Imvo n'Imvano na Sylvana Ntaryamira inyuma y'imyaka 30 umugabo wiwe Prezida Ntaryamira agandaguwe

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano na Sylvana Ntaryamira inyuma y'imyaka 30 umugabo wiwe Prezida Cyprien Ntaryamira agandaguwe
Imvo n'Imvano na Sylvana Ntaryamira inyuma y'imyaka 30 umugabo wiwe Prezida Ntaryamira agandaguwe

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze muri iki kiganiro c’Imvo n’imvano co kuri uyu wa gatandatu itariki 6 ukwezi kwa kane umwaka wa 2024.

Kuri uyu musi wa gatandatu, imyaka 30 irarumanye umuhisi Prezida Cyprien Ntaryamira yatwaye Uburundi kuva kw’itariki 5 z’ukwa kabiri gushika itariki 6 z’ukwa kane mu 1994, yishwe arasiwe mu ndege yari imureruye ari kumwe na mugenzi we w’Urwanda Juvénal Habyarimana, ku kibuga c'Indege c'i Kigali mu Rwanda, i Kanombe.

Iyo hageze uwo musi, mu Burundi haba ari umusi w’akaruhuko wo kwibuka uwo muhisi yari yashikirijwe ubutegetsi inyuma y’ibiganiro vya Kigobe na Kajaga vyahuza abari batembagaje ubutegetsi bwa Prezida Melchior Ndadaye hamwe n’abategetsi bakomoka mu mugambwe Sahwanya - FRODEBU bari bacitse kw’icumu harimwo na Cyprien Ntaryamira, inyuma yo kugandagurwa kwa Melchior Ndadaye, umukuru w'igihugu wa mbere yatowe ku ntwaro ishingiye ku migambwe myinshi, hamwe n’abafasha biwe.

Umuryango wa Prezida Cyprien Ntaryamira mu maziko ye
Insiguro y'isanamu, Sylvana Ntaryamira (i bubamfu) ari kumwe n'abandi bamwe mu bo mu muryango wa Prezida Cyprien Ntaryamira mu maziko ye, kw'itariki ya 16 Ndamukiza (4) mu 1994

Iyi myaka 30 irangiye hakiri igipfungu ku rupfu rwa Prezida Ntaryamira. Ntiharamenyekana abamwishe n’ico bari bagamije.

Umuryango uvuga ko ata mukuru w’igihugu n’umwe yatwaye Uburundi inyuma y’urupfu rwiwe utaregera usaba ko bofasha kugira haboneke umuco ku bahitanye Prezida Ntaryamira, mugabo ngo nta nyishu barabona. Natwe turacabandanya kurondera reta y’Uburundi kugira itubwire ico iriko irakora kugira haboneke umuco kw’iyicwa ry’uwo mutegetsi.

Uwo muryango uvuga ko ikibabaje gusumba ari uko kandi gushika n’ubu ata ndishi y’akababaro uraronswa, n’aho ishirahamwe ry’ubwishingizi ryo mu Rwanda, SONARWA, ryo ryemeza kandi ryaneretse umuryango ko amahera bari bagenewe yatanzwe.

Muri kino kiganiro turi kumwe n’umusigwa wiwe, Sylvana Ntaryamira, bukaba bubaye ubwa mbere avugishije BBC kuri iki kibazo muri iyi myaka 30 iheze, akaba agiye kuduha umuco ku bibazo bitandukanye abantu bibaza kuri uyu mukuru w’igihugu yamaze umwanya muto ku butegetsi.

Muri kumwe na Cyriaque Muhawenayo.