Ethiopia: Agahengwe muri Tigray ni intsinzi ku mushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed

Na Alex de Waal

Umusesenguzi wa Africa

Abiy Ahmed

Ahavuye isanamu, Fana Broadcasting Corporate

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia (aho yambaye amarori y'izuba) yatsindiye agashimwe k'amahoro ka Nobel umwaka umwe imbere y'uko intambara ya Tigray itangura

Amakungu yarashimye amasezerano yemejwe na reta ya Ethiopia n'indongozi za Tigray yo kurangiza intambara mu buraruko bw'igihugu kandi huguruwe inzira y'imfashanyo ku bantu bari bugarijwe n'inzara, ariko haracari ibibazo vyo kumenya niba azorama.

Umunsi umwe inyuma y'amashi yo mu birori vyo gushira umukono ku masezerano ku murwa mukuru wa Africa y'Epfo, Pretoria, urwamo rw'ibisasu biremereye rwari rucumvikana mu misozi ya Tigryay.

Ayo masezerano ahuye ahanini n'ivyashaka gushikwako n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, igihe yatanguza ico yise "igikorwa co kwubahiriza amategeko" mu kurwanya umugambwe watwara iyo ntara - Tigray People's Liberation Front (TPLF)- haraheze imyaka ibiri, umunsi ku wundi.

Hazoba igikorwa co kwaka ibigwanisho abagwanyi ba Tigray hisunzwe uko vyumvikanyeko.

Aho Abiy afitiye ico asumbije uruhande bari bahanganye, n'uko ayo masezerano bayagiranye na TPLF, batayagiranye na reta ya Tigray, nk'uko abanya-Tigray bari bavyifuje.

Ntiyemera amatora yabaye muri Tigray mu 2020 agatsindwa na TPLF, kandi ategekanya amatora mashasha.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko kandi, reta mpuzantara yari yashatse ko TPLF ishira amaboko hejuru ata kindi kirenze aho. Ariko ivyo ntiyabishitseko.

Yemeye guheba kwita TPLF ishirahamwe ry'iterabwoba, hanyuma ije mu biganiro vy'ingene intara ya Tigray yotwarwa.

Ayo masezerano avuga ko impande zomnpi zokwubahiriza ingene ibwirizwa nshingiro mpuzantara risanzwe ryubatse.

Iryo ririmwo ingingo z'uko ibibazo vy'intara nk'uburengero bwa Tigray bw'isi imera cane - bwigaruriwe n'intara ya Amhara bihana urubibe mu ndwi za mbee z'intambara - bikemurwa biciye mu buryo bw'ibwirizwa shingiro. Ntavuga niba ubutegetsi bwa Tigray - n'abarimyi amatongo yabo - bazobanza kugaruka.

Ikigabane cerekeye akaga kugarije abantu cugurura inzira yo kurangiza inzara no kubuza abantu gushikira ivya nkenerwa vyatumye hapfaa abantu bashika umuriyoni umwe. Aho harimwo kumbure 10% y'abanya-Tigray bose hamwe baharurwa mu miriyoni 6, hisunzwe ubushakashatsi bwakozwe n'abahinga bo mu Bubirigi.

Inyuma y'imyaka ibiri yo kwugarana iyo ntara no kuyicisha inzara, no kuyigumizako igitutu ca gisirikare c'ingabo za Ethiopia zifatanije n'iza Eritrea, hakajako n'iz'intara ya Amhara, indongozi za Tigray zemeye guheba vyinshi cane.

Igiharuro cabo gishobora kuba cabaye ico kwemera ko ubuzima bw'abanya-Tigray bwari bugeramiwe.

Elias Gebrekidan (C) stands next to members of his family who holds his twin nieces Tsion and Roda, 2 months old, who were born during the hostilities, in Wukro, north of Mekele, on March 1, 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Intambara mu buraruko bwa Ethiopia yateye agaka gakomeye ku bantu

Abantu barenga umuriyoni barataye izabo kuva intanbara isubiye kwaduka muri Myandagaro(ukwezi kw'umunani), ntibashobora gusarura ivyo barimye.

Abantu bariko baricwa n'indwara zishobora kuvurwa kuko ibitaro ata miti y'ibanze bigisigaranye nka insuline na antibiotique. Kandi nta kimenyetso ko ivyo biriko birarangira.

Ku bantu baharurwa muri za miriyoni bamaze igihe bataronka ivyo kurya, imiti n'ibindi vya nkenerwa vy'ibanze, imfashanyo ikenewe cane ntikwiye kumara uwundi munsi itarashika.

Ibibazo bikomeye

Hari ibibazo bitararonka inyishu. Bitatu muri vyo birahambaye cane.

Ubwa mbere ni Eritrea.

Ku bw'abajejwe imigenderanire b'ibihugu vy'iburengerazuba, ibitero vya gisirikare vyashenye ukwivuna kw'abanya-Tigray, n'ubufatanye bw'ingabo za Eritrea na Ethiopia vyagabwe biva muri Asmara.

Eritrea ntivugwa mw'izina muri ayo masezerano. Ariko iyo nyandiko irimwo ingingo yo kurangiza "gukorana n'ingabo zo hanze ziterekwa uruhande rumwe canke urundi", bishobora kuba bishaka kuvuga Eritrea.

Hari benshi bashobora kutizera ko reta ifise uburyo bwo kubishira mu ngiro. Umukuru wa Eritrea Isaias Afewerki ntarimwo mu bemeje ayo masezerano kandi afise uburyo bwo kubandanya iyo ntambara ataravye amasezerano ayari yo yose yashitsweko na Abiy.

Ikibazo ca kabiri ni ukugenzura n'uguhinyuza.

Ayo masezerano ni intsinzi ya reta ya Ethiopia mu ruyeri rwayo rwo kugumiza amakungu kure.

Urwego rwo gucungera, guhinyuza no kwubahiriza ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano rugizwe n'umugwi muto cane - w'abantu batarenze 10- baha icegeranyo umugwi w'ishirahamwe rya Afrika urongowe n'uwahoze ari umukuru wa Nigeria Olusegun Obasanjo.

Kandi, igikorwa ca Obasanjo yagihawe n'umukuru w'urwego rutwara ishirahamwe rya Afrika Mousa Faki, ntiyagihawe n'urwego rw'iryo shirahamwe rujejwe amahoro n'umutekano. ONU nta kibanza ifisemwo na gato.

Kwihweza ibijanye no kurenga ku masezerano no gutorera inyishu amatati bizoba biri mw'ibanga ry'abagabo babiri - Obasanjo na Faki - uburyo budasanzwe bwo kugenzura, umuntu avyoroheje.

Ubundi vyari bimenyerewe ko amasezerano y'amahoro yo ku rwego rwo hejuru ahagarikirwa n'abafatanyabikorwa mpuzamakungu.

Ingene vyagenze ubu, Ishirahamwe rya Afrika ryemereye ONU, Amerika, n'urwergo rwo muri Afrika y'Ubuseruko Igad nk'abarorerezi gusa, ariko nta n'umwe yashize umukono kuri ayo masezerano.

People who were injured in their town Togoga in a deadly airstrike on a market, wait on a bench for medical treatments at Mekelle General Hospital in Mekele, on June 24, 2021, two days after a deadly airstrike on a market in Ethiopia's war-torn northern Tigray region,

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarwaye mu bitaro vyo muri Tigray nta miti n'ibikoresho baronka

Ishirahamwe rya Buraya ryarankiwe kuba indorerezi, n'ubwo ariryo rya mbere riha amafaranga menshi ishirahamwe rya Afrika.

Ariko Ethiopia n'ishirahamwe rya Afrika bizokenera gushigikirwa n'amakungu - na cane cane ko Ethiopia ikeneye cane imfashanyo iva hanze.

Ikibazo ca gatatu ni ubutungane n'ukubazwa ivyo wakoze.

Amasezerano ategekanya ko reta ya Ethiopia ishiraho "poritike y'ubutungane bw'inyuma y'intambara", ariko ntaco avuga ku matohoza mpuzamakungu, nk'akarorero ayo urwego rwa ONU rujejwe agateka ka zina muntu canke urwego rw'ishirahamwe rya Afrika rujejwe agateka ka zina muntu.

Obasanjo yavuze ko gushira umukono ku masezerano ari intambwe imwe, ko kuyashira mu ngiro kizoba igikorwa kigoye gusumba.

Amahoro no kurangiza amahano n'inzara muri Tigray hamwe no kugarukana amaragamo muri Ethiopia ahanini bihagaze ku gushaka kwa reta mpuzantara.

Intango ya mbere izoba ko yemera kuja hamwe na TPLF kugira basohorere hamwe amatangazo yo kwiyemeza kurangiza "propagande iterakwa urundi ruhande, hamwe n'amajambo y'urwanko".

'Amajambo y'akamaramaza'

Abanya-Tigray mu gihugu no hanze ntibakiriye neza ayo masezerano. Birashoboka ko bamwe mu bategetsi b'ingabo bohitamwo kubandanya intambara yo mu tugwi duto duto aho kwemera ivyo babona nk'amasezerano y'akamaramaza.

Benshi mu makungu bafata ko Abiy ata gatimatare afise, kandi ko azogaruka mu nzira y'mahoro, demokrasi n'amaragamo hamwe yohabwa amahirwe.

Abandi bafise amakenga ko icigwa Abiy, Isaias n'abandi bakuyemwo ari igihushane c'ivyo - ko inguvu z'ikirenga, kwicisha inzara no kubuza ko hamenyekana amakuru ari ikigwanisho nyaco mu gushika ku ntego zabo.

Abanya-Ethiopia bizeye ko bene ivyo bigwanisho bitazokoreshwa mu gutorera inyishu ibindi bibazo vya poritike, harimwo n'ubugarariji bubandanya mu ntara ya Oromia.

Ayo masezerano ashingiye ku kwizera ko Abiy azovana Ethiopia muri ako kaga.

Ikimenyetso ca mbere cari ukwizera ko ibigwanisho vyari guca binuma ku wa kane. Ivyo ntivyabaye.

Ahubwo uwo munsi waranzwe n'intambaraa ikomeye, irimwo ibitero bikomeye vy'ingabo za Ethiopia na Eritrea ku nzasiro zitatu, nk'uko amasoko abivuga. Abanya-Tigray barihagazeko kandi bivugwa ko batatakaje ibirindiro.

Akamaro k'ishirahamwe rya Afrika n'abarorerezi mpuzamakungu muri ivyo biganiro -ONU, US na Igad- kazobonekera mu gutururuza abarenga ku masezerano ku mpande zose.

White line

Alex de Waal ni umuyobozi nshi ngwabikorwa mu kigo World Peace Foundation c'igisata citwa Fletcher c'amategeko n'ivyigwa vy'imigenderanire ( diplomacie) kuri kaminuza ya Tufts muri US.