Nyamugigima muri Maroc: igitigiri c’abapfuye kimaze kurenga 2000
- Umwanditsi, Na By Laurence Peter & Maria Zaccaro
- Igikorwa, BBC News
Igitidiri c’abantu baguye muri nyamugigima (umutingito mu kinyarwanda) rutura muri Maroc kimaze kurenga 2000, n’abakomeretse bangana uko nyene.
Ubushikiranganji bwo hagati buvuga ko abarenga 1400 basinzikaye, kandi ko benshi mu bapfuye n’abakomeretse bari mu ntara zo mu bumanuko bwa Marrakesh.
Umwami Mohammed VI yatangaje ikigandaro c’imisi itatu aca ategeka ko hegeranywa amahema, imfungurwa n’ibindi kugira bafashe abacitse kw’icumu.
Hari benshi baraye ijoro rya kabiri hanze.
Mw’ijoro ryo ku wa gatanu, niho iyi nyamugigima ifise ibipimo vya 6.8 yatera Marrakesh n’ibindi bisagara bitari bike. Mu misozi ya kure, haravugwa ibigwati vyatikiye bigaherengetera.
Ahabereye iyi nyamugigima ni mu misozi miremire izwi nka Haut Atlas/High Atlas, ku birometero 71 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Marrakesh – igisagara gisanzwe ari umurage mpuzamakungu, kikaba kigenderwa cane na ba mukirarugendo.
Ariko kandi iyi nyamugigima yarumvikanye ku mugwa mukuru Rabat, ku birometero 350 uvuye aho yabereye, co kimwe no mu bisagara vya Casablanca, Agadir na Essaouira.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko intara ya Al Haouz ari yo yatakaje abantu benshi, igakurikirwa na Taroudant. Nta bantu benshi bapfuye muri Marrakesh n’aho ibintu bitari bike vyatikiye muri iki gisagara ca kera gisanzwe ari umurage wa UNESCO.
Bivugwa ko amazu menshi yubatswe mu matafari y’ivu, mu mabuye no mu biti mu bigwati vyo mu musozi yabomaguritse, ariko bizofata igihe kugira ngo hamenyekane neza ivyononekaye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe ashika mu kigwati kimwe muri ibi, umunyamakuru wa BBC Nick Beake avuga ko umutamakazi yariko ararira inyuma yo kubona ibiziga 18 bitowe mu kibanza kimwe.
Avuga ko benshi baraye hanze mw’ijoro kubera ubwoba bw’uko hashobora kuba izindi nyamugigima zikurikiye. Bavuga ko ata mfungurwa n’amazi bafise. Ariko ni ahantu hagoye gushika, kubera amabarabara yo mu misozi yuzuye ibibuye bitorohereza abajejwe ubutabazi kuhashika.
Amabendera aduzwa gushika hagati ku nyubakwa zose za reta mu gihugu mu misi itatu iri imbere, nk’uko itangazo ryo ku kirimba c’umwami ribivuga.
Umwami yategetse igisirikare gufasha amashirahamwe ajejwe ubutabazi, abanyagihugu ba Maroc bakaba bariko baratanga amaraso mu twigoro two gufasha abahuye n’iki kiza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hari imiryango itari mike yaguye mu mutego igihe iyi nyamugigima itera mw’ijoro ryo ku wa gatanu.
Montasir Itri asanzwe aba mu kigwati ca Asni kiri mu misozi, hafi y’ahabereye iyi nyamugigima, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: "Ababanyi bacu baracazibiriwe mu bihomoka, abantu bakaba bariko barakora uko bashoboye kugira ngo babarokore bakoresheje uburyo bwose bashoboye kuronka muri kino kigwati”.
Houda Outassaf yariko aratembera mu kibanza kizwi nka Jemaa el-Fna Square muri Marrakesh igihe yatangura kwumva isi iriko iranyiganyiga.
Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: "Mfise abantu nibura cumi bo mu muryango wanje bapfuye …birangora kwumva kuko nari kumwe nabo mu misi itarenze ibiri”.
Umunara w’umusigiti wa Jemaa el-Fna Square warasenyutse, amabarabara menshi mato mato yo mu gisagara ca kera ca Medina akaba yuzuye ibihomoka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Niyo nyamugigima ya mbere yishe abantu benshi muri Maroc kuva iyiheruka kwiha inkumbi muri Agadir yari ifise ibipimo vya 6.7 mu 1960, aho abarenga 12.000 bahatikiriye.
Nyamugigima yo ku wa gatanu kandi niyo ya mbere ikomeye ibaye muri Maroc mu kiringo kirenga ikinjana.
Ishirahamwe ONU rivuga ko ryiteguye gufasha reta ya Maroc mu twigoro twayo two gutabara – n’ibihugu bitari bike harimwo Espagne, Ubufaransa na Israel, bikaba vyemeye gufasha.
Igihugu kibanyi ca Algeria kimaze igihe gifise imigenderanire mibi na Maroc kuva mu myaka mike iheze, ariko cemeye kwugurura ikirere caco kugira ngo gikoreshwe n’amashirahamwe ajejwe ubutabazi yinjira muri Maroc.












