'Impozamarira ku bikorwa vy'ubuja ntizoba igizwe n'amafaranga' - Lammy

David Lammy
    • Umwanditsi, Nkechi Ogbonna
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Lagos

Umushikirangaji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, David Lammy, avuga ko indishi y'akababaro ku bihugu vyahoze bikoronijwe n'ico gihugu vyakozweko n'ibikorwa vy'ubuja "itoba iyo kubarungikira amafaranga".

Mw'ijambo ryiwe kuva aho abategetsi b'ibihugu 56 bihurikiye muri Commonwealth bashiriye umukono kw'itangazo rivuga ko igihe kigeze co kuganira ivyerekeye impozamarira, Lammy yabwiye BBC ko ivyo "atari vyo biganiro abantu bipfuza kugira".

Reta y'Ubwongereza iherutse kwiyamiriza kuriha indishi y'akababaro ku buja, ibiro vy'umushikirangaji wa mbere bikaba bivuga ko aho bahagaze harimwo "ubundi buryo bw'indishi y'akababaro atari amahera".

Lammy avuga ko Ubwongereza ahubwo bushobora kuraba uko bwoteza imbere imigenderanire n'ibihugu vya Afrika biciye mu nyigisho n'ubuhinga.

Mu rugendo rwiwe rwa mbere yagize ku mugabane wa Afrika nk'umushikiranganji w'imigenderanire, Lammy yavuze ko impozamarira itazoba ari iyo amahera, "na cane cane muri iki gihe hari ikibazo c'ubuzima buzimvye".

Impozamarira n'ingingo zifatwa zifise intumbero yo gushumbusha abakorewe ibibi, kandi ishobora kuba amahera canke ikimenyetso.

Ibihugu vyo mu mazinga ya Caraïbes vyarashize ku rutonde ibintu cumi vyokorwa nk'indishi y'akababaro, aho bisaba kurihirwa amadeni hamwe no guhabwa amahera.

Avugira i Lagos, igisagara co ku kivuko muri Nigeria, ahahoze ari ikibanza gikomeye cacishwamwo abaja, uwo mushikiranganji w'imigenderanire yavuze ko ico gihe " cari giteye ubwoba kandi kibabaje" kandi ko casize "inkovu".

"Namuka ku baja, ivyo rero ndavyemera."

Lammy yavuze ko ari vyiza ko hasabwe ikigongwe " kandi twarahimbaje umusi wahariwe guhagarika urudandaza rw'abaja" igihe umugambwe w'abakozi [Travailliste/Labour] waherukira ku butegetsi.

Ubwongereza ntiburigera busaba ikigongwe ku mugaragaro ku ruhara bwagize mu rudandaza rw'abaja, n'aho mu 2007, uwari umushikiranganji wa mbere wo mu mugambwe w'abakozi, Tony Blair yavuze:"Narabivuze:Turasavye imbabazi. Kandi ndabisubiyemwo kandi ubu."

Reta y'Ubwongereza hamwe n'ingoma y'acami vyaragize uruhara rukomeye mu myaka ibinjana mu rudandaza rw'abaja rwabaye kuva mu 1500, co kimwe n'ibindi bihugu vya Buraya.

Ubwongereza kandi burafise uruhara rukomeye mu kurangiza urwo rudandaza, biciye kw'itegeko ryatowe n'inama nshingamateka ryo guhagarika urudandaza rw'abaja mu 1833.

David Lammy ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'izinga rya Samoa, Fiame Naomi Mata'afa, mu nama iheruka ya CHOGM, aho bamwe mu bategetsi bari muri Commonwealth basaba ko haba ibiganiro ku ndishi y'akababaro

Ahavuye isanamu, FCDO

Insiguro y'isanamu, David Lammy ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'izinga rya Samoa, Fiame Naomi Mata'afa, mu nama iheruka ya CHOGM, aho bamwe mu bategetsi bari muri Commonwealth basaba ko haba ibiganiro ku ndishi y'akababaro
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyo Lammy yavuze bikurikiye ibiganiro ku mpozamarira vyabereye mu nama y'abarongoye Commonwealth yabereye i Samoa mu kwezi kwa Gitugutu(10).

Mu gihe hari ako kamo k'abakuru b'amareta ari muri Commonwealth ko gusaba indishi ku ruhara ico gihugu cagize mu rudandazwa rw'abaja, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere bivuga bishimitse ko ico kibazo gishobora kutazoba kiri ku rutonde rw'ivyigwa.

Ariko mu nyuma Sir Keir Starmer yarashize umukono ku nyandiko ihamagarira ibiganiro ku "ndishi y'akababaro" ari kumwe n'abandi bategetsi ba Commonwealth - n'aho yavuze ko ata biganiro vyerekeye amahera vyavuzwe muri iyo nama.

Lammy yavuze ko yemera ko ibihugu biri mu nzira y'amajambere vyoronswa nk'indishi y'akababaro, inyigisho zerekeye ubuhinga zitanzwe n'Ubwongereza.

Lammy yavuganye na BBC atanguye urugendo rwiwe, aho azogendera igihugu ca Nigeria na Afrika y'Epfo - biri mu bihugu bitunze cane ku mugabane wa Afrika.

Yavuze ko Ubwongereza bukeneye "ubundi buryo bwo gukorana na Afrika" kandi ko ashaka gutanguza ibiganiro vy'amezi atanu n'ibihugu vya Afrika.

Yavuze ko hari vyinshi vyahindutse kuva kuri reta ya nyuma y'abakozi, aho ivyashimikirwako cane " vyari ahanini iterambere".

Yavuze ko yipfuza kubona hari ugufashanya gukomeye gusumba hagati y'Ubwongereza n'ibihugu vya Afrika.

"Ivyo numvise n'uko Ubwongereza bwateye intambwe ija inyuma mu myaka mike iheze.

"Hari vyinshi nibaza dushobora gukorana mu mezi no mu myaka iri imbere."

Abajijwe ibindi vyerekeye Afrika, Lammy yavuze ko intambara zibera muri Sudani "ziri muziteye umutima uhagaze" kandi ko ategura kuzishira mu vyihutirwa mu kwezi kwa Munyonyo(11), igihe Ubwongereza buzobisanya ku burongozi bw'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi na Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Yavuze ko abantu bahasiga ubuzima " barenze ukwemera kandi barenze abandi bagwa mu zindi ntambara kw'isi", akaba yiteze kwerekana uko ako kaga kifashe n'imigambi yo "kugasohokamwo mu mahoro".

Yongeyeko ko "bibabaje kuba Sudani ititaweho n'amakungu nk'uko bitegerejwe," uravye "inkurikizi z'umurengera" kuri Afrika n'ahandi.