CPI iratera ivyatsi ibihano vya Amerika ikaniyemeza kubandanya 'itanga ubutungane'

Donald Trump ari mu biro vyiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trump yarigeze gufatira ibihano abategetsi ba CPI mu kiringo ciwe ca mbere mu 2020
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News, White House
    • Umwanditsi, Amy Walker
    • Igikorwa, BBC News

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC/CPI, iriyemeza kubandanya igikorwa cayo co guca imanza inyuma y'aho prezida wa Amerika Donald Trump ashiriye umukono kw'itegeko rifatira ibihano abakozi bayo.

CPI ivuga ko "ishigikiye cane" abakozi bayo kandi ko iryo tegeko rifise intumbero yo kubangamira "ubwigenge no kutagira aho begamira" mu kazi kabo.

Itegeko rya Trump ryagiriza iyo sentare "gufata ingingo zitemewe kandi ata shingiro zifise", inyuma y'aho CPI isohoreye umutahe wo guhagarika Netanyahu ku vyaha vyo mu ntambara bishobora kuba vyakorewe i Gaza, Israel ihakana.

CPI ni sentare y'isi yose n'aho Amerika na Israel bitari mu banywanyi, ikaba ifise ubushobozi bwo guca imanza ku vyaha vya jenoside, ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu n'ivyaha vyo mu ntambara.

Mw'itangazo ryayo, iyo sentare igira iti: "CPI iriyamiriza itegeko rya Amerika rirondera gufatira ibihano abakozi bayo rikanagira n'ingaruka mbi ku bwigenge no kutagira aho ibikorwa vyayo vyegamira."

Yongeyeko "Iyi sentare irashigikiye cane abakozi bayo kandi yiyemeje kubandanya itanga ubutungane n'icizere ku nzirakarengane imiriyoni n'imiriyoni bahohotewe hirya no hino kw'isi, mu bintu vyagiye birashika ubu biriko birihwezwa muri iyo sentare."

Muri iyi myaka ya vuba iheze, iyo sentare yarasohoye imitahe yo guhagarika prezida nw'Uburusiya Vladimir Putin ku vyaha vyo mu ntambara muri Ukraine, umukuru w'aba Taliban ku caha co "gutoteza abakobwa n'abagore bo muri Afghanistani" hamwe n'umukuru w'igisirikare ca Myanmar ku vyaha vyakorewe aba Islam bo mu bwoko bw'aba Rohingya.

Amerika na Israel si abanywanyi b'iyo sentare ariko ibihugu birenga 120 biri muri yo, harimwo Ubwongereza hamwe n'ibihugu vyinshi vya Buraya.

Trump yashize umukono kuri iryo tegeko mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yari mu rugendo i Washington.

Gaza

Ahavuye isanamu, Reuters

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyo bihano vyerekeye gufatira amahera yabo no kwima uruhusha rwo kwinjira muri Amerika (Visa) abantu n'imiryango yabo bafasha amatohoza ya CPI ku banyamerika canke incuti za Amerika.

Abacamanza bo muri iyo sentare bavuze ko hari "ivyemeza bifadika" ko Netanyahu, uwahoze ari umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi Yoav Gallan na Mohammed Deif umugwanyi wa Hamas, "bafise uruhara mu vyaha vy'intambara n'ivyaha bikorerwa zina kiremwa muntu."

Yishura kuri iryo tegeko rya Trump, Ursula von der Leyen, umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Buraya, yavuze kuri X ko CPI "itegerezwa kwigenga mu kubandanya kugwanya ukudahana kw'isi yose".

Yagize ati: "Uburaya buzokwama bushigikiye ubutungane n'iyubahirizwa ry'amategeko mpuzamakungu."

Ubuholande, ari na bwo iyo sentare ifisemwo icicaro, bwavuze "ko bubabajwe" n'ingingo ya Trump.

Ku rubuga rwa X, umushikiranganji w'Ubuholande ajejwe imigenderanire Caspar Veldkamp yagize ati: "Igikorwa c'iyo sentare ni ntangere mu kugwanya ukudahana."

Urwandiko rwo mu biro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika rwariko rurahererekanywa ku musi wa kane rwagiriza sentare ya CPI kuba " mu buryo buteye isoni yashize ku rugero rumwe" Hamas na Israel mu kubasohorera imitahe icarimwe.

Itegeko rya Trump rivuga ko ingingo CPI iherutse gufata "iteye ikibazo" kuko ishobora gushira mu kaga abanyamerika "ko gutotezwa, guhohoterwa no guhagarikwa".

Iryo tegeko rigira riti: "Iyi nyifato itabereye ishobora kugira ingaruka ku bwigenge bwa Reta zunze Ubumwe za Amerika yongere itere ikibazo ku mutekano w'igihugu hamwe n'ibikorwa vya politike y'imigenderanire y'ico gihugu n'amakungu hamwe n'incuti zaco, harimwo Israel.

Ku rubuga rwa X kuri uyu wa gatanu, umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire, Gideon Saar, yavuze ati "ndashigikiye nivuye inyuma itegeko rya Trump.''

Avuga ko ingingo za CPI "ziteye isoni kandi ata shingiro zifise", akagiriza iyo sentare kudakora "yisunze amategeko mpuzamakungu".