G7 isaba ko imvururu zo mu Buseruko bwo Hagati 'zihagarara', Trump akaba atashe inama idaheze

Ahavuye isanamu, LUDOVIC MARIN/POOL/EPA-EFE/Shutterstock
- Umwanditsi, Nadine Yousif
- Igikorwa, BBC News, Toronto
Abakuru b'ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw'isi, bihurikiye mu citwa G7, basaba ko "imvururu zigabanuka mu Buseruko bwo Hagati, harimwo n'uguhagarika intambara muri Gaza," mw'itangazo rusangi.
Bashimangira ko bipfuza "amahoro n'umutekano" mu karere, bakongerako ariko ko, uravye ingene ibintu bimeze, "Israel ifise uburenganzira bwo kwivuna".
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuye muri iryo koraniro imbere y'igihe, aho yabwiye abanyamakuru ko "ntegerezwa gusubira inyuma kare ku mvo ziboneka".
Uku kwivumbura kwiwe kubaye mu gihe Israel na Irani bariko barasana ku musi ugira gatanu bikurikiranya.
Hari amakuru yazungurutse avuga ko Inama y'igihugu ijejwe umutekano muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yategerezwa gukorana kugira yige itahuka ryiwe.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Pete Hegseth yatangaje "irungikwa ry'ibindi bikoresho n'izindi ngabo" mu Buseruko bwo Hagati mu ntumbero yo gutsimbataza ubushobozi bwo kwivuna.
Ariko abategetsi ba Amerika barahakana ibivugwa vy'uko Amerika yoba iri hafi yo kwinjira mu gitero ca Israel kuri Irani.
Maison Blanche yakoze uko ishoboye kwose mu kwerekana ko wari "umunsi mwiza cane" kuri Trump muri iryo koraniro, mu kwerekana ko hari vyinshi vyashitsweko, harimwo n'amasezerano y'ubudandaji hagati ya Amerika n'Ubwongereza.
Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Karoline Leavitt, avuga ko yavuye muri iri koraniro ry'abategetsi b'ibihugu rutura kw'isi ribera i Kananaskis mu misozi y'urutare muri Canada inyuma y'ifunguro ryo mw'ijoro nijoro ku wa mbere kubera "ibiriko bibera mu Buseruko bwo Hagati". Nta nsiguro yatanze.
Ibi bisigura ko atazoshobora kubonana imbona nkubone na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine hamwe na Perezida Claudia Sheinbaum wa Mexique, imibonano yari itegekanijwe kuri uyu wa kabiri, umusi wa nyuma w'iri koraniro.
Mu gihe abari muri iryo koraniro bariko bifotoreza hamwe ejo ku wa mbere, Trump yavuze ko vyari nkenerwa ko asubira i Washington kubera hari "ibintu bikomeye".
Imbere y'aha, yari yanditse ku mbuga hwaniro ko Irani yategerezwa kuba yateye igikumu ku nteguro y'amasezerano yabahaye mu biganiro biheruka ubu bwa vuga ku mugambi wa nikleyeri wa Irani.
"Mu majambo make, IRANI NTISHOBORA GUTUNGA IKIRWANISHO RUHONYANGANDA C'UBUMARA", niko yanditse. "Narabivuze incuro nyinshi!"
Ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, Trump yateye kandi akamo abanyagihugu ba Irani kuva ku mugwa mukuru wabo, Tehran, igisagara gituwemwo n'abantu imiriyoni zishika 17, "vuba bwango". Nta nsiguro zirenze aho yatanze.
Inyuma y'akanya gato, ibinyamakuru vya Irani vyatangaje ko mu gaturututu ko kuri uno wa kabiri humvikanye ibiturika bikomeye n'ibikoho bijejwe gukingira ikirere i Tehran.
Ibi vyabaye haciye amasaha makeya igitero ca Israel kiguye ku nyubakwa y'iradiyo na tereviziyo ya reta ya Irani, catumye umunyamakuru yariko ashikiriza amakuru ata arahunga adahejeje amakuru.
Muri Israel, inzamba zo kugabisha ibitero vyo mu kirere zasamiranye i Tel Aviv humvikana n'igiturika igihe Irani yariko irasa ibisasu vya misire kuri iki gihugu ku yindi ncuro.
Abategetsi b'ibihugu bari muri iyo nama bavuga ko batahuye ko vyari ngombwa ko Trump acira inama hagati.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa ati: "Nimba Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, ico ni ikintu ciza cane".
Umushikiranganji wa mbere wa Australia Anthony Albanese yavuze ko ari "ibintu vyumvikana" kubona Trump acira hagati inama, nubwo vyari bitegekanijwe ko aba bategetsi babiri babonana kuri uyu wa kabiri kugira ngo baganire ku bijanye n'amakori.
Hari hibonekeje ibimenyetso vy'ukutumvikana imbere y'igihe muri iyi nama ya G7 ku ntambara hagati y'Uburusiya na Ukraine be no hagati ya Israel na Irani.
Imboneshakure CBS ikorana na BBC muri Amerika ivuga ko Trump yategura kwiyamiriza itangazo ry'iyi nama ku ntambara ya Irani na Israel.
Ariko vyarangiye aba bategetsi bumvikanye kw'itangazo ryasohowe ku wa mbere mw'ijoro mu masaha y'ico gihugu, rivuga ko "bashigikiye bivuye inyuma umutekano wa Israel".
"Irani ni yo ntandaro y'umutekano muke n'iterabwoba mu karere. Twamye tubitomora neza ko Irani itazokwigera na gato itunga ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara", niko iri tangazo rivuga.
Muri iro nama kandi, Trump yari yavuze imbere y'igihe ko ryari ikosa "rinini cane" kubona icahoze ari G8 cirukana Uburusiya muri uno murwi mu 2014 igihe bwihagira intara ya Crimée/Crimea yegukira Ukraine.
"Putin aravugana nanje", niko Trump avuga. "Nta wundi muntu bavugana...ntiyavyakiriye neza".
Ariko hari intambwe kanaka yashitsweko mu gihe Trump n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer bateye igikumu ku masezerano ajanye n'amakori.
Trump yabwiye abanyamakuru ko Ubwongereza "bwikingiye neza cane" amakori yo muri kazoza ku bidandazwa biva hanze. "Uzi igituma? Ni uko ndabakunda".
Ejo ku wa mbere nyene habaye amasezerano hagati y'umushikiranganji wa mbere wa Canada Mark Carney na Trump, aho Carney yavuze ko ibi bihugu bibiri bishobora gushika ku masezerano y'ubudandaji mu misi 30 mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c'amakori ku bidandazwa biva hanze.
Bubaye ubugira kabiri Trump aciriye hagati inama ya G7. Mu 2018, yaravuye mu nama yabera i Quebec aja kubonana n'indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong Un.
Israel ivuga ko igenzura ikirere ca Irani kuva itanguye intambara yayo yo mu kirere ku wa kane w'indwi iheze, mu gitero yakoze giturumbuka kigahitana intwazangabo nkuru nkuru za gisirikare zitari nke hamwe n'abahinga b'ivya nikleyeri.
Ariko rero, Israel isa n'iyitashitse ku ntego yayo yo gusenyura umugambi wa nikleyeri wa Irani.
Abihweza ibintu n'ibindi mu vya gisirikare bavuga ko Amerika yonyene ari yo ifise indege z'intambara hamwe n'ibisasu bikomeye bishobora gusambura ibigo vya nikleyeri vya Irani vyihishije kure cane mu kuzimu, na cane cane ikigo kiri i Fordow.
Ibitero vya Israel bimaze guhitana abantu nibura 224 muri Irani, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bwa Irani bujejwe amagara y'abantu. Muri Israel, reta ivuga ko abantu nibura 24 bamaze gupfa.















