Sudani: Ni ibiki biriko bibera mu gisagara ca kabiri c’igihugu, Wad Madani, cafashwe na RSF?

Abahunga

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Mohamed Osman na Amal Saeed
    • Igikorwa, BBC News, ururimi rw'icarabu

Mu gitondo co ku wa 15 Kigarama (12), ingabo zirenga cumi zari mu modoka za gisirikare zarateye Madani, igisagara kigira kabiri mu bwinshi bw’abantu muri Sudani, inyuma y’umugwa mukuru, Khartoum. Izi ngabo zari iz’umuhari Rapid Support Forces (RSF), umurwi witwara gisirikare urwanya igisirikare ca Sudani kuva mu kwa kane.

Inyuma y’imisi itatu, RSF yatangaje ko yigaruriye Wad Madani. Intambara zimaze gutesha izabo abantu barenga 300.000, nk’uko bivugwa n’ishami rya ONU rijejwe abimukira, International Organization for Migration (IMO). Abenshi muri bo bahunze imishamirano y’i Khartoum amezi makeya imbere y’aha.

None ni kubera iki Wad Madani ari igisagara kirumara ku mpande zihanganye muri Sudani?

Igisagara ngirakamaro

Wad Madani ni igisagara kigira kabiri ca Sudani mu bwinshi bw'abantu kandi ku mpande zompi zihanganye ni igisagara ngirakamaro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Wad Madani ni igisagara kigira kabiri ca Sudani mu bwinshi bw'abantu kandi ku mpande zompi zihanganye ni igisagara ngirakamaro

Igisagara ca Wad Madani, umugwa mukuru w’intara ya Al-Jazira, kiri ku birometero 175 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Khartoum. Hampande y’abanyagihugu 700.000 gitunze, gihaye indaro kandi abantu barenga 86.000 bakuwe mu vyabo n’intambara ibandanya hagati y’igisirikare ca Sudani na RSF.

Iki gisagara ni co kirimwo ikambi ya mbere y’igisirikare ca Sudani kirwanira ku butaka (Première Division d'infanterie/First Infantry Division), ivyatumye ifatwa rya Wad Madani riba intsinzi ikomeye cane kuri RSF.

Al-Jazira ihana urubibe n’izindi ntara zitatu nyamukuru zigenzurwa n’igisirikare – ari zo White Nile, Senar, na Gadaref.

Abdullah Mohamed Ahmed, umukukuruke wo ku rwego rwa jenerali mu gisirikare ca Sudani akongera akaba n’umuhinga mu vya gisirikare avuga ati: "Ibi biha RSF amahirwe yo kwigarurira izi ntara na zo nyene.

"Ibigo vya gisirikare hamwe n’amasasu RSF yafashe i Wad Madani bizoyibera ibindi bibanza vyo kwinjirizamwo abarwanyi no gutangiramwo inyigisho za gisirikare. Bizoba kandi aho guhera mu kwigarurira utundi turere”.

Wad Madani ni yo kandi irimwo ibigo nyamukuru vy’intara bijejwe amagara y’abantu, harimwo ikigo ca mbere kinini muri Sudani kivura ingwara ya kanseri. Iki gisagara cahoze ari ihuriro ry’amashirahamwe nyamukuru ajejwe ubutabazi yahunga ava i Khartoum igihe intambara itanguriye, haraciye amezi umunani.

Ariko kuva kuva RSF yigaruriye Wad Madani, vyaciye biba ngombwa ko ano mashirahamwe ahava, akimukira mu bisagara bitari bike biri mu micungararo.

Ikindi gice c’abahunga

Intambara i Wad Madani zatumye abababa 300.000 bata izabo, nk'uko bivugwa na OIM/IOM

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Intambara i Wad Madani zatumye abababa 300.000 bata izabo, nk'uko bivugwa na OIM/IOM
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ONU, mu ndwi iheze, abantu barenga 300.000 barahunze Wad Madani n’uturere turi mu micungararo.

Khadeja, nyina w’abana batanu, yari yahunze intambara zo muri Khartoum mu mezi indwi yonyene aheze. Ibintu vyari bitanguye kuja ku murongo kuri we n’umuryango wiwe, gushika mu ndwi iheze.

