Ibihugu bitatu vyo muri Afrika y'uburengero vyivanye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Harry Sekulich
Burkina Faso, Mali na Niger vyatangaje ko vyivanye ubwo nyene muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, biyita ''igikoresho c'agacinyizo k'ubukoloni bushasha''.
Ivyo bihugu bitatu birongowe n'ibisirikare vyasohoreye hamwe itangazo, bivuga ko bitazosubira kwemera ububasha bw'iyo sentare ishigikiwe na ONU, ikorera i La Haye mu Buhorandi.
''CPI yarerekanye ko yananiwe no gukurikirana ivyaha vyo mu ntambara, ivyaha bikorewe zina muntu, ivyaha vya genoside, hamwe n'ivyaha vy'agasomborotso,'' niko abo bategetsi batatu bavuze.
Iyo sentare ntaco iravuga kuri iyo ngingo y'ivyo bihugu bitatu, vyose bifitaniye ubucuti bwa hafi n'Uburusiya, ubwo nabwo umukuru wabwo akaba yarasohorewe umutahe wo gufatwa n'iyo sentare.
Ivyo bihugu bitatu bivuga ko bishaka gushiraho ''inzira kama zavyo zo gukomeza amahoro n'ubutungane''.
Vyagirije CPI gutota ibihugu vy'uburyo buke, ivyo bikaba bisa n'ivyavuzwe n'umukuru w'Urwanda Paul Kagame yigeze kwagiriza CPI kubonera Afrika.
CPI yashinzwe mu 2002 kugira ikurikirane mu mategeko imanza za jenoside, ivyaha bikorewe zina muntu, ivyaha vyo mu ngwano n'agasomborotso.
Ku manza 33 imaze gutanguza kuva ishinzwe, zose kiretse rumwe zirimwo igihugu co muri Afrika.
Iyo igihugu civanye muri CPI bitangura guharurwa ko cavuyeyo neza na neza haheze umwaka kuva umunsi ONU ibimenyeshejwe.
Ibisirikare vyarigaruriye ubutegetsi muri Burkina Faso, Mali na Niger, inyuma yo gutembagaza ubwari buhari muri ivyo bihugu vya Sahel hagati ya 2020 na 2023. Ni vyo bihugu bitatu vyonyene bigize ishirahamwe ry'ibihugu vya Sahel, Alliance des Etats du Sahel (AES).
Ingabo zavyo zaragirijwe ivyaha ku banyagihugu basanzwe, igihe intureka yakomera gusumba muri ako karere mu ntambara n'imigwi y'intagondwa z'aba Islam ifitaniye isano na al-Qaeda na Etat Islamique.
Mu yindi ngingo nayo nyene vyumvikanyeko muri uyu mwaka nyene, ivyo bihugu vyarivanye icarimwe mw'ishirahamwe ry'ubutunzi ry'akarere, Communauté Economique des Etats d'Afrique de l'Ouest, CEDEAO.
Vyari vyiyamirije akamo ka CEDEAO ko vyosubizaho intwaro zishingiye kuri demokarasi.
Uburusiya bwarakomeje ubucuti n'ivyo bihugu bitatu vya Sahel muri iyi myaka ya vuba, vyose bikaba vyagumye vyishira kure ya Buraya na Amerika, na cane cane igihugu c'Ubufaransa cahoze kibikoronije.
Mu 2023, CPI yarasohoye umutahe wo gufata umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin ku bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.













