Isuzuma rya BBC ku kiganiro ca Trump na Elon Musk kuri X

Trump yavuganye na Musk kuri X

Ahavuye isanamu, BBC News

    • Umwanditsi, Jake Horton, Mark Poynting & Lucy Gilder
    • Igikorwa, BBC Verify

Mu kiganiro c’amasaha abiri yagiranye na Elon Musk, ku rubuga X rw'uyu mutunzi ruhebwa, Donald Trump yavuze ibintu vyinshi binegurwa kandi vy’ibinyoma - ariko bikarengana uko ata nkomyi, ataco abajijwe.

Uyu mukandida mu kibanza ca perezida wa Republika yagarutse ku vyiyumviro nyamukuru (insanganyamatsiko) bimenyerewe mu kanwa k'abiyamamaza, nk'ikibazo c'abinjira n'abasohoka mu buryo butemewe n'amategeko ndetse n'iduga ry'ibiciro, ariko anavuga ku bijanye n'ihindagurika ry'ikirere.

BBC Verify (igisata ca BBC gihinyuza amakuru gikoresheje ubuhinga bwa none) yagiye ihinyuza bimwe mu vyo avuga.

Urugero rw'amazi rwihuta kuduga gute?

TRUMP ATI: “Igiteye ubwoba gusumba si ubushuhe bukabije kw'isi, aho ibiyaga bigiye kuduga kimwe ca kane c'isantimetero mu myaka 400 iri imbere.

UKURI: Ukurikije ibiharuro vy'iteganyagihe, Trump arasuzugura cane izamuka ry’amazi y'ibiyaga, afata ko atari ikibazo.

Igisata mpuzamakungu citaho igendereza ry'ibihe n'ubumenyi bw'ikirere, kivuga ko mu myaka icumi yo hagati ya 2014-2023, ikigereranyo c'urugero rw'amazi y'inzuzi n'ibiyaga kw'isi caduze kuri 4.8mm ku mwaka (0.19in).

Iri duga rimaze kuba rinini kuruta kimwe ca munani ca santimetero (0.13in). Trump avuga ko kizoshikirwa mu myaka 400 iri imbere.

Urugero rw'iduga ry'amazi muri kazoza biragoye kurutegekanya, kubera ko bitazwi neza uburyo ibibarafu bizoshonga vuba, kandi ubushuhe buzoba bizoterwa n’ivyuka bihumanya ikirere biva mu bikorwa vya muntu.

Umugwi w'abahinga ku bijanye n'ihindagurika ry'ikirere mw'ishirahamwe mpuzamakungu (IPCC) wagereranije ko bishoboka ko mu 2100 intambwe y’iduga ry’amazi yo mu mabahari (inyanja) n'ibiyaga kw'isi izoba iri hagati ya 0.28 na 1.01m - n'ubwo ukuduga birenze aho atawohakana ko nayo bishoboka.

Ubwiyongere bw'amazi y'ibiyaga kugera kuri metero imwe bwoshira abantu baharurwa muri miriyoni amajana mu kaga ko guhura n’umwuzure usanzwe ku nkombe, ndetse n'ibice bimwe bimwe vy'ibihugu biri hasi nka Malidives bikamirwa.

Ubwo miliyoni 20 barajabutse urubibe?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

TRUMP ATI: “Ndibaza ko miliyoni 20 z'abantu bajabutse umupaka ... Ndibaza ko haza abagera mu ma miliyoni buri kwezi.”

UKURI: Ntibishoboka kumenya neza igiharuro c’abimukira baciye mu nzira itemewe n'amategeko binjiye muri Amerika bajabuka umupaka w’amajepfo mu gihe Perezida Biden yari ku butegetsi. Amakuru yemewe yerekana ko bageze ku rwego rwo hejuru ariko atari urwo rw'ibiharuro Trump avuga.

Kuva mu kwezi kwa mbere mu 2020, ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika gishinzwe kurinda imipaka no gutoza amakori ku binjira n'abasohoka kimenyesha ko abashinzwe umutekano muri Amerika babonye miriyoni 10,1 z’abimukira binjiye mu buryo butemewe, aho abarenga miriyoni 8 muri bo bazanana ku mupaka w’amajepfo.

Ibi biharuro ntibisobanura vyanse bikunze ko abo bantu bose binjiye muri Amerika bose - bamwe bashobora kuba barasubijwe inyuma, kandi umuntu umwe ashobora kugerageza kujabuka umupaka incuro nyinshi.

