Imvo n'Imvano na Laurence Ndadaye ku myaka 30 ishize Prezida Melchior Ndadaye yishwe

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze muri iki kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 ukwezi kwa cumi mu 2023.
Mu Burundi, imyaka 30 irarumanye Prezida Melchior Ndadaye, yari yitorewe n’abanyagihugu mu matora rusangi yo mu 1993, atembagajwe ku butegetsi yongera aragandagurwa n’akagwi k’abasirikare. Yari amaze imisi 102 ku butegetsi.
Prezida Ndadaye yasize umupfasoni wiwe Laurence Ndadaye n’abana batatu. Abahungu babiri n’umukobwa umwe w’umuhererezi, ico gihe yari afise imyaka ibiri.
Inyuma y’iyicwa ryiwe, abarundi ibihumbi n’ibihumbi barishwe abandi benshi barahungira hagati mu gihugu n’inyuma yaco.
Umuryango wa Prezida Ndadaye uvuga ko udashima uko urubanza rw’abagandaguye Prezida Ndadaye ruriko ruragenda.
Muri kino kiganiro rero tugiye kuba hamwe na Laurence Ndadaye, aho agiye kutuyagira umucance wiwe uko yari ameze haba mu muryango canke muri politike, uko bahuye, ingene yagandaguwe, ingene we n’abana barokotse, uko yashoboye kurera impfuvyi hamwe n’ivyerekeye urubanza rw’abagandaguye umucance wiwe.
Iki kiganiro mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.