Gukorera mu bushuhe bw'ikirenga birananiza umwana ari mu nda

Na Naomi Grimley

Umunyamakuru mu gisata c'amagara

Pregnant womenin Gambia

Ahavuye isanamu, LSHTM/LouisLeeson

Insiguro y'isanamu, Abashakashatsi bakurikirana ingaruka z'ubushuhe bw'ikirenga ku bagore bafise inda

Ukurengerwa n'ubushuhe birashobora kugira ingaruka ku mwana ari mu nda y'umugore mu gihe aba ariko arakorera ahantu hashushe vy'ikirenga, nk'uko vyerekanwa n'icigwa gishasha.

Ingaruka zirimwo gutuma umutima w'umwana utera cane nayo amaraso aca mu ruzogi akagabanuka.

Abashakashatsi bavuga ko hazokenerwa igikorwa kibereye kugira hakingirwe abagore bafise inda mu gihe ihindagurika ry'ibihe ririko rirongereza ubushuhe kw'isi yose.

Ico cigwa, cakozwe n'ishure kaminuza rya London School of Hygiene and Tropical Medicine (LSHTM), cakurikiranye abarimyi 92 muri Gambia.

Ico cigwa casohotse mu kinyamakuru c'ubuganga n'amagara The Lancet Planetary Health, cerekana ko kuri buri degre Celsius yongeye ku bushuhe bwari buhasanzwe, umunaniro ku mwana ari mu nda wiyongera ku rugero rwa 17%.

N'ubwo ibindi vyigwa vyari bimaze kuraba ingaruka z'ubushuhe ku bagore bafise inda ariko bikorewe muri laboratoire mu bihugu biteye imbere, iki vyibazwa ko arico cigwa ca mbere cize ingaruka ku bantu bari mu buzima bwa minsi yose mu bihugu biri mu nzira y'iterambere.

Abo bagore bafise inda bariko barakora mu mirima y'umuceri ya West Kiang muri Gambia.

Bakora mu mirima ku zuba mu kiringo c'amasaha ari hagati y'abiri na munani.

Ubushuhe bwinshi bwabonetse muri ico gihe icigwa cariko kirakorwa bwabaye degre Celsius 45 ariko igihe c'imvura hari aho catuma bitumvikana ko hashushe gusumba.

Abo bagore basuzumwa hakoreshejwe akuma ngendanwa gafata ibipimo vy'umutima w'abana bari bibungenze.

Ibipimo vyafatwa bagira batangure gukora, umunsi w'akazi ugeze hagati hanyuma uheze.

Abo bagore bafise inda nabo nyene barakurikiranywe ku bimenyetso vyabo vy'ingene bananizwa n'ubushuhe nko kumeneka umutwe, kugira intege nke no kugira iseseme.

Researcher monitoring a pregnant woman

Ahavuye isanamu, LHSTM/Louis Leeson

Insiguro y'isanamu, Muganga Ana Bonell ariko arasuzuma umugore afise inda yakozweko muri ico cigwa
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muganga Ana Bonell, yari arongoye ico cigwa muri LSHTM, avuga ko ivyemeza vy'uko umwana ari mu nda yagizweko ingaruka vyatowe ku rugero rwa 33% rw'imgendo bagize muri iyo mirima.

Yavuze ati: "Twaratangaye cane tubonye ko abana bari mu nda bagirwako ingaruka n'uko ba nyina biriwe ku zuba."

"Ku mwana ari mu nda twarabonye ko umurindi wo gutera kw'umutima waduga cane ku rugero rubangamye hamwe twoba turi kwa muganga. Twarabonye kandi ko hari ingaruka kw'itembera ry'amaraso kuko ingovyi nayo yagirwako ingaruka n'ubushuhe."

Avuga ko bitaba aho habereye icigwa gusa kubera ihindagurika ry'ibihe.

"Ivyo birahambaye cane ku bijanye n'uko abagore kw'isi yose bashobora gutwara inda ata ngorane bahuye. Hagiye kubandanya hashuha gusumba kandi turazi ko iyo abagore bahuye n'ubushuhe bwinshi, ivyo bifise ingaruka zikomeye cane ku kwibaruka haba mu kuvyara abatageze canke kuvyara abapfuye (kuruhira ubusa).

"Twizeye ko ico cigwa kizotuma hatahurwa neza gusumba bimwe mu biba kugira bigende uko twabibonye, hanyuma hagire igikozwe mu kugabanya izo ngaruka ziva ku bushuhe bw'ikirenga. "

Muganga Bonell avuga ko hakenewe gukorwa ibindi vyigwa kugira hihwezwe ingene ubushuhe bw'ikirenga bugira ingaruka mu gutesha inzira amaraso aja ku mwana ari mu nda, co kimwe n'ingene ugushuhirwa kwa nyina bishobora kugira ingaruka ku buryo umwana ari mu nda atera imbere.