Ibiharuro vyemewe birerekana ko hari ubwiyongere bugaragara mu myaka ine y'ubuyobozi bwa Trump, kandi ni nabo benshi gusumba abanditswe ko bajabutse ku bundi butegetsi ubwo aribwo bwose muri Amerika.

Inyama zirazimvye incuro 5 zose?

TRUMP ATI: “Nibaza ko mu myaka 100 ishize, ata gihe ifaranga ryari bwate agaciro kugeza nk'ubu aho ibiciro vyaduze ku buryo akanyama k'ingurube gato bakunda gukoresha mu mukate (bacon) igiciro cako cigwije incuro zine canke zitanu ugereranije no mu myaka mike iheze.

UKURI: Ibi si vyo. Ibiciro vyaraduze kugera ku rugero rwa 9.1% ku butegetsi bwa perezida Biden - nibwo bwa mbere mu myaka 41, si mu myaka 100. Igiciro c'akanyama k'ingurube (bacon), caduze ibice 17% kuva Trump avuye ku butegetsi, nti cigwije incuro zine canke zitanu.

Ibiciro vyaraduze kuva Biden agiye ku butegetsi, bishika ku rugero bitari bwashikire kuva mu 1981.

Ibi ariko vyasa n'ahandi mu bihugu (bitunze) vyo mu burengerazuba bw'isi, aho urugero rw'iduga ry'ibiciro rwari hejuru mu 2021 no mu 2022, izi zikaba zari ingaruka z'ikiza ca Covid-19 n' intambara yo muri Ukraine zaje zunyura ibintu

Bamwe mu banonosoye ivy'ubutunzi bavuga ko umugambi wa Biden wo gukoresha amafranga agera kuri tiriyari 1,9 z'ama $ mu 2021 nawo nyene wabigizemwo uruhara.

Kuva mu 2022, umurindi w'iduga ry'ibiciro muri Amerika waragabanutse, aho mu kwezi kwa gatandatu wari ku bice 3%.

Nayo ku vyerekeye akanyama k'ingurube, ku giciro ngereranyo, ikiro cagurwa hafi $1.29 mu kwezi kwa mbere mu 2021, aho Trump yava ku butegetsi, nk'uko bitangazwa n'ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe kwegeranya ibiharuro mu gisata c'abakozi n'akazi.

Ubu naho kigurwa $1.51.

Iduga ry'ibiciro muri US:

Igipimo c'ibiciro ku muguzi ku baguzi bose bo mu bisagara

Uko vyahindutse kw'i % kuva mu kiringo c'umwaka

Uko iduga ry'ibico ryari ryifashe muri Amerika kuva mu 2010
Insiguro y'isanamu, Aho vyavuye: Ibiro vya Amerika bijejwe ibiharuro bijanye n'akazi (US Bureau of Labor Statistics)

Trump yoba yarubatse ibirometero amajana vy'uruzitiro ku rubibe?

TRUMP ATI: "Narubatse amajana n'amajana y'ibirometero vy'uruhome ku rubibe kugirango nkingire umupaka wo mu bumanuko.

UKURI: Uburebure bw'uruhome Trump yubatse ku rubibe, ku gihe c'ubutegetsi bwiwe, buvana n'ico wifuje gupima, ariko ushizemwo uduce dushasha hamwe n'ahasubirijwe canke hagasanurwa, yubatse720 km (450 miles).

Uruhome rwo ku rubibe mu bumanuko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inzitiro zagutse ku rubibe rwa Amerika na Mexique

kivuga ko urwo ruhome rwose hamwe ruresha n'ibirometero 732 (458 miles). Ariko 136 vyonyene (85 miles) nivyo vyubatswe ku butegetsi bwa Trump.

Ibindi bice vyose ni aho bagiye barasanura canke barasubiriza inzitiro zari zihasanzwe.

Perezida Biden yarahagaritse iyubakwa rw'urwo ruhome igihe yaja ku butegetsi, ariko ubutegetsi bwiwe mu mwaka uheze bwaremeye ko hubakwa igice c'uruhome, mu nzira yo kugabanura urugero rw'abimukira binjira mu gihugu.

Ico gice c'uruzitiro rwemewe kwubakwa ku butegetsi bwa Biden kingana na 32km ( 20miles) ku rubibe rwo mu bumanuko ku nkengera za Texas.

BBC Verify logo