Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Umutekano muke, inzara, ibiciro... nta na kimwe kihari cotuma abantu bahungira DRC' - Buramatari wa Cibitoke
Buramatari w'intara ya Cibitoke Carême Bizoza arahakana yivuye inyuma ko ata banyagihugu bo muri iyo ntara bariko barahungira mu gihugu kibanyi ca Republika ya Demokrasi ya Congo.
Ivyo abivuze inyuma y'inkuru zimaze imisi zivugwa ko hari abanyagihugu bariko barahungira muri Congo kubera umutekano muke, inzara hamwe n'ibintu bibandanya kuduga igiciro.
Bizoza agira ati:" Nta mbonerakure, inzara canke iduga ry'ibiciro biriko biratuma abantu bahunga. Ibiciro biri hejuru muri Congo gusumba mu Burundi. Ivyo n'ibinyoma."
Yongerako ati:"Abantu barava mw'ikambi y'impunzi muri Congo, bakaza bakamara umusi umwe, ibiri, itatu... mbere n'ukwezi, hanyuma bagasubirayo batwaye abana iyo hageze ko bafata indya mw'ikambi."
Uwo mutegetsi avuga ko kandi abajayo atari gusa abava mu ntara ya Cibitoke kuko hamaze gufatwa n'abandi bava mu zindi ntara nka Kayanza canke amakomine nka Gihanga yo mu ntara ya Bubanza.
Carême Bizoza, abona ko abo bantu baba bagiye mu rudandaza.
Kubw'iwe, ngo abantu bahunga bagenda batwaye vyose kandi bakagenda bugaye n'amazu.
Ati:"Iyo abantu bariko barahunga basiga inzu zugaye. None abantu bahunze bagasiga inzu zuguruye, ugasanga mu muhana hagiye aba, abandi bagasigara muhira; aho wovuga ko ari uguhunga?"
Bizoza ntanemera ko boba bahunze umutekano muke uvuye ku bagwanyi b'abanyamahanga bavuzwe muri komine Mabayi.
Agira ati:" Babifata uko bitari. Ni vyo hari abagwanyi bagwanya reta y'Urwanda baza kurondera imfungurwa mu Burundi, muri komine Mabayi.
"Ariko abo baja muri Congo ubu, usangamwo abo muri Buganda, Gihanga, Rugombo, n'ahandi..."
Umunyamakuru wa BBC Gahuza amubajije ko abo bantu boba bahunze kubera hari abahungabanya umutekano kw'ibarabara rya Bujumbura - Cibitoke avuga "abasuma no ngaho i Buraya muri bariho. None bateye bakiba, baca bagenda bavuga ngo intambara yateye? Ico n'icitwazo."
Yongeyeko ati:"Ivya gusa bitera ubwenge buke. Nibasohore isuka kugira ngo ejo bazorye ivyo birondereye."
Inkuru zivuga ko impunzi zishasha zoba zimaze gushika mu bibanza vy'agateganyo vya Sange na Kavimvira biri mu karere ka Uvira, boba bababa igihumbi.
Benshi bakaba ngo batanguye kugenda cane mu kwezi kw'indwi.