Ayavugwa mw'igura n'igurishwa ry'abakinyi i Buraya ku wa Mungu 04.02.2024

Umukinyi w'imbere w'Ubufaransa na Paris St-Germain Kylian Mbappe, w'imyaka 25 yafashe ingingo yo kwimukira mu mugwi wa Real Madrid mu mpera z'uyu mwaka w'inkino. (Le Parisien - in French)

Umukinyi wo hagati wa Manchester United na Portugal, Bruno Fernandes w'imyaka 29 yanse kwimukira mu mugwi Al-Hilal wo muri Arabia Saudite mu gihe co kugura no kugurisha abakinyi co mu kwezi kwa mbere. (Record via Manchester Evening News)

Umukinyi w'Umudagi wo ku ruhande, Leroy Sane w'imyaka 28, vyitezwe ko ashobora kwanka kuja muri Liverpool, Chelsea na Barcelone mu kwemera ayandi masezerano mashasha na Bayern Munich. (Sport - in Spanish)

Kazoza k'umumenyereza wa Manchester United, Erik ten Hag gahagaze ku mahera bazomuha yo gukoresha muri iri ci. (Mirror)

Manchester United manager Erik ten Hag's future could hinge on how much money he is given to spend this summer. (Mirror)

Umuyobozi wa Sport muri Borussia Dortmund, Sebastian Kehl yibaza ko bigoye guha amasezerano y'igihe kirekire umukinyi w'Umwongereza akina ku ruhande Jadon Sancho inyuma yo kuva muri Manchester United muri ici, aho yari yatijijwe. (Sky Sports Germany via Mail)

Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola yararungitse abahinga baza gukurikirana uko umukinyi w'Ubwongereza akina hagati Tyrese Hall w'imyaka 18, ari mu mugwi wa Tottenham akina. (Football Transfers)

Mu ci, Arsenal izogurisha umukinyi w'Umubiligi Albert Sambi, w'imyaka 24, akina hagati, ubu yari yaratijijwe muri Luton Town. (Football Insider)

Umukinyi w'inyuma w'Umwongereza Trevoh Chalobah w'imyaka 24 ariteguriye kuguma muri Chelsea agwanire ikibanza ciwe. (Caught Offside)

Arsenal irategura gushira umukono ku masezerano mashasha n'Umuyapani akina inyuma Takehiro Tomiyasu w'imyaka 25 agarutse avuye mu nkino zo muri Aziya.