Igihe intambara yaduka i Wad Madani, yaciye amenya ko yategerezwa gusubira guhunga.

Ati: "Nafashe abana twinjira mu modoka kugira ngo idushikane ku gituro c’amabisi [bus]”.

"Kuva ng’aho, twafashe iyindi modoka kugira ituvane mu gisagara. Umudereva namuhaye udufaranga twa nyuma nari nsigaranye”.

Khadeja avuga ko yabonye imiryango iharurwa mu majana ihunga n’amaguru, yikoreye utwo yashobora gutwara.

Amaze gushika mu gisagara ca Sennar, kiri ku birometero vyababa 100 mu bumanuko bwa Wad Madani, Khadeja avuga ko ibintu bimeze nabi cane gusumba ingene vyari bimeze i Wad Madani.

Ati: "Twatse indaro mw’ishure mu micungararo y’igisagara. Nta mfungurwa, nta mazi. Turyama hasi.

"Igihe twari Wad Madani twari dufise aho dukika umusaya, kandi hoho twararonka imfungurwa tukanavurwa”.

Abantu batahunze

Abanyagihugu batari bake baratimvye baguma muri Wad Madani, n'aho bishobora kubabera akaga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu batari bake baratimvye baguma muri Wad Madani, n'aho bishobora kubabera akaga

None bimeze gute ku bantu bafashe ingingo yo gutimba bakaguma i Wad Madani?

Abd-Elhamid (si ryo zina ryiwe nyaryo), umwigisha mw’ishure kaminuza aba mu buraruko bw’igisagara, yabwiye BBC ko yanse guta inzu yiwe.

Ati: "Nakuriye i Wad Madani kandi sinzohava. N’aho ibintu vyoba nabi gute”.

Abd-Elhamid avuga ko habaye ibihe biteye ubwoba bwinshi cane inyuma y’aho ingabo za RSF zishikiye mu karere abamwo.

Uno mwigisha avuga ko ubu izi ngabo “zinyagara hose” muri Wad Madani, aho zashinze amabariyeri ku mabarabara makuru makuru hamwe no mu micungararo y’inyubakwa za reta.

Abd-Elhamid ati: "Bamwe mu barwanyi batanguye kwiba mu mamodoka no mu mazu yatawe n’abantu.

Avuga kandi ko abarwanyi ba RSF bahagarika abo bose bafatwa ko bashigikiye uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Sudani, Omar al Bashir. Bashir yakombowe n’igisirikare mu 2019.

Abd-Elhamid ati: "Amaduka arugaye, ibitaro ntibikora kandi nta gipolisi canke igisirikare vy’igihugu biharangwa. Habarizwa abarwanti ba RSF gusa”.

"Wad Madani ni igisagara capfuye".

None intambara yifashe gute ubu?

Inyuma y'amezi umunani intambara imaze, waba umuhari RSF, caba igisirikare ca reta, nta ruhande na rumwe ruriganzura urundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'amezi umunani intambara imaze, waba umuhari RSF, caba igisirikare ca reta, nta ruhande na rumwe ruriganzura urundi

Kuva intambara zadutse mu kwa kane, caba igisirikare ca Sudani, waba umuhari RSF, nta ruhande na rumwe rurashobora gushika ku ntsinzi nyayo ku rubuga.

RSF igenzura hafi 70% vy’umugwa mukuru, Khartoum, hamwe kandi n’intara zine kuri zitanu mu karere ka Darfur, hakiyongerako n’igisagara ca Wad Madani iherutse kwigarurira.

Ku ruhande rwaco, igisirikare ciganje mu buraruko no mu buseruko bw’igihugu kikaba kigenzura hafi 30% y’umugwa mukuru.

Harabaye utwigoro tutari duke two kugerageza kurondera ko intambara zohagarara duhagarariwe na Arabia Sawudite, Ubumwe bwa Afrika hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu mezi umunani aheze – ariko gushika ubu nta kintu na kimwe utu twigoro twose turigera dushikako.