Rafah: Abanya Palestina bati 'None ubu naho tuje hehe?'

Insiguro ya video, Abanya Palestina bahunze bava mu buraruko bwa Gaza bafise ubwoba aho bari muri Rafah
Rafah: Abanya Palestina bati 'None ubu naho tuje hehe?'

Mu gihe Israel ikomeza ibitero vya bombe mu muji wa Rafah uri mu bumanuko bwa Gaza, Abakuwe mu zabo babwiye BBC ko badashaka kuva muri Gaza. Umugore umwe yagize ati “Dushaka kwubaka amahema munsi y'amazu yacu yasambutse tukaba aho".

Ica kabiri c'abanye Gaza ubu baba muri Rafah inyuma yo gukurwa mu bice vyo mu buraruko n'ibitero vya Israel vyo mu kirere no ku butaka.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel n'umushikiranganji wo kwivuna abansi batanze amatangazo, yatumye abanya Gaza batekerwa n'ubwoba ko Rafah ishobora guterwa.

Abahungiye Rafah baratekewe n'ubwoba
Insiguro y'isanamu, Abahungiye Rafah baratekewe n'ubwoba