Amatora ya Amerika: Kubera iki aba-Democrats benshi batarota badohoka kuri Biden?

Joe Biden avugana n'abanywanyi biwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Madeline Halpert & Brajesh Upadhyay
    • Igikorwa, BBC News, New York & Washington

Igihe Joe Biden yagira afate ijambo mw'ikoraniro ry'i Detroit mu ntara ya Michigan ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu, isinzi ry'abantu ryaririmba ngo: "Nturekure!"

Uno muhumure yiteze guserukira aba-Democrats mu mutora y'umukuru w'igihugu yimirije yabwiye abanywanyi biwe ari: "Nditoza! kandi nzotsinda!" Nabo bamukurikiza akaruru k'umunezero.

Igihe yariko arasohoka, yakurikijwe akaririmbo k'umunyamuziki Tom Petty kavuga ngo 'I Won't Back Down' (twogereranya na Sinzorekura), icerekana ko yihojeje bamwe mu banyamugambwe biwe bamusaba gukinjura kubera impungenge bafise ku myaka yiwe.

Ariko mu makuru yavuzwe cane kuri uno munyaporitike, ni uko aba-Democrats benshi batarota bamuva inyuma.

Gushika ubu, abanyaporitike nibura 80 bo mu mugambwe w'aba-Democrats bamaze kwerekana ko bari inyuma y'uno munyaporitike w'imyaka 81, kandi n'abandi babandanya bisukira.

Kuri benshi, ivyo amaze gukora muri poritike, ivyiyumviro remezo vyiwe hamwe n'intsinzi yiwe mu matora ya 2020 birengeye cane ukunyerera kwiwe mu biyago mpari canke iyo ari imbere y'abanyagihugu, canke ubwoba abantu boba bafise ku magara yiwe mu kindi kiringo c'imyaka ine.

Mu kiganiro ca mbere c'uno mwaka yagiranye n'abanyamakuru ari wenyene ku wa kane, Biden yatanze insiguro zitomoye ku bijanye na OTAN/NATO, ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, hamwe kandi n'integuro ziwe mu kiringo ciwe ca kabiri.

Nubwo biri uko, ibinyamakuru vyinshi vyibanze ku kungene yihenze igihe yashaka kuvuga icegera ciwe Kamala Harris, akavuga ngo "Icegera c'Umukuru w'igihugu Trump".

Hagati aho, nibura ubu abanywanyi biwe bashimye ingene uno kizigenza mu ntwaramiheto yigenjeje, muri iki kiganiro cakurikiranywe ikibiriraho n'abantu barenga imiriyoni 23 - igitigiri ca mbere kinini uno mwaka.

Roy Cooper, buramatari w'intara ya Caroline du Nord ati: "Ndibaza ko yerekanye ko ari kibirengeye mu bijanye na poritike mpuzamakungu. Sinibaza ko Donald Trump ashoboye kuvuga neza ibijanye na poritike mpuzamakungu umunota n'umwe gusa".

Gavin Newsom, buramatari w'intara ya California yafatwa nk'uwushobora gusubirira Biden, yabwiye ikinyamakuru CBS ko ashigikiye cane Biden, kandi ko ata budasa buri hagati yabo.

Umushingamateka Brendan Boyle wo mu ntara ya Pennsylvania avuga ko Biden yerekanye ko Trump adashobora kumwegera na gato mu bijanye na poritike.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abahinga bavuga ko aba banyaporitike bari mu kuri kandi bafise imvo nyinshi zibatuma bashigikira Biden, harimwo n'ivyo yakoze amaze gushika ku butegetsi, intsinzi yiwe ya 2020 kuri Trump hamwe n'impungenge zo gushiraho uwundi mu kandida muri iki gihe gito cane gisigaye kugira ngo habe amatora muri Munyonyo (11).

Simon Rosenberg ajejwe imigambi mu mugambwe w'aba-Democrats ati: "Umukuru w'igihugu arerekana neza ko ashaka kubandanya ihiganwa, kandi ndibaza ko abantu bariko barubahiriza ishaka ryiwe.

"Kandi birumvikana ko mu mugambwe wacu, gusubiriza umukandida mu kibanza c'umukuru w'igihugu nk'ubu bigoye, kandi ko ari ibintu bitari bwigere bibaho, rero hari amadidane menshi ku bijanye no gukora impinduka zikomeye.

Avuga kandi ko abanywanyi b'umugambwe wiwe bahabwa ijambo kugira bashikirize akari ku mutima ku bijanye n'uwobaserukira mu matora.

Hagati aho, hari imirwi myinshi cane ivuga ko umukandida akwiye kuba Biden, harimwo n'umurwi w'abashingamateka baba Hispanic (Abanyamerika bakomoka muri Amerika y'ubumanuko) , ugizwe n'abantu bababa 40, hamwe n'umurwi w'abashingamateka b'Abirabure ugizwe n'abashika 60, umurwi wabonanye na Biden mu ntango z'ino ndwi.

Ameshia Cross, yahoze ari umuhanuzi mu murwi wari ujejwe imyiyamamazo ya Obama, avuga ko umurwi w'abirabure mu nama nshingamateka, co kimwe n'abirabure benshi batora, babona Biden nk'umukuru w'igihugu yitayeho uburenganzira bw'abanyagihugu, ibitandukanye n'umukeba wiwe, Trump.

Ati: "Baratahura ingorane bogira mu gihe Donald J Trump ari we yoba umukuru w'igihugu. Uyu ni umuntu arwanya ubudasa, uburunganire n'utwigoro two gushira abantu hamwe".

Biden arashigikiwe n'abanyaporitike batari bake bo ku ruhande rw'abashigikiye impinduka, harimwo umushingamateka wa New York Alexandria Ocasio-Cortez be n'umukenguzamateka Bernie Sanders wo mu ntara ya Vermont, aba bompi bakaba bahora banegura Biden ku migambi yiwe bafata ko yari iyo kwiyorosha cane.

Umupfasoni Cross avuga ko benshi bazi ingorane zohaba ku burenganzira bw'abanyagihugu n'aba-LGBTQ (abo mu murwi w'abahuza ibitsina bisa), hamwe no mw'ihidangurika ry'ibihe, ari nka hamwe Trump yoba umukuru w'igihugu.

Ati: "Ibi ni ibintu ngirakamaro ku ruhande rw'abaharanira uburinganire, kandi umukuru w'igihugu yarahagarariye ibi bintu".

Gushika ubu, abenshi mu bashigikiye Biden ni abanyaporitike barondera gusubira kwitoza mu turere twizewe cane n'aba-Democrats, gusumba mu bafise impungenge ko Biden ashobora gutuma batakaza amahirwe mu turere tugoye.

Rosenberg avuga ko Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu) "itegerezwa kwumva impungenge zabo kandi ikazitorera umuti mu buryo nyabwo".

Nubwo abandanya asabawa gukinjura, ibiharuro ngereranyo biheruka vyerekana ko Biden ataratakaza amajwi, aho umwihwezo uherutse gukorwa na Washington Post, ABC News hamwe na Ipsos werekana ko ibiharuro hagati ya we na Trump vyegeranye cane, nk'uko vyari bimeze imbere ya ca kiyago c'impari hagati yabo.