Uko Goma yiriwe yifashe kuri uyu wa mbere mu mafoto

Hari ababonetse basahura mu bubiko bwo hafi y' ikibuga c'indege ca Goma
Insiguro y'isanamu, Hari abantu baboneka bikoreye ku mutwe imifuko yera, hafi y'ikibuga c'indege ca Goma
Abantu baboneka biryuka babundabunda, inyuma, nayo imbere haboneka umwotsi, mu kibanza c'ibohero
Insiguro y'isanamu, Amasanamu ya video yasuzumwe na BBC yerekana abanyororo batoroka bava mw'ibohero
Abasirikare ba DRC, bicaye hasi

Ahavuye isanamu, Moise Niyonzima / EPA

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba FARDC bicaye hasi inyuma yo gushikiriza ibirwanisho vyabo abasirikare b'Urwanda bamaze guhunga Goma aho bariko batana mu mitwe n'umugwi M23
Abasirikare 2 b'Urwanda bafise inkoho baherekeje abasirikare ba Congo bambuye ibirwanisho

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Urwanda bakiriye abo muri RD Congo bajabutse bahunze intambara ya Goma
Umuntu ari mu mwambaro wa gisirikare afashe inkoho impande y' ikirundo c'izindi nkoho

Ahavuye isanamu, Moise Niyonzima / EPA

Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'Urwanda RDF ariko asuzuma imwe mu nkoho zashizwe hasi n'abasirikare ba RD Congo
Abasirikare ba Congo bariko batambuka hamwe n'abo Urwanda

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu basirikare ba Congo biravugwa ko bishikanye ubwabo ku ngabo z'Urwanda
Umuntu yikoreye 'matelas' yerekeza kurondera ahandi yihisha

Ahavuye isanamu, Jospin Mwisha / AFP

Insiguro y'isanamu, Mu gisagara ca Goma, bamwe batanguye guhunga ico gisagara barondera aho bokwikinga
Abantu baragenda bikoreye bimwe mu vyabo ku mutwe

Ahavuye isanamu, Jean Bizimana / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abaharurwa mu bihumbi barondera uko bava mu gisagara ca Goma
Abantu bariko berekeza ku rubibe n'Urwanda

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Rubavu ihana urubibe na Goma
Abanyagihugu barondera guhunga Goma

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu ba Goma batanguye gukura meza, abarwanyi ba M23 bamaze kugera muri ico gisagara
Imodokari zahagaze hafi y'umupaka zirindiriye gutwara abajabuka

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imodokari za bisi (bus) zarindiriye hafi y'umupaka kugira ngo zitware abakozi b'amashami ya ONU
Abantu barajabuka n'amaguru bamwe bitwaje ivyo bashoboye guterura mu ntoke, abandi bateruye abana

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibitero ku muji wa Goma vyateje akaga ku banyagihugu basanzwe
Abantu bakomeje guhunga ku bwinshi kubera intambara zakomeje umurego muri uku kwezi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu kiringo kitarenze ukwezi, gusatira ibice birimwo ivyegereye Goma muri iyi ntambara, kwatumye abarenga 400.000 bata ingo zabo