Intambara ya Sudani: Abaganga bakubiswe inyuma y'igitero ku modoka barimwo - MSF

MSF

Ahavuye isanamu, MSF/REUTERS

Insiguro y'isanamu, MSF iravura abakomeretse hirya no hino mu gihugu ca Sudani

Abaganga bo ku mugwa mukuru wa Sudani barakubiswe barashaya n'abantu bitwaje ibigwanisho bateye urukurikirane rw'imodoka barimwo, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe MSF.

Umugwi w'abaganga wari utwaye ibikoresho ku bitaro vy'aba Turkia mu bumanuko bwa Khartoum, igihe baterwa ku musi wa kane, imwe mu modoka yabo iribwa.

Kuva intambara yadutse hagati mu kwezi kwa kane, ni bimwe mu bitaro bibiri bigikorera mu bumanuko bw'igisagara.

Vyose bifashwe mu mugongo na MSF, ivuga ko ubu imfashanyo ibaha isa n'iyigeramiwe.

Intambara yo kugwanira ubutegetsi yo mu mezi atatu aheze hagati y'igisirikre n'umugwi witwara gisirikare wa RSF yarasambuye ibibanza vyo kuvuriramwo abantu i Khartoum.

Guterwa ubwoba bwo kwicwa

Mu gihe abantu barenga imiliyoni zitatu mu gihugu hose bataye izabo kuva mu kwezi kwa kane, abandi imiliyoni n'imiliyoni baracugaraniwe Khartoum, bagwana no kuronka imiti no kuvurwa.

MSF ni ryo shirahamwe ryonyene mpuzamakungu risigaye mu yatanga imfashanyo rikibandanya gufasha ibitaro vy'i Khartoum n'ikindi gisagara biri kumwe ca Omdurman, rifasha kuguma ribungabunga igisata c'amagara y'abantu kiri mu bibazo vyinshi haraciye imyaka irenga mirongo ibiri.

Rivuga ko rimaze kuvura abantu barenga 1.600 muri ivyo bitaro kuva intambara yadutse.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko iryo shirahamwe riragabisha ko ibi bishobora guhagarara kubera umutekano uguma uba mubi gusumba, aho kenshi abakozi bayo batewe.

Mu gitero co ku musi wa kane, abitwaje ibigwanisho babanje guharira n'abantu 18 bari muri izo modoka za MSF zari zigizwe n'amakamyo ane atwaye ibikoresho vyo kwa muganga.

Uretse gukubitwa, abitwaje ibigwanisho barateye ubwoba umwe mu bashoferi bwo kumwica imbere yo kumurekura no kugenda bivye imwe muri izo modoka.

Mw'itangazo rya MSF, Christophe Garnier agira ati:"Mu gihe ibi vyosubira kuba, no mu gihe ubushobozi bwacu bwo gutwara imfashanyo bwobandanya kuburizwamwo, ico gihe, ntibizoba bigikunze ko tuguma muri ivyo bitaro vy'aba Turkia.".

Ivyo vyabereye mu kibanza kitari kure y'ibitaro, aho abagwayi amajana n'amajana, harimwo n'abaherutse gukomerekera mu bitero vy'indege, bariko baravurirwa.

MSF igira iti:"Ku musi ku musi, ibi bitaro vyakira abantu boba bashika 15 bakomeretse, bikababaga bikongera bigafasha kubaho abafise ingwara zidakira."

Inkuru dukesha itororokanirizo ry'amakuru rya AFP, n'uko ivyo bitaro biri mu karere kagenzurwa na RSF.