Ingabo z'Urwanda na M23 zitegerezwa kureka imfashanyo zigashika Goma - Human Rights Watch

Abantu baba mu gisagara ca Goma bariko baranyaga amagara

Ahavuye isanamu, Jean Bizimana / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu baba mu gisagara ca Goma bariko baranyaga amagara

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ritera akamo ingabo z'Urwanda hamwe n'abagwanyi ba M23 gufasha kugira imfashanyo zishikire abantu bari mu gisagara ca Goma, mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.

Intambara ziheruka kuhabera n'ibitero ku nyubakwa z'amagara y'abantu zatumye umuhari M23 ifata ico gisagara itariki 27 z'ukwezi kwa Nzero(1) 2025, zagize ingaruka ku mfashanyo zigenewe abazikeneye.

Mw'itangazo, ishirahamwe Human Rights Watch rigira riti:"Igisirikare c'Urwanda na M23 vyigaruriye Goma bitegerezwa gukora uko bishoboye kugira abasivire, harimwo abateshejwe izabo, baronke ibintu vya nkenerwa, nk'amazi, imfungurwa hamwe n'imiti.

Iryo shirahamwe ribandanya kandi rihimiriza Urwanda na M23 gutanga inzira yo gushika mu turere tugenzurwa n'ingabo za reta kugira imfashanyo zishikire abasivire bahisemwo guhunga ico gisagara.

Lewis Mudge, arongoye Human Rights Watch mu karere ka Afrika yo hagati agira ati:" Urwanda na M23 barakeneye gutorera inyishu vyihuta ikibazo c'ako kaga inyuma y'aho abantu ibihumbi amajana batereye izabo bahunga intambara mu ndwi zaheze bashikiye i Goma.

"Impande zose zigwana zitegerezwa kuraba ko abantu baronka imfungurwa n'imiti kandi ko abakozi bajejwe gutabara bashobora kwidegemvya mu gutanga ubufasha."

Mu gisagara ca Goma ingabo z'urwanda n'abagwanyi ba M23 batanye mu mitwe n'igisirikare ca Congo gifashanya n'imigwi yitwaje ibigwanisho yiyita Wazalendo , hamwe n'ingabo za Onu hamwe n'abasirikare ba Afrika y'Epfo bari bafise akazi ko kubuza M23 kuguma yigarurira utundi turere.

Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, mu bisanzwe yabamwo abantu barenga umuriyoni, yari ihaye indaro abantu barenga ibihumbi amajana atanu imbere y'uko haba izo ntambara ziheruka, aho haciye hashika abandi ibihumbi n'ibihumbi, nk'uko bivugwa na Onu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Intambara zagiye ziburagiza ibikorwa vy'amashirahamwe atanga imfashanyo, harimwo abatanga imfashanyo zihuta ku bateshejwe izabo n'abantu b'intege nke hirya no hino mu ntara za Kivu ya Ruguru n'Epfo.

Ibintu vyononekaye n'uko abasivire basinzikaye hamwe n'amazu yabo bitewe n'amabombe hamwe no kurasanira imbere mu gisagara ca Goma igihe M23 yahatera hagati y'itariki 26 na 29 Nzero, n'ubu ntibiramenyekana.

Igitigiri c'abahasize ubuzima ntikizwi.

Abantu boba bashika 2.800 barakomeretse abandi 700 baricirwa muri izo ntambara ziheruka, nk'uko bivugwa na Onu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare kw'isi Croix Rouge rivuga ko igice c'abantu ryavuye kuva mu ntango z'ukwezi kwa mbere, bari abagore n'abana.

Umukuru w'ishami rya Onu rijejwe impunzi avuga ko amabombe yaguye ku makambi atatu y'abateshejwe izabo hagati y'itariki 20 na 23, kandi ko ikubagurwa ry'abateshejwe izabo ryiyongereye harimwo kwicwa, gusinzikarizwa ubuzima, kunyuruzwa hamwe no guhagarikwa hadakurikijwe amategeko.