Kompanyi y'indege yo muri Amerika yahagaritse abakozi mu kazi kuko basohoye Abirabure mu ndege

Indege ya American Airlines

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagabo batatu bari bitwariye iyo kompanyi mu kwezi kwa mbere kubera ivyashitse mu ndege yava Phoenix ija New York.
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News, Washington

Abakozi benshi ba American Airlines babaye bahagaritswe ku kazi kubera uruhara mu vyabaye aho ingenzi z'abirabure basohowe mu ndege kubera imyidogo ko hari umuntu anuka.

Izo ngenzi zitatu zaritwariye iyo kompanyi mu kwezi kwa gatanu, bavuga ko habaye gukumirwa bishingiye ku bwoko mu vyashitse kuri uwo wa 5 Nzero (1).

Mu rwandiko rwahawe abakozi, umuyobozi nshingwabikorwa mukuru Robert Isom avuga ko ivyashitse bitihanganirwa kandi ko kompanyi itubahirije inshingano zayo ku bakiriya.

Kompanyi yashize ahabona kandi ingingo zitari nke zigamije kwirinda ko ibintu nk'ivyo bisubira gushika, harimwo ''umugwi mpanuzwajambo'' uzoshimikira ku bimaze gushikira ingenzi z'abirabure.

Muri urwo rubanza rwo mu kwezi kwa gatanu, abagabo batatu - batari bicaranye kandi ata n'umwe azi uwundi - bavuze ko ingenzi yose y'umwirabure yasohowe muri iyo ndege hagati ya Phoenix muri Arizona na New York City.

Bose hamwe hasohowe ingenzi umunani.

''American Airlines yasohoye twebwe kubera turi abirabure, iratumaramaza, iratwambika ibara,'' niko abo bagabo bavuze mw'itangazo.

Abo bagabo batatu - Alvin Jackson, Emmanuel Jean Joseph, na Xavier Veal - mu nyuma barinjijwe basubizwa mu bibanza vyabo muri iyo ndege nyene.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'ikete yarungikiye abakozi ku wa 18 uku kwezi, Isom yavuze ko ''yababajwe birengeje n'ivyashitse kuri iyo ndege no kurenga ku ngingo tugenderako mu gukora''.

''Twaradohotse ku nshingano zacu kandi twarahemukiye ingenzi,'' niko yavuze.

Yongeyeko ko kompanyi iriko irakorana n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bw'abanyagihugu nka National Association for the Advancement of Colored People, canke NAACP (riharanira iterambere ry'abantu batari abazungu muri Amerika), kugira ''tugarure icizere''.

Si ubwa mbere American Airlines yagirijwe ikumira.

Mu 2017, NAACP yagiriye inama abirabure kwirinda iyo ndege, ivuga ko hari ''inyifato y''agasuzuguro'' no ''gukumira'' hamwe ''n'umuco muri iyo kompanyi wo kudatahura ubudasa bw'amoko n'uko bishoboka ko haba uguhengamira ku bwoko''.

Iyo nama NAACP yayivanyeho umwaka ukurikira iyo ndege itangaje ko yahinduye uburyo ikora.

Ku wa 4 uku kwezi ariko, NAACP yagabishije ko ishobora gusubira gutanga iyo nama kiretse American itanze ''inyishu ya vuba kandi y'ingingo'' ku vyahitse mu kwezi kwa Nzero(1).