Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kylian Mbappe: Umukinyi w'imbere wa Paris St-Germain yemeye kuja muri Real mu ci
Umukinyi w'imbere wa Paris St-Germain, Kylian Mbappe, yemeye kuja muri Real Madrid muri iri ci.
Kizigenza w'Ubufaransa w'imyaka 25, yabwiye PSG ko ategekanya kuva muri uwo mugwi igihe amasezerano yiwe azoba arangiye mu kwezi kwa gatandatu.
Mbappe ntaragiriranira amasezerano na Real, ariko ashobora gutangazwa igihe bizoba bigaragaye ko iyo migwi ibiri idashobora guhura mmw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) muri uyu mwaka.
Uwo musore yatwaye igikombe c'isi, ni we afise umuhigo wo kwinjiriza ibitego vyinshi PSG, akaba amaze kwinjiza 244.
Mbappe yipfuza ko kazoza kiwe gatorerwa inyishu imbere y'ukwezi kwa gatatu, hanyuma itariki 13 z'ukwezi kwa Ruhuhuma (2), imbere yo gutangura imyimenyerezo, yarabonanye na prezida wa PSG, Nasser Al-Khelaifi amubwira ko ashaka kugenda muri Real.
Inyuma y'aho inkuru zimenyekaniye ku wa kane uheze ko ashobora kugenda, Mbappe ntiyatangujwe mu kibuga mu rukino rwabahuza na Nantes ku musi wa gatandatu, ariko yinjiye yarinjije penalite, bituma PSG irusha amanota 14 umugwi wa kabiri mw'ihiganwa ryo mu Bufaransa.
Bitegekanijwe ko ashira umukono ku masezerano y'imyaka itanu na Real, akazoza arahembwa imiriyoni 15 z'ama Euro ku mwaka, gushirako n'imiriyoni 150 z'ama Euro y'agashirukabute inyuma y'imyaka itanu, kandi azoguma afise uburenganzira ku mahera atanzwe muvyo kwamamaza.
Umumenyereza wa Real, Carlo Ancelotti aramaze kwiyumvira ingene azokinisha Mbappe mu mugwi wiwe, aho umwongereza Jude Bellingham azokina imbere cane, umunye Brezil Vinicius Jr akine mu bubamfu hanyuma Mbappe bubamfu bwo hagati.
Mu gihe umunye Croatia akina hagati Luka Modric yogenda muri iri ci, Mbappe ashobora guca yambara nimero 10 asanzwe yambara mu mugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa.
PSG yatsinze 2-0 Real Sociedad inyuma y'urukino rwa mbere rw'igice c'umunani gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo, mu gihe Real na yo yatsinze RB Leipzig 1-0.