Imvo n'Imvano ku vyiyumviro vy'abatwandikiye ku gitabo ca Rugigana kw'igandagurwa rya Ndadaye
Mwaramutse mwese mwashimye gukurikirana ikiganiro Imvo n'Imvano yo kuri tariki ya 30 ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2024. Nyuma yo kubagezaho ikiganiro co ku wa gatandatu uheze cavuga kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, abantu benshi baratwandikiye bifuza gutanga ibitekerezo kuri ico kiganiro.
Benshi bahinyuza ivyo Général de Brigade Joseph Rugigana yavuze n’ivyo yanditse mu gitabo ciwe, mugabo hari n’abamushigikiye. Imvo n’Imvano y’uno munsi iza guha umwanya abatwandikiye bifuza gutanga ivyo bitekerezo.
Ico kiganiro cavuga ku gitabo casohowe na Général de Brigade Joseph Rugigana citwa "Ma vérité sur l'assassinat de Ndadaye", canke ukuri kwanje kw'igandagurwa rya Ndadaye.
Ico gitabo, casohowe n’umwe mu bari bajejwe gucungera ubuzima bwa Perezida Melchior Ndadaye mu 1993, kigaruka kw’igandagurwa ryiwe ku wa 21 ukwezi kwa 10 mu 1993.
Mu mvo n’Imvano y’uno munsi tuza kugaruka ku vyiyumviro vy’abatwandikiye inyuma y’ikiganiro bipfuza kugira ico bashikiriza canke babaza nyene kwandika igitabo hamwe n’uwamufashije kucandika.
Turaba kumwe na bamwe basavye ico bashikiriza, muri kino kiganiro kandi turafise abatumire ari bo Général de Brigade Joseph Rugigana nyene kwandika kino gitabo na Antoine Kaburahe arongoye iyandikiro ry’ibitabo "les éditions Iwacu", baza kwishura bimwe mu bibazo n’intererano vy’abipfuje kugira ico bashikiriza.
Iki kiganiro muragishikirizwa na Alain Majesté Barenga, kikaba gihagarariwe na Félin Gakwaya muri studios zacu za Londres.


