Amatora ya Amerika: Trump na Biden bararwanira amajwi

Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Na Max Matza

BBC News, Washington

Perezida Joe Biden n’uwo yasubiriye Donald Trump bateguye amakoraniro akomeye yo kurwanira amajwi mu gihe imyiyamamazo mu matora agiye guha isura nshasha inama nshingamateka na nkenguzamateka yinjiye ku musi wa nyuma.

Ejo ku wa Mungu, Biden na Trump bakoreye imyiyamamazo yabo i New York na Florida umwe umwe.

Amahirwe menshi yimukiye ku ruhande rw’Abarepubulika bariko baragerageza kurondera kwigarurira impande zompi za Congres, ni ukuvuga inama nshintamateka n’inama nkenguzamateka, zompi zigenzurwa n’abo mu mugambwe w’aba-Democrats.

Bahabwa amahirwe menshi yo gutsindira Inama nshingamateka, ariko Inama nkenguzamateka ni itombora, nk’uko ibiharuro ngereranyo bivyerekana.

Mu gihe boramuka batsindiye uruhande rumwe, vyogira ingaruka zikomeye cane nteguro za Perezida Biden.

Mu gihe umusi wa nyuma w’imyiyamamazo ari uno wa mbere, umugambwe wiwe witeguye gutakaza mbere no mu turere mu bisanzwe twari utw’aba-Democrats.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yashikirije ijambo mu myiyamamazo i New York ejo ku wa Mungu ashigikira buramatari Kathy Hochul ahanganye bikomeye, mu buryo atari yiteze, n’umu-Repubulika Lee Zeldin ashigikiwe na Trump.

Ku munota wa nyuma, uyu mupfasoni yagiye gushigikirwa n’amazina ya bamwe mu ba Democrats bakomeye cane - uwahoze ari umukuru w’igihugu Bill Clinton, icegera c’umukuru w’igihugu Kamala Harris n’uwahoze ari umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Hillary Clinton.

Mw’ijambo ryiwe, Biden yavuze ko aya matora ari "igihe co gufata umurongo" uzogena imyaka 20 iri imbere. Yabwiye abatora kw’ishure kaminuza Sarah Lawrence College ko bariko baratora hagati “y’imbono zikomeye zibirizitandukanye za Amerika”.

Ni mu gihe uwo yasubiriye muri Maison Blanche/White House, Donald Trump, yari i Miami aho yavugiye ijambo mu kiringo kirenga isaha, ahondahonda aba-Democrats, abagiriza ko bariko batwara igihugu mu ntwaro ya “gikomunista”.

Trump yabwiye abari aho ati: "Aba-Democrats bashaka guhindura Amerika bayigire Cuba y’abakomunista canke Venezuela y’abasosiyalisti”.

Abandanya ati: "Ku munyamerika w’umuhispaniya wese muri Florida no mu gihugu cose, turakwakirije yompi yompi yompi mu mugambwe wacu [w’Abarepubulika]).

Biden na Hochul i New York

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Biden na Kathy Hochul mu myiyamamazo i New York

Trump yabandanije kandi yerekana ko ashobora gusubira kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu 2024, abwira abatora ko boguma babanze amatwi mu myiyamamazo yiwe yo kuro uno wa mbere i Ohio.

Amatora ngereranyo yerekana ko aba-Democrats bashobora gutakaza ubwiganze mu nama nshingamateka.

Ubwiganze mu nama nkenguzamateka bushobora kuzovana n’ibizova mu matora muri Pennsylvania, Georgia na Nevada, aho impande zompi zibangabanganywe cane.

Abantu barenga imiriyoni 40 baramaze gutora gushika ubu muri ya matora y’imbere y’umusi w’amatora, nk’uko abahinga babivuga, igitigiri gisumvye ic’abari batoye imbere y’igihe mu matora ya 2018.

Ni ibiki vyitezwe kuri uno wa mbere?

  • Biden araza kwitabira imyiyamamazo iza kubera i Maryland, intara mu bisanzwe izwi ko yegukira aba-Democrats
  • Trump aza kuyobora imyiyamamazo y’umugoroba i Ohio mu gushigikira JD Vance, umwanditsi mbere yahoze anegura Trump
  • Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Jill Biden aja muri Virginia gushigikira umushingamateka Jennifer Wexton
  • Buramatari wa Florida, Umurepubulika Ron DeSantis, uyu akaba yitezwe nk’umukeba wa Trump mu matora ya 2024, aza kuba ari i Miami