandi mabanki ya Bulaya yarafashije' - Umuhinga

Pierre Galand avuga ko mu batanze uburyo bwo kugura ibirwanisho vyakoreshejwe muri jenoside harimwo n’Ibanki y’isi yose n’ikigega mpuzamakungu FMI

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Pierre Galand avuga ko mu batanze uburyo bwo kugura ibirwanisho vyakoreshejwe muri jenoside harimwo n’Ibanki y’isi yose n’ikigega mpuzamakungu FMI
    • Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles

Mu gihe kuva ku wa 07 Ndamukiza (4), Urwanda ruzotangura indwi yahariwe kwibuka imyaka 30 irangiye habaye Jenoside yo mu 1994, umushakashatsi w’Ububirigi yagirije ibanki y’isi yose be n’ayandi mabanki ko yafashije mu gutanga uburyo bwakoreshejwe mu kugandagura abantu.

Ibi vyavugiwe mw’ihuriro ryaraye ribereye i Buruseri (Bruxelles) mu Bubirigi mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene jenoside yateguwe mu Rwanda.

Nk’uko bivugwa na Pierre Galand, umuhinga w’Umubirigi yari yitavye iri huriro, “amahera yababa umuliyalidi w’amadolari y’Abanyamerika niyo ubuserukizi bw’ibanki y’isi mu Rwanda yahaye mu kinyegero ubutegetsi bw’Urwanda mu ntango z’imyaka ya 1990 kugira bugure ibirwanisho vyakoreshejwe mu gihe ca jenoside mu Rwanda”.

Uno mushakashatsi yahoze ari umukenguzamateka wo mu Bubiligi avuga ko hari n’inyandiko zibigaragaza, kandi ko banavyiboneye igihe yari arongoye umurwi utohoza ku buryo bwakoreshejwe muri jenoside, mu gikorwa cari casabwe n’igisata ca ONU kijejwe iterambere kw’isi (PNUD) mu 1995.

Yabwiye abari bitavye iri huriro ko ibice 50 kw’ijana vy’amahera yakoreshwa na leta yaja mu gisirikare, akemeza ko igitigiri c’igisirikare c’Urwanda imbere ya 1994 carwijijwe na kane kubera ubwo buryo bahabwa n’Ibanki y’isi yose be n’ikigega mpuzamakungu FMI ishami ryo mu Rwanda.

Iri huriro ngarukamwaka ryateguwe n’umwe mu migambwe iri ku butegetsi mu Bubirigi Parti Socialiste ufadikanije n'ishirahamwe ry'abarokotse jenoside yo mu Rwanda, Ibuka

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Iri huriro ngarukamwaka ryateguwe n’umwe mu migambwe iri ku butegetsi mu Bubirigi Parti Socialiste ufadikanije n'ishirahamwe ry'abarokotse jenoside yo mu Rwanda, Ibuka

Kuri aya mabanki mpuzamakungu nk’uko avyemeza, hiyongerako n’amabanki yo mu bihugu vya Bulaya yakoreshwa mu kugura ibirwanisho, akadoma urutoke ku mabanki abiri yo mu Bufaransa no mu Bubirigi.

Galand ati: “Ibanki BNP Paribas yo mu Bufaransa hamwe n’ibanki Lambert yo mu Bubiligi niho bacisha amahera yo kugura ibirwanisho vyakoreshwa muri jenoside kuko Urwanda rwari rwafatiwe ibihano vyo kugura ibirwanisho, kandi iryo si ibanga kuko impapuro zivyerekana turazifise, n’imbere yanje ndazifise.

“Twaraziboneye ari naco gituma ubu hariho n’ikirego citwarira iyo banki yo mu bufaransa kugira ishumbushe abashikiwe na jenosideˮ.

Uno muhinga abandanya asigura ko hari n’amahera arenga imiliyoni 17 y’amadolari y’Abanyamerika yakuwe mw’ibanki nkuru y’igihugu mu Rwanda aja kugura ibirwanisho n’imipanga ibihumbi 500 yakoreshejwe mu kwica Abatutsi n’Abahutu batari bashigikiye jenoside.

Aya mabanki ntaco arashikiriza kuri ibi biyavugwako n'uno muhinga.

Hagati aho, Ernest Sagaga arongoye ishami rya Ibuka mu Bubirigi, ishirahamwe rihurikiyemwo abarokotse jenoside yo mu Rwanda, avuga ko ibi vyerekana ko jenoside yateguwe ikongera igashirwa mu ngiro, kandi ko abafashije gutanga uburyo bwo gukora jenoside bakwiye gushumbusha abakorewe aya mabi.

 Ernest Sagaga arongoye ishami rya Ibuka mu Bubirigi asaba ko abakorewe jenoside bahabwa indishi y’akababaro ku mabi bakorewe

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Ernest Sagaga arongoye ishami rya Ibuka mu Bubirigi asaba ko abakorewe jenoside bahabwa indishi y’akababaro ku mabi bakorewe

Ati: “Naho abakorewe jenoside bariko bahabwa ubutungane, birakwiye ko bahabwa n’indishi y’akababaro ku mahano yabashikiye. Birateba ariko turizera ko bizokunda”.

Iri huriro ngarukamwaka ryateguwe n’umwe mu migambwe iri ku butegetsi mu Bubirigi Parti Socialiste ufadikanije na Ibuka, rikaba ryari ryakoranije abarenga 80 barimwo abigisha ba za kaminuza, Abanyarwanda bava ku mugabane wa Bulaya n’abari mu mashirahamwe yigenga.

Ribaye irya gatatu ryikurikiranya ribereye ahakorera inama nshingamateka y’Ububirigi.

Vyitezwe ko ibikorwa vyo kwibuka imyaka 30 iheze habaye jenoside yo mu Rwanda bitangura ku wa 07 Ndamukiza i Buruseri mu Bubiligi no mu bindi bisagara vyo ku mugabane wa Bulaya.