Isi iriko irirengagiza jenoside iriko irabera muri Sudan - Umuhinga wa ONU

Intmbara mu gisagara ca El Fasher

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Intambara yasutamye impande zose zishaka kwigarurira ico gisagara
    • Umwanditsi, BBC Newsday
    • Igikorwa, BBC News

Umuhinga wa Onu aragabisha ko akarere ka Darfur muri Sudan gahanzwe n'uko hashobora kuba jenoside mu gihe amaso y'amakungu ari ku ntambara zibera muri Ukraine na Gaza.

Umuhanuzi adasanzwe w'umunyamabanga mukuru wa Onu ku kibazo ca jenoside, Alice Wairimu Nderitu, yabwiye BBC ati:"Turafise ibigaragaza ko jenoside ishobora kuba canke ko yabaye."

Yavuze ko abasivire benshi bahigwa buhongo bafatiye ku bwoko bwabo mu gisagara co muri Sudani cugarijwe ca El Fasher, aho intambara zongerekanye muri iyi misi ya vuba.

Ishirahamwe rifasha muvyo amagara y'abantu rivuga ko abantu barenga 700 ari bo bamaze gupfa mu misi cumi.

El Fasher ni co gisagara ca nyuma kinini co mu karere ka Darfur kikiri mu minwe y'ingabo za reta.

Ingabo za reta zimaze umwaka urenga zitana mu mitwe n'umugwi witwaje ibigwanisho wa RSF (Rapid Support Forces), mu ntambara imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi, inatuma abandi amamiriyoni bata izabo.

Nderitu avuga ko ibintu bitera biganisha kuri jenoside "nk'iyabaye mu Rwanda" mu 1994, asubiramwo umwihwezo wa Onu ku bintu bishobora kuyitera bigenda vyiyongera.

Yongeyeko ati:"Ukwiyongera kw'intambara i El Fasher vyuguruye ikiringo co kugaba muri ayo matati.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ndateye akamo ko kugaba kuri iyi ntambara idasanzwe. Nagumye ngerageza gusemerera ariko ijwi ryanje riguma rinigwa n'izindi ntambara - muri Ukraine no muri Gaza."

Icegeranyo c'iryo shirahamwe kivuga ko guhonya ubwoko hamwe n'ivyaha bikorerwa zina kiremwa muntu vyakozwe ku bantu bo mu bwoko bw'aba Massalit n'imigwi y'abantu atari abarabu mu karere kagenzurwa na RSF hamwe n'abarabu babashigikiye.

Ishirahamwe HRW ritera akamo ko gufatira ibihano abafise uruhara muri ayo mabi, harimwo umukuru wa RSF, Mohammed Hamdan Dagalo, azwi kw'izina rya Hemedti.

Iyi ntambara yandurutse ku matati yo kuva kera afatiye ku butunzi kama hagati y'imigwi itari iyo abarabu itunzwe n'uburimyi n'abarabu batunzwe n'ubworozi.

BBC yarumvise inkuru zitangwa n'abahaba bavuga ubwoba n'impfu biharangwa mu gihe intambara ibandanya kubica bigacika ata n'icizere ko igiye guhagarara.

Internet yaracitse bigatuma kugera muri ico gisagara bigorana, mu gihe abasirikare ba RSF bacugarije ico gisagara.

Onu ivuga ko hari ubwoba ko abantu 15.000 boba bariciwe mu gisagara ca El Geneina kiri mu burengero bwa Darfur mu mwaka uheze.

Mu kwezi kwa Ruheshi (6) guheze, umukuru w'iyo ntara Khamis Abakar yarishwe, inyuma y'amasaha make yagirije RSF ko iriko iragira jenoside. Ni we mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru azwi ko amaze kwicwa kuva iyo ntambara yadutse mu kwezi kwa kane.

RSF ivuga ko ata ruhara ifise mu co yise "intambara y'amoko" muri Darfur.

Uwo muhari wavuye muwahoze witwa Janjaweed wagirijwe gukora jenoside no guhonya ubwoko bw'abatari abarabu i Darfur mu 2003, inyuma y'aho imigwi imwe ifatiye ibigwanisho, yagiriza reta ko yirengagiza ako karere.