Dynamo yatewe impaga mw'ihiganwa BAL kubera kwanka gukina

Ahavuye isanamu, Dynamo/ X
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
Umurwi wa Dynamo wo mu Burundi watewe impaga (forfait) mu nkino za Basketball Africa League (BAL4) ziriko zibera i Pretoria muri Afrika y'Epfo.
Bikubiye mw'itangazo ryashizwe ahabona kuri uno mutaga n'abategura iryo higanwa.
Urukino rwari guhuza Dynamo na FUS Rabat yo muri Maroc uyu munsi ntirukibaye kuko Dynamo yatsinzwe impaga.
Nk'uko biri muri urwo rwandiko rw'umukuru wa BAL, Amadou Gallo Fall, Dynamo yaranse kwambara umwambaro w'ihiganwa, uriko icapa ca "Visit Rwanda", umuterankunga mukuru mw'iryo higanwa.
Ayo makuru aremezwa n'abaherekeje umurwi wa Dynamo i Pretoria.
Mu majambo make, umwe muri bo yatubwiye ati: "Ntivyatuvuyeko, twashaka gukina ariko abarongoye igihugu batwankiye, biratubabaje cane.
"Birababaje kubona twariteguye tukaba twankiwe gukina kubera ivya politike mu gihe siporo itajana na politike. Ni agahombo ku Burundi n'Abarundi."
Mu bushikiranganji bw'inkino mu Burundi tubabajije batubwiye ko bagira ico babivugako hanyuma.
Mu rukino rwa mbere rw'ejo ku wa gatandatu, Dynamo yari yatsinze amanota 86 kuri 73 ya Cape Town Tigers yo muri Afrika y'Epfo, naho nyene ikaba yakinye yafutse icapa ca "Visit Rwanda".
Ku wa gatandatu, umurwi wa Dynamo wari wategetswe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko mu Burundi, FEBABU, na leta y'Uburundi, kutambara umwambaro uriko ikimenyetso ca "Visit Rwanda", camamaza Urwanda.
Imvo ni uko Uburundi bwagiriza Urwanda guhungabanya umutekano w'Uburundi, ivyo Urwanda ruhakana.
Inyuma y'iyo ntsinzi ya Dynamo ku wa gatandatu, Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yahoze yitwa Twitter, yakeje umurwi wa Dynamo, avuga ko wateye iteka Uburundi.













