EU yagumije ibihano ku ntwazangabo y'u Burundi

Isanamu yerekana abapolisi bafise inkinzo y'idokari y'igipolisi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihano vya EU vyandurutse ku mpari zo mu 2015, zerekeye kwitoza mu kindi kiringo, kw'umuhisi perezida Pierre Nkurunziza
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari mu Bubirigi

Joseph Mathias Niyonzima batazira Kazungu, intwazangabo mu biro vy’iperereza ry’Uburundi yaraye yongeye gufatirwa ibihano vyo kudahonyoza ikirenge mu bihugu vy’Ubumwe bwa Bulaya, nayo umutungo ahafise ugafatirwa.

Ivyo biri mw’itangazo ry’Ubumwe bwa Bulaya, ryashizweko umukono kuwa 21 Gitugutu (10) 2024, ryagiye ahabona kuri uno wa gatatu.

Mu kiganiro Maria Daniela Lenzu ajejwe igisata co kumenyesha amakuru ku cicaro c’Ubumwe bwa Bulaya i Buruseli mu Bubiligi yahaye BBC Gahuzamiryango, yashimangiye ibiri muri iryo tangazo.

Umupfasoni Lenzu yemeje ko Ubumwe bwa Bulaya bwasanze ko Joseph Mathias Niyonzima batazira Kazungu, umukozi mukuru mu biro bikuru vy’igendereza yogumizwako ibihano kubera inyifato yiwe.

Agifatirwa ibihano mu 2015, Ubumwe bwa Bulaya bwamwagirije kubangamira demokarasi mu gufasha kwigisha umutwe witwara nk'igisirikare w'Imbonerakure mu gutunganya ibikorwa vyazo no kubaha ibigwanisho.

Yemeje ko mu bantu bane bari bafatiwe ibihano hasigaye uwo Joseph Mathias Niyonzima gusa, abandi batatu barimwo umushikiranganji wa mbere wa leta y'Uburundi Gervais Ndirakobuca babikuweko mu 2023.

Uwufatiwe ibihano ntiyemerewe guhonyoza ikirenge mu bihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya hanyuma amatungo yiwe canke ay’umuryango wiwe ari mu bihugu bigize uyu muryango agafatirwa.

Maria Daniela Lenzu avuga ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya rigumiza ijisho ku Burundi mu bijanye no kwubahiriza uburenganzira bwa muntu n’ugutsimbataza demokarasi.

Ku kibazo c’ibihano mu vyerekeye ubutunzi Uburundi bwafatiwe naho nyene avuga ko atakirahinduka naho ibiganiro bibandanya hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Bulaya.

Yemeje ko ibintu bizoguma uko kuri Kazungu gushika mu kwezi kw’icumi mu mwaka uza wa 2025 hasubiye kuba uwundi mwihwezo.

Izo ngingo zari zafashwe mu 2015 biturutse ku ntureka za poritike zazananye n’ikiringo ca gatatu kitavuzweko rumwe c’umuhisi perezida Pierre Nkurunziza.

BBC Gahuzamiryango yarondeye Therence Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubiligi na Luxembourg aho iyo ngingo yafatiwe atumenyesha ko ivyo abizi naho atarabimenyeshwa ku mugaragaro.

Mu butumwa bugufi buciye kuri telefone yatubwiye ko hakiri kare ko yogira ico abivuzeko ariko yemeza ko iyo ngingo naho yafashwe hari n’iyindi yari yafashwe imbere yayo yo gukura ibihano kuri bamwe mu bategetsi bari babifatiwe.