Ukraine: Abasirikare barenga 7.000 barabuzwe irengero – ombudsman

Abasirikare batari musi ya 7200 ba Ukraine barabuzwe irengero kuva igitero c’Uburusiya gitangura, nk’uko umuhuza wa Ukraine (ombudsman/canke umuvunyi mukuru mu kinyarwanda) Oleh Kotenko abivuga.

Abenshi muri bo bari mu minwe y’Uburusiya, nk’uko yabibwiye imboneshakure yo muri Ukraine, Suspilne TV.

Umuhuza Kotenko avuga ko igisirikare ca Ukraine cari catangaje imbere y’aha ko abashika 2000 ari bo bari babuzwe irengero.

Ariko avuga ko muri kino gitigiri kinini harimwo ingabo zijejwe umutekano w’igihugu (Garde Nationale/National Guard), ingabo zijejwe gucungera imbibe, hamwe n’abakozi bo mu gisata c’umutekano.

Kotenko, umukuru w’igisata ca Ukraine kijejwe ababuzwe irengero, avuga ati: "Ikigo cacu kijejwe kwakira abahamagara ku materefone gifise abagera ku 7200”.

Avuga ko yizeye y’uko “bitebe bitebuke” bazoguzwa n’impfungwa z’intambara z’Abarusiya hanyuma bagasubizwa iwabo.

Caba igisirikare ca Ukraine, caba ic’Uburusiya, nta wuragira ico ashikirije ku mugaragaro kuri iki kibazo.

Yaba Kyiv canke Moscou, uruhande rwose ruvuga ko rwafashe mpiri ibihumbi n’ibihumbi vy’impfungwa z’intambara kuva Uburusiya buteye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) uno mwaka.

Impande zompi ziramaze guhanahana impfungwa incuro zitari nke.

Mu yandi makuru ku vyabaye ejo ku wa mbere:

  • Igisata kijejwe ubutabazi ca Ukraine kivuga ko igitigiri c’abaguye mu gitero ca roketi c’Uburusiya ku nzu y’igorofa zitanu i Chasiv Yar mu buseruko bwa Ukraine cageze ku bantu 30.
  • Abategetsi b’akarere bavuga ko abantu batandatu bishwe abanda 31 barakomereka mu gitero c’Uburusiya ku kigo c’idandarizo n’inzu ituwemwo n’abantu mu gisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine.
  • Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yateye igikumu kw’itegeko-bwirizwa ryorohereza abanya-Ukraine kuronka ubwenegihugu bw’Uburusiya.

Ashimangira ko kwisubiza uturere turi mu micungararo y’Inyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea) ari kirumara ku butunzi bw’igihugu.

Hagati aho, amajambo yiwe asa n’ayatera akamo mu kurondera ababashigikira gusumba ko yoba yerekana integuro ifadika, nk’uko abihweza ibinti n’ibindi babibona.