US: Ni nde Nikki Haley, umugore ashaka guhangara Trump mu matora ya 2024?

Amaze gutsindira Maison Blanche/White House, Donald Trump yarahaye igiti Nikki Haley mu butegetsi bwiwe mu kumugena nk’umuserukizi w’igihugu mw’ishirahamwe ONU

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amaze gutsindira Maison Blanche/White House, Donald Trump yarahaye igiti Nikki Haley mu butegetsi bwiwe mu kumugena nk’umuserukizi w’igihugu mw’ishirahamwe ONU

Na Anthony Zurcher

Umumenyeshamakuru wa Amerika ya Ruguru

Nikki Haley yahoze aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU akaba yaranabaye buramatari wa Caroline du Sud/South Carolina ibiringo bibiri, bivugwa ko agiye gutangaza ko azohiganira kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’umugambwe w’Abarepubulika.

Mu gihe imyiyamamazo itegekanijwe gutangura ku wa 15 Ruhuhuma (2) i Charleston muri Caroline du Sud, uyu mugore w’imyaka 51 yoba abaye uwa kabiri mu mugambwe w’Abarepubulika agiye guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu, inyuma y’aho uwahoze ari umukoresha wiwe Donald Trump atangarije ko agiye guhiganira iki kibanza muri Munyonyo (11).

Umupfasoni Haley yoba abaye umunyamerika afise amamuko mu Buhindi agize gatatu arondera kwitoreza iki kibanza. Akurikiye buramatari wa Louisiana Bobby Jindal yabigerageje mu 2015 ariko bikanka, hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu w’iki gihe Kamala Harris na we nyene yabigerageje mu 2020.

Ku burongozi bwiwe nka buramatari wa Caroline du Sud, umupfasoni Haley yarubatse izina ryiwe nk’umutegetsi mwiza yorohereza abarwizatunga mu kwibanda cane ku gukwegakwega amakompanyi makuru makuru mu ntara yiwe.

Yagiye kumenyekana mu gihugu cose igihe atorera umuti ikibazo c’iraswa ry’ikivunga ryari rishingiye kw’ivanguramoko kw’Isengero rya Emanuel AME Church i Charleston mu 2015.

Ico gihe, imwe mu nyishu kwabaye ugukura ibendera ryerekana za ntara zivumbura ku mugambi wo gukuraho ubucakara (Confederate) mu kibanza c’ingoro y’amakoraniro c’iyo ntara muri Columbia.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N’aho yashigikiye umukenguzamateka wa Florida Marco Rubio igihe yahiganira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’Abarepubulika, Trump amaze gutsindira Maison Blanche/White House yaramuhaye igiti mu butegetsi bwiwe mu kumugena nk’umuserukizi w’igihugu mw’ishirahamwe ONU.

Yaranguye ayo mabanga mu kiringo c’imyaka ibiri kandi, mu bitandukanye n’abandi bagenywe na Trump, wewe ntiyigeze acanamwo n’umukuru w’igihugu.

Hagati aho, Haley yaraneguye Trump ku nyifato yiwe imbere no gushika kw’igenekerezo rya 06 Nzero (1) 2021 igihe haba igitero c’abanywanyi biwe ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Mw’ijambo yashikirije umusi umwe inyuma y’ako kaguma, Haley yavuze ko “kahise kazomucira urubanza rubi ku bikorwa vyamuranze kuva musi w’amatora”.

Inyuma y’aho muri uwo mwaka nyene, mu gihe havugwavugwa vyinshi kuri kazoza kiwe, Trump na we ariko agarukana icizere n’igihagararo mu mugambwe, Haley yavuze ko atari guhiganira ikibanza c’mukuru w’igihugu mu 2024 mu gihe uwahoze ari umukoresha wiwe yorondera kwitoza.

Ariko yagiye kwisubirako mu mezi make aheze.

Mu kiganiro n’imboneshakure Fox News mu ndwi iheze, yavuze ati: "Iyo urondera kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, uraba ibintu bibiri.

"Uraba ubwa mbere niba ingene ibintu bimeze muri kino gihe hakenewe ko haza ubutegetsi bushasha. Ica kabiri ni ukwibaza niba koko ari wewe muntu ushobora kuba umutegetsi mushasha”.

Ku bibazo yabajijwe kuri ibi bintu bibiri, Haley yishuye ati ego kuri vyompi. Ibi vyerekana ko, wewe nk’umuntu akiri muto, ashobora kugira imikenyuro yo kwiyamamaza itandukanye n’iya Trump, hamwe kandi n’iy’umu-Democrat Joe Biden, mu gihe yoramuka agenywe kwiyamamariza umugambwe wiwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Trump avuga ko Haley yaramuhamagaye mu misi iheze amubwira ko yipfuza guhiganwa. Avuga ko yamubwiye ko ata ngorane kandi ko azokwishimira guhiganwa nawe.

Trump ati: "Navuze nti, ‘ehe raba, nimba umutima wawe ubikwemerera, jako nimba ugomba kwiyamamaza’”.

Uyu yahoze ari umukuru w’igihugu yavuze ibi imbere gato y’imyiyamamazo yo ku wa gatandatu mu ntara Haley avukamwo, iboneka ko izoba ikiririmbiro rikomeye mw’igenwa ry’uwuzoserukira umugambwe w’Abarepubulika mu matora.

Ibiharuro ngereranyo vya mbere vyerekana ko Trump ari imbere muri ino ntara yatsinzemwo mu matora y’intangamarara igihe yarondera kwitoza mu 2016 – iki kikerekana ko uyu yahoze ari umuserukizi wa Amerika atazokworoherwa mu rugamba rwiwe, n’aho ata ngorane yategerezwa kugira.

Icigwa giheruka cakozwe n’ikigo gikora amatohoza ku matora Trafalgar Group carimwo abakandida basanzwe bahari n’abashobora kuzoboneka inyuma, cerekana ko Trump aza ubwa mbere ku majwi 43% na Haley akaza ubwa kane ku majwi 12%.