Nicolas Sarkozy yaciriwe gupfungwa imyaka itanu mu rubanza rw'amafaranga ya Libya mu myiyamamazo

Nicolas Sarkozy ashitse kugira asomerwe ingingo yafatiwe na sentare mu rubanza rw'ivyaha vy'ibiturire no gukoresha amafaranga atemewe n'amategeko mu kwiyamamaza ajanye n'intererano ivugwa ko yatanzwe na Libya ku matora yatsinze muy 2007, kuri sentare i Paris, ku wa 25 Nyakanga 2025.

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, George Wright

Uwahoze ari Perezida w'Ubufaransa, Nicolas Sarkozy, yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka itanu inyuma yo kwagirwa n'icaha co gufatanya [n'abandi] mu gucura umugambi w'ikibi mu rubanza rujanye no kwakira miriyoni z'amafaranga y'Abanyaburaya (Euro) y'intererano itemewe n'amategeko atanzwe n'uwari umukuru wa Libya, Col Muammar Gaddafi.

Sentare mpanavyaha y'i Paris yamugize umwere ku bindi vyaha vyose birimwo ibiturire bidasabwe mu buryo bweruye n'amafaranga yo kwiyamamaza ateye kubiri n'amategeko.

Sarkozy, avuga ko uru rubanza rushingiye ku mvo za poritike, yagirijwe gukoresha amafaranga yavuye kwa Gaddafi mu bikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza mu 2007.

Nawe mu gusubiza mu ndumane, ubushikirizamanza bwaciye buvuga ko Sarkozy yemeye gufasha Gaddafi kurwanya gufatwa nk'umuntu yahariwe ivomo mu bihugu vya Buraya na Amerika.

Sarkozy, w'imyaka 70, yabaye perezida w'Ubufaransa kuva 2007 kugeza 2012.

Umucamanza Nathalie Gavarino yavuze ko Sarkozy yemereye abajanama biwe ba hafi kuvugana n'abayobozi ba Libya mu ntumbero yo kuronka imfashanyo y'amafaranga yo kwiyamamaza.

Ariko sentare yemeje ko hatagira ibimenyetso bihagije vyerekana ko Sarkozy ari we yungukiye muri ayo mafaranga yo kwiyamamaza atemewe n'amategeko.

Yakatiwe gupfungwa imyaka itanu. Bivuga ko azokwinjira ibohero naho yokwunguruza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yanategetswe kuriha ihadabu ry'amafaranga y'Abanyaburaya 100.000.

Sarkozy ashobora kurungikwa mw'ibohero i Paris mu misi iri imbere – ubwa mbere bibaye ku wahora ari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, n'akamaramaza ku muntu yagumye avuga ko ata caha afise muri urwo rubanza no mu zindi manza akurikiranwako.

Amatohoza yatanguye mu 2013, inyuma y'imyaka ibiri Saif al-Islam, umuhungu w'uwari umukuru wa Libya ico gihe, yagirije ubwa mbere Sarkozy ko yakiriye miriyoni z'amafaranga ya se mu guterera mu myiyamamazo yiwe.

Mu mwaka wakurikiye, umugwizatunga w'umunya-Liban Ziad Takieddine - yamaze igihe kinini akora nk'umuntu wo gucako hagati mu migenderanire hagati y'Ubufaransa n'Uburasirazuba bwo Hagati - yavuze ko afise icemezo canditse cerekana ko imyiyamamazo ya Sarkozy yakoresheje cane intererano ya Libya, kandi ko ayo mafaranga ashika miriyoni 50 z'ama euro yabandanije gutangwa n'aho amariye kuba umukuru w'igihugu.

Mu bandi bagirijwe muri urwo rubanza harimwo abahoze ari abashikiranganji b'intwaro yo mu gihugu hagati Claude Gueant na Brice Hortefeux. Sentare yasanze Gueant yagirwa n'ibiturire, mu bindi vyaha, hanyuma Hortefeux nawe yagirwa n'icaha co gucura umugambi w'ikibi.

Umugore wa Sarkozy, umunyamideri akaba n'umuririmvyi yavukiye mu Butaliyano Carla Bruni-Sarkozy, mu mwaka uheze yagirijwe kunyegeza ivyemezo bijanye n'urwo rubanza rwa Gaddafi no gufatanya n'abagizi ba nabi kugira hakorwe amanyanga, ivyaha vyompi ahakana.

Kuva atsinzwe amatora yo guhiganirwa ikiringo ca kabiri mu mwaka wa 2012, Sarkozy amaze gukorwako amatohoza menshi y'ivyaha.

Yarunguruje ku rubanza yaciriwe muri Ruhuhuma mu 2024 aho yagiriwe n'icaha co gukoresha amafaranga y'umurengera mu myiyamamazo yiwe yo gusubira kwitoza mu 2012, akaba yaciye aha akazi ikigo co kumenyekanisha kugira abifukire. Yakatiwe gupfungwa umwaka umwe, harimwo amezi atandatu atari mu munyororo.

Mu 2021, yagiriwe n'icaha co kugerageza guha igiturire umucamanza mu 2014 maze aba uwa mbere yahoze ari umukuru w'igihugu w'Ubufaransa ahawe igihano co kuja mu munyororo. Muri Kigarama (12), sentare y'iyungururizo ya Paris yafashe ingingo ko ico gihano ashobora kugikorera i muhira yambaye agakoresho kerekana aho ari buri gihe aho kuja mu munyororo.