Uwahoze ari umukuru w'Ubufaransa Sarkozy yarekuwe inyuma y'indwi zitatu mw'ibohero

Ifoto ya Sarkozy

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Sarkozy yabwiye sentare ku wa mbere ko atigeze agira ''iciyumviro c'ibisazi'' bwo gusaba umuhisi Muammar Gaddafi yatwara Libya
    • Umwanditsi, Laura Gozzi

Uwahoze ari umukuru w'Ubufaransa, Nicolas Sarkozy, yemerewe kurekurwa ataraheza ikiringo, inyuma y'indwi zitatu atanguye igihano co gupfungwa imyaka itanu kubera uruhara yagize mu gufatanya n'umugambi icaha.

Azoguma akurikiranwa n'ubutungane mu buryo bukomeye kandi azoba ntozoba arekuriwe kuja hanze y'Ubufaransa.

Imodoka ya Sarkozy yabonetse iva mw'ibohero rya La Santé muri Paris, ata saha ihaciye sentare yemeye kumurekura atarangije igihano. Inyuma y'aho gato, yabonetse ashitse i muhira iwe mu burengero bw'umurwa mukuru Paris.

Ku wa 21 Gitugutu(10), Sarkozy, afise imyaka 70, yakatiwe imyaka itanu y'ugupfungwa kubera uruhara rrwiwe mu kurondera amafaranga y'ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza mu matora mu 2007 ku wahoze ari umukuru wa Libya Muammar Gaddafi.

Abashingwamanza biwe baciye banyaruka gusaba ko arekurwa.

Christophe Ingrain, umwe mu bashingwamanza wa Sarkozy, yashimye irekurwa ry'umukiriya wiwe nk'''intambwe imbere'' aca avuga ko ubu agiye kwitegurira urubanza rwo kwunguruza ruzoba mu kwezi kwa Ntarante(3).

Imwe mu ngingo zijanye n'irekurwa ryiwe ni uko atemerewe kuvugana n'abakozi bo mu bushikiranganji bw'ubutungane.

Mu gihe yari afunzwe , yaragendewe n'umushikiranganji w'ubutungane Gérald Darmanin. Ivyo vyatumye abashingwamanza 30 bo mu Bufaransa bitwarira Darmanin berekana ko bitajana n'akazi kiwe kuko Sarkozy yahora akorana na Sarkozy kandi akaba ari umugenzi wiwe.

Avugira muri sentare biciye ku buryo bwa video, Sarkozy yavuze ko umwanya yamaze apfunzwe yari ukwa wenyene.

Umushikirizamanza Damien Brunet yatanze inama y'uko ubusabe bwa Sarkozy bwo kurekurwa imbere y'igihe bwemerwa, ariko ko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu atemererwa kuvugana n'ayandi masura muri iyo dosiye yiswe iya Libya.

Sarkozy, yama yemeza ko ata caha yakoze, yabwiye ubutungane ko atigeze aniyumvira " ico ciyumviro c'ibisazi" co gusaba amafaranga Gaddafi, kandi yongerako ko "ata na rimwe azokwigera yemera ico atakoze."

Yashimiye kandi abakozi b'ibohero bamufashije kugira ubuzima bwo mw'ibohero ashobore kubwihanganira, avuga ko "berekanye ubuntu budasanzwe."

Umugore wiwe, umuririmvyi akaba n'umunyamideli Carla Bruni-Sarkozy, hamwe n'abahungu biwe babiri bari mu buntungane kumushigikira.

Abahungu ba Nicolas Sarkozy

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abahungu ba Sarkozy, Jean na Pierre, bari muri sentare ku wa mbere
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sarkozy ni we mukuru w'igihugu wa mbere w'Ubufaransa yafunzwe kuva igihe ca Philippe Pétain, yigeze gufungwa yagirizwa icaha co guhemukira igihugu mu 1945.

Kuva yinjijwe ibohero, yari afungiwe mu cumba ukwa wenyene, hakaba hari abamucungera babiri.

Yari afise akazu ka surwumwe, imeza y'ibiro, ishiga ry'umuyagankuba ryo gutekako na tereviyo ntoya - ivyo vyose akaba yabiriha ama euro 12 ku kwezi - akaba yari afise kandi aga frigo.

Yari afise kandi uburenganzira ku makuru yo hanze no kuramutswa n'abo mu muryango no gutunga terefone - ari mu vy'ukuri yari apfungiwe ukwa wenyene. Yari afise isaha imwe yo kwinonora imitsi, ari wenyene mu kigo c'iryo bohero.

Sarkozy yarongoye igihugu hagati ya 2007 na 2012. Inyuma y'aho aviriye ku butegetsi, akurikiranwa n'ivyaha bitandukanye, kandi mu mezi menshi yategerezwa kwambara umuringa ku jisho ry'ikirenge kerekana aho aba ari buri gihe inyuma yo kwagirwa n'icaha co gushaka guha igiturire umucamanza kugira ngo amuhe amakuru y'ibanga yerekeye urundi rubanza.