Abimukira mirongo bapfuye igihe ubwato barimwo bwazama hagufi y'inkengera ya Yemen

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Yang Tian
- Igikorwa, BBC News
Nibura abimukira 68 bapfuye inyuma y'uko ubwato bwarimwo abantu 157 bwazamye hagufi y'inkengera ya Yemen mu gihe ikirere cari kimeze nabi.
Ubu bwato bwazamye ejo ku wa Mungu bugeze hagufi y'inkengera y'intara ya Abyan iri mu bumanuko bwa Yemen, nk'uko umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira, OIM/IOM, muri Yemen, yabibwiye BBC. Avuga ko abantu 12 bashoboye gutabarwa, ariko ko hari abandi batari bake bataramenya ivyabo.
Abapfuye hafi bose ni abanya-Ethiopia, nk'uko OIM ibivuga.
Yemen ni inzira ikomeye y'abimukira bava mw'Ihembe rya Afrika batera baja mu bihugu vyo mu Kigobe kurondera ubuzima. OIM ivuga ko muri ano mezi aheze abaharurwa mu majana bapfuye canke bakaburirwa irengero mu masanganya y'amato.
Abajejwe umutekano mu ntara ya Abyan bavuga ko hatangujwe igikorwa kinini co kurondera no gutabara, kandi ko ibiziga vyinshi vyatowe ku karere kanini k'aho amazi yabisheshe.
Abdusattor Esoev arongoye OIM muri Yemen avuga ko ubu bwato bwari bwafashe inzira mbi muri ico gice c'ibahari cegereye inkengera gikunze gukoreshwa n'abakora magendo y'abantu.
Esoev ashimangira kandi ko ari nkenerwa gukomeza amategeko yo gukingira abimukira, kugira ngo bareke gukoreshwa n'abakora magendu ku nyungu zabo.
Ati: "Ico dusaba ibihugu vyose bihurikiye muri iri shirahamwe…ni ugukomeza inzira zemewe kugira ngo abantu bashobore gufata inzira zizwi n'amategeko mu kwimuka, aho gutabwa mu mutego canke guhendwa n'abakora magendo bafata izi nzira ziteza akaga".
OIM yari iherutse gutangaza ko inzira iva mw'Ihembe rya Afrika - rigizwe na Somalia, Djibouti, Ethiopia na Eritrea – ija muri Yemen ari "imwe mu nzira z'abimukira z'uruvangatirane zikoreshwa cane, ariko kandi ziteza akaga".
Muri Ntwarante (3), amato abiri yarimwo abimukira 180 yaribiye hanze y'akarere ka Dhubab muri Yemen kubera imipfunda mibi, aho babiri mu bakora muri bwo ari bo bonyene barokotse.

Abimukira bashikira ku bigo vyakira bigafasha abimukira muri Yemen nabo nyene bavuga ko abakora magendo y'abantu batera baba abanyagwangara gusumba, aho bashira n'ibigirankana amato mu nzira zitera akaga mu ntumbero yo gukwepa abagenzuzi.
Nubwo hari izi ngorane, abimukira benshi babandanya bafata izi nzira, aho abarenga 60.000 binjiye muri Yemen mu mwaka wa 2024 wonyene.
Mu myaka cumi iheze, ikigo ca OIM, Missing Migrants Project, casanze abantu barenga 3400 barapfuye abandi bakaburwa irengero – 1400 muri aba bapfuye bakaba basomye nturi.
Yemen iracahanzwe n'intambara yo hagati mu gihugu iteje akaga kuva imyaka irenga cumi iheze. Umurwi w'aba-Houthi ushigikiwe na Irani ni wo ugenzura uburaruko bushira uburengero bwa Yemen hafi bwose kuva mu 2014, igihe wirukana reta yemewe n'amakungu, ku mugwa mukuru, Sanaa.













