Imvo n'Imvano ku gateka ka zina mu Burundi: ni inde avuga ukuri hagati ya CNIDH n'intumwa ya ONU?

Insiguro y'amajwi,

Kaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 ukwezi kw'icenda um 2025.

Muri iki kiganiro, turabira hamwe ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Ni mugihe haheruka gutorwa abarongoye umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu bashasha muri ico gihugu, haraciye amezi atatu; no mu gihe hari impari ku kwongera ikiringo intumwa ya Onu ijejwe gukurikirana ico kibazo mu Burundi mu nama itegekanijwe mu kwezi kw'icumi.

Ghaetan Zongo avuga ko agateka ka zina muntu mu Burundi kabandanya guhonyangwa. Bimwe muvyo avuga, harimwo uburenganzira bwa politique ngo bwahonyanzwe mu matora aheruka , ukunyuruza abantu hamwe no kwica bibandanya kwiyongera.

Iyo ntumwa ya Onu ijejwe gukurikirana agateka ka zina muntu mu Burundi ivuga ko ivyo vyose biba umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi , CNIDH, urorera. Anawagiriza kuba mu kwaha k'ubutegetsi, no kudashaka gukorana na we.

Ivyo ariko CNIDH irabihakana, ikavuga ko, n'aho hari ibibazo ku gateka ka zina muntu, bitari ku rugero rwemezwa n'iyo ntumwa.

None ukuri kuri hehe?

BBC Gahuzamiryango yahaye ijambo Gaethan Zongo, intumwa ya Onu kuvyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe na Musenyeri Martin Blaise Nyaboho arongoye umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu muri ico gihugu kuri co kibazo.

Iki kiganiro kiremeshwa na Cyriaque Muhawenayo.