Ingabo za Ethiopia zigenzura 70% ya Tigray – reta

Ahavuye isanamu, AFP
Reta ya Ethiopia ivuga ko ingabo z’igihugu ubu zigenzura ahangana na 70 % h’intara ya Tigray iri mu buraruko bw’igihugu, ivyo umutegetsi wo muri iyo ntara igeramiwe n’ntambara yamirira kure.
Umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere mu vyo umutekano, Redwan Hussien, yanditse kuri Twitter ko “70% ya Tigray igenzurwa n’ingabo za Ethiopia”.
Avuga kandi ko imfashanyo ziriko “zirinjira ku rugero rutari bwigere ruhaho”, harimwo no mu turere avuga ko tutagenzurwa n’ingabo za reta.
Umuvugizi w’umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF), Getachew Reda, arahakana aya makuru nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Getachew asubirwamwo avuga ati: "Ivyo avuga abikura mu kirere”.
Abaserukira Tigray na reta ya Addis Abeba bari bagize imisi mu biganiro muri Kenya muri ino ndwi kugira bavugane ingene boshira mu ngiro amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu ndwi iheze muri Afrika y’Epfo.
Izi mpande zompi zarateye igikumu kuri ano masezerano ziyemeza kurangiza intambara zimaze imyaka ibiri muri Tigray.
Mu yandi makuru, ababibonye babwiye BBC ko abasivire batari bake bishwe mu gitero c’indege mu gisagara ca Mandi kiri mu burengero bwa Ethiopia.
Ababa muri ako karere bavuga ko ico gitero cabaye mu masaha yo gufungura ku wa gatatu muri ico gisagara kimaze imisi kigenzurwa n’abarwanyi b’umuhari w’inyeshamba za Oromo Liberation Army (OLA) inyuma yo gutana mu mitwe n’ingabo za reta.
Umunyagihugu atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye BBC ko reta yashaka gutera inyeshamba ariko ko benshi mu bapfuye n’abakomeretse ari abasivire.
Umuvugizi wa OLA, Oda Tarbi, avuga ko abasivire 30 ari bo bapfuye, ariko ntavuga igitigiri c’abarwanyi bayo bishwe.
Abanyaporitike bariyamiriza iki gitero c’umuhari OLA bavuga ko ari ic’”ubugome”, bagasaba na reta kudakora ibitero ku basivire.
Reta ya Ethiopia ntaco iravuga kuri ibi. BBC yagerageje kuvugana n’umukuru w’igisata kijejwe umutekano mu ntara ya Oromia, ariko yanse kugira ico ashikirije.










