Ubushinwa buriyamiriza igitero ca Israel kuri Irani, mu gihe Donald Trump wa Amerika we acishimira

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushinwa buriyamiriza Israel ku bikorwa vyo "guhonyanga ubwigenge, umutekano n'ubusugire vya Irani", nk'uko vyaraye bishikirijwe n'intumwa y'Ubushinwa mw'ishirahamwe ONU, Fu Cong, mu nama yihutirwa y'Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi.
Avuga ko Pékin/Beijing (ubutegetsi bw'Ubushinwa) "itewe impungenge nyinshi" n'ingaruka zikomeye ku biganiro ku mugambi wa nikleyeri wa Irani, agasaba Israel guhagarika idatevye ibitero vyose kugira ngo ibintu ntibihave vyunyuka.
Hagati aho, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Seyyed Abbas Araghchi yavuze ko akamo igihugu ciwe giterwa ko kwifata ataco kamaze, nk'uko biri mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa Telegram inyuma y'umubonano yagiranye na David Lammy, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire.
Ubu butumwa buvuga ko Araqchi yabwiye Lammy ko ibikorwa vya Israel bihonyanga ubwigenge bwa Irani kandi ko yaneguye cane ubufasha reta ya Israel ihabwa n'ibihugu vya Bulaya.
Ni mu gihe ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump Reta Zunze Ubumwe za Amerika bugenda buba mahindagu muri iyi mishamirano.
Igihe Israel yatangura ibitero vyayo mu gatondo k'ejo ku wa gatanu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yaciye yihutira kuvuga ko ivyakozwe na Israel yabikoze itagishije inama, avuga ko ubutegetsi bwa Trump ata ruhara bubifisemwo.
Ariko mu nyuma, Perezida Trump yaciye atangura kwumvikana ashigikira iki gitero yeruye. Avuga ko ari igitero "cagenze neza cane" yongera ashimagiza "ibikoresha rutura vya Amerika" vyakoreshejwe.
Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) ivuga kandi ko ingabo za Amerika zagize uruhara mu gufasha gusamburira mu kirere ibisasu vya misire vya Irani.
Mu gihugu, ibi birashira Trump mu kibazo. Ni vyo ko mu barongoye umugambwe w'Abarepubulikani hamwe n'abanywanyi bawo, abashikigiye Israel bakiri benshi cane. Ariko hari abatabona ryiza ku ruhara rwa Amerika mu ntambara zo hanze.
Kuva kera Trump yamye yemerera abanyagihugu kuranziga intambara, aho kwinjira mu zindi nshasha. Yari yiyemeje ko yari kurangiza intambara yo muri Ukraine mu masaha 24, kandi ko yari kurekuza abafashwe bugwati bose bagipfungiwe muri Gaza.
Gushika ubu, intambara ziracabandanya irya n'ino, harimwo no muri Ukraine, mu gihe kandi no mu bafashwe bugwati hari abakiri mu minwe y'abarwanyi bo muri Gaza.
Eka n'uno musi yasubiye kuzana iciyumviro co kunagura ibiganiro ku mugambi wa nikleyeri wa Irani mu mpera z'iyi ndwi, ariko Irani yakuyemwo akarenge.
Ingaruka zoba 'mbi cane' kuri Irani iramutse iteye Amerika – umutegetsi wa Amerika
McCoy Pitt umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire avuga ko Amerika yari "yabwiwe" icipfuzo ca Israel co gutera Irani imbere y'uko iki gitero kiba, kandi ko Israel yababwiye ko cari "nkenerwa ku mutekano wayo".
Pitt yabwiye Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi ati: "Reta Zunze Ubumwe zaramenyeshejwe ibi bitero imbere y'igihe, ariko nta ruhara zagize gisirikare muri ibi bitero.
"Ikintu ca mbere kandi nyamukuru dushira imbere ni ugukingira abanyagihugu n'ingabo za Amerika mu karere".
Ari nka hamwe Irani yotera abanyagihugu ba Amerika, ibigo canke ibikorwa remezo vya Amerika, Pitt agira ati: "Ingaruka kuri Irani zoba mbi cane".
Avuga ko Amerika ibandanya ibona ko Irani ikwiye gushika ku masezerano, kandi ko hakwiye umuti uciye mu biganiro.
Ati: "Ubutegetsi bwa Irani bukwiye kugira umutima w'ubushingantahe bukaja mu biganiro muri uno mwanya".
Trump amaze igihe akora kugira ngo habe ibiganiro na Irani vyo kugabanya umugambi wayo wa nikleyeri, ariko gushika ubu nta masezerano yari bwashikweko kandi Trump abadanya avuga ko atishimiye ukungene ibiganiro biriko biragenda.
Intumwa y'Ubushinwa mw'ishirahamwe ONU yavuze kandi ko uburenganzira bwa Irani bwo "gukoresha inguvu za nikleyeri mu mahoro nka kimwe mu bihugu vyateye igikumu ku masezerano yo guhagarika ikwirakwira ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara butegerezwa kwubahirizwa bwose".
Ubushinwa ni incuti ikomeye ya Irani, cane cane mu bijanye n'amasoko ntanganguvu n'ibikorwa remezo. Mu kwa gatatu, Ubushinwa bwarakiriye ivyegera vy'abashikiranganji ba Irani n'Uburusiya i Pékin, aho baganiriye ku kibazo ca nikleyeri ca Irani, bwongera busaba ko ibihano vyafatiwe Irani bifutwa.










