Burundi-EU: ‘Abashingamateka ba Bulaya ntibazi ingene ibintu vyifashe’, Nyamitwe

EU- Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare House

Insiguro y'isanamu, Ku wa 07/12/2020, Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yarahaye umubonano uwuserukira ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, intambwe ya mbere mu kunagura imigenderanire

Umukuru w'igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Ambasaderi Willy Nyamitwe abona ko abashingamateka ba Bulaya batazi ingene ibintu vyifashe mu Burundi.

Ibi abivuga inyuma y'urwandiko rwa bamwe mu bashingamateka ba Bulaya barungikiye uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, Josep Borrell Fontelles, bamusaba ko ahagarika utwigoro two kwegera ubutegetsi bw'iki gihugu mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati y'izi mpande zompi.

Mu kwishura abo bashingamateka, Willy Nyamitwe yibutsa abo bashingamateka ko bariko bavugira abari ku rutonde rw'abakurikiranwa n'ubutungane ku ruhara bagize mu vyabaye mu 2015.

Imigenderanire hagati y'Uburundi n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya (UE/EU) yaratitutse kuva mu 2015 biturutse ku ngingo ya nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo ca gatatu cateye impari nyinshi.

Izi ndyane nizo zatumye mu 2016, ishirahamwe rya Bulaya rihagarika imfashanyo ryaha Uburundi, rikagiriza ubutegetsi ivyaha bitandukanye bishingiye cane cane kw'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, ivyo reta y'Uburundi yame yamirira kure.

Uru rwandiko rwanditswe n'abashingamateka 43 ku barenga 700 bagize inama nshingamateka ya Bulaya ruvuga ko ivyatumye iri shirahamwe rifatira ibihano Uburundi bikihari kandi ko "ivyo kuvaho biri kure nk'ukwezi".

Kubw'abo bashingamateka, "ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, kunyuruza abantu, ihohotera rishingiye ku gitsina, kuboreza igufa, gupfungira abantu ubusa, cane cane abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, biraciraye mu gihugu cose".

Abo bashingamateka 43 bagiriza abategetsi bo hejuru, "harimwo n'umukuru w'igihugu, umukuru w'inama nshingamateka, umushikiranganji wa mbere n'umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD", ko bakoresha imvugo y'ukubiba urwanko, bakavuga ko iteye impungenge kuri kazoza k'igihugu n'akarere.

Bati: "Ukunagura ibiganiro n'imigenderanire hagari ya EU n'Uburundi ni nkenerwa cane ariko ntiharagera mu gihe reta itarerekana ko ifise ishaka ryo gutsimbataza uburenganzira bwa muntu mu gihugu".

Kuva mu 2015, sibwo bwa mbere iri shirahamwe ryagiriza reta y'Uburundi ibirego nk'ibi vyamye vyiyamirizwa n'ubutegetsi b'Uburundi.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter yishura aba bashingamateka, Ambasaderi abona ko bamwe muri aba bashingamateka bateye igikumu ku vyo batazi.

Ambasaderi Nyamitwe agira ati: "Bamwe bateye igikumu batazi ko bamwe mu bo bita 'umumenyeshamakuru' canke 'uwuharanira agateka ka zina muntu' ari abashatse gutembagaza ubutegetsi bahunze, basanzwe bakurikiranwa ku vyaha bakoze mu 2015".

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Nyamitwe abona ko uru rwandiko ari ivyavuye mu bucuti buri hagati ya "bamwe mu bashingamateka ba Bulaya na bamwe mu bantu bariko barakurikiranwa n'ubutungane bw'Uburundi".

Mu bo yagiriza harimwo Maria Arena, inomero ya mbere kuri urwo rutonde rw'abo bashingamateka 43 banditse uru rwandiko.

Mu vyo basaba kugira ngo ivyo biganiro bibe, harimwo kworohereza abo bita "impunzi za p;olitike" guhunguka ataco binona, kwugurura amaradiyo yasambuye harimwo RPA, bonesha n'imboneshakure Renaissance.

Aba bashingamateka basohoye uru rwandiko inyuma y'amezi hafi abiri Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yakiriye mu biro iwe uwuserukira ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya ari kumwe na bamwe mu baserukira ibi bihugu, mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati y'izi mpande zompi.

Ni inyuma y'aho kandi ku wa mbere w'iyi ndwi umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire, Albert Shingiro, agiraniye inama i Bujumbura n'abahagarariye ibihugu vy'ishirahamwe rya Buraya bakorera mu Burundi: Ubufaransa, Hollande, Ubudagi n'Ububiligi, mu nama bise ''ibiganiro vya politike''.

Ibiro vy'ubuserukizi bw'iri shirahamwe mu Burundi, ntaco buravuga kuri uru rwandiko.