Kenya: Amerika igabisha ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasohoye itangazo rigabisha abanyagihugu bayo bari muri Kenya ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba mu gihugu.
Urwandiko rw’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika i Nairobi ruvuga ko ibibanza bihuriramwo abantu benshi bikunze kugenderwa n’abanyamahanga hamwe n’ingenzi ku mugwa mukuru Nairobi no mu tundi turere, bishobora guterwa bititeguye.
Iri tangazo rivuga riti: “Imirwi y’iterabwoba ishobora gutera amahoteri, ibiro vy’ubuserukizi vy’ibihugu, amazu y’uburiro, ibigo vy’idandarizo n’amasoko, amashure, ibigo vy’igipolisi, ibibanza vyo gusengeramwo hamwe n’ibindi bibanza bikunze kugenderwa n’abanyamahanga hamwe n’ingenzi”.
Iri tangazo risohowe inyuma y’amasaha make abategetsi ba Kenya bashize ahabona amazina y’abagabo batanu baronderwa kubera imigenderanire bafitaniye n’umuhari al-Shabab wiyitirira idini rya Islam.
Bari ku rutonde rw’abantu baronderwa cane muri Kenya bagirizwa ibitero vyakozwe mu gisagara ca Lamu kiri ku nkengera y’ibahari Indiano.
Uyu murwi w’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam wagirizwa ko ari wo wakoze ibitero ku bibanza vy’abasivire, ivy’abajejwe umutekano hamwe no ku bigo vya reta mu buraruko bwa Kenya no ku nkengera z’ibahari Indiano muri iki gihugu nyene.
Uyu muhari ufitaniye ubucuti na al-Qaeda umaze imisi utakaza bikomeye, aho wagiye wicirwa abakomanda, abarwanyi baharurwa mu majana, ukakwa n’uturere wari umaze imyaka itari mike ugenzura hagati no mu bumanuko bwa Somalia.
Abarwanyi bawo bazwi ko bagiye bajabuka urubibe rwa Kenya na Somalia bagakora ibitero mu duce tumwe tumwe twa Kenya, harimwo no ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi, vyahitanye abantu abandi nabo bagakomereka.
Bimwe muri ibi bitero ni nk’ivyabaye i Nairobi, kw’ihoteri DusitD2 muri Nzero (1) 2019 caguyemwo abarenga 20, hamwe no mu kigo c’idandarizo Westgate muri Nyakanga (9) 2013 caguyemwo abantu barenga 70.
Hanze y’umugwa mukuru, igitero c’iterabwoba kimaze guhitana abantu benshi muri iki gihugu ca Afrika y’ubuseruko ni icabaye ku wa 02 Ndamukiza (4) 2015, igihe abitwaje ibirwanisho binjira mu kigo c’ishure kaminuza mu ntara ya Garissa, Garissa University College, kigahitana abantu 148, abandi nabo 79 bagakomereka